Intumbero y'urwo ruganda kwari ukugira ngo abaremeshakiyago, mu bijanya n'amategeko, bahanahane ubumenyi n'abandi basanzwe bakora mugisata c'ubutungane
Igisata c'ubutungane n'amahoro ku rwego rw'igihugu, cifatanije n'igisata c'ubutungane n'amahoro muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, caratunganije inyigisho ku baremeshakiyago mu butungane bava mu makomine Mubimbi, Isale na Mugongomanga. Izo nyigisho zabereye i Bujumbura, ku magenekerezo ya 8 na 9 Munyonyo 2018. Intumbero y'urwo ruganda yatanzwe na Apollinaire NIYONGABO asanzwe ajejwe gushira mu ngiro uwo mugambi ku rwego rw'igisata c'ubutungane n'amahoro, ku rwego rw'igihugu, aho yamenyesheje ko ari ukugira ngo abaremeshakiyago, mu bijanya n'amategeko, bahanahane ubumenyi n'abandi basanzwe bakora mugisata c'ubutungane.
Nk'uko vyashikirijwe na Patiri Alexis KARERWA, asanzwe ari icegera c'Umunyamabanga Nshingwabikorwa w'igisata c'ubutungane muri Diyoseze ya Bujumbura, ngo mu butumwa bw'igisata c'ubutungane n'amahoro muri diyoseze harimwo ugufasha gukomeza ikibano ciza, ati: "Dufasha abantu kumenya amategeko abagenga, ariko tugamije kubafasha kwubaka ikibano ciza.
Igisata c'ubutungane n'amahoro kurwego rw'igihugu kibicishije ku gisata c'ubutungane n'amahoro muri Diyoseze ya Bujumbura, kiriko kirarangura umugambi "BBB", umugambi wo gutsimbataza amahoro mu makomine ya Mubimbi, Isale na Mugongomanga, zose ziri mu gace ka Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Patiri Alexis KARERWA yaboneyeho kumenyesha ko abo baremesha kiyago ari umugwi wabantu 10 batowe mu bandi, kandi bafise akamaro ntangere mw'irangurwa ry'uwo mugambi. Kubwiwe, abo baremeshakiyago bafasha cane mu gushigikira no gukomeza intwaro ibereye, bakaba bafise ubutumwa bwo gusigurira abandi ibijanye n'amategeko, hamwe n'uko amasentare yiturwa.
Apollinaire NIYONGABO na we yaribukije ko abo baremeshakiyago basanzwe bahura n'ingorane nyinshi mu kurangura ibikorwa vyabo kuko ivy'amategeko ari vyinshi, kandi bakaba ata bumenyi buhagije mu vy'amategeko bafise. Yavuze ati: "Muri mwenyene, nta vyinshi mwokora, ni yo mpamvu mukeneye guhura n'abandi, mukaganira, bakababwira uko bakora.
Uwundi yagize ico ashikirije ni Barthélémy NTAKARUTIMANA, asanzwe ari umusanganyabikorwa mu gisata c'ubutungane n'amahoro ku rwego rw'igihugu. Uyu na we yavuze ko umugambi "BBB" uriko urarangurirwa ku rwego rw'igihugu mu ma Diyoseze ya Bubanza, Bujumbura, Bururi, Rutana na Muyinga. Yamenyesheje ko aho hose uwo mugambi umaze gushirwa mu ngiro, ukora mu mice itatu: hari abahuza bajejwe gufasha gutatura amatati bidaciye mu ngimba no kwumvikanisha abatase, umugwi ugira kabiri ni abaremeshakiyago mu bijanye n'amategeko bafasha gusigurira abantu ibijanye n'amategeko, hamwe n'imboneza zifasha mu guhuza abajejwe intwaro n'abenegihugu. Yamenyesheje kandi ko abo bantu bose bafasha muri uwo mugambi ko baronse inyigisho zibafasha muri ubwo butumwa.
Tubamenyeshe ko muri urwo ruganda hari hatumiwe abakuru b'amasentare, inyamiramabi, abo baremeshakiyago nyene, abaserukira abashingantahe basanzwe bakorera muri ayo makomine, ndetse n'ishirahamwe ry'abanonosoye amategeko b'abakatolika. Muri urwo ruganda, iyo migwi yose ikaba yararonse akaryo ko kuvuga muri make ibikorwa bakora, intumbero zabo ndetse na bimwe mu vyo bamaze kurangura.
RĂ©novat NIYONSENGA/CDJP