TWUMVIRIZE IRYO IMANA ITUYAGIRA- UMUNSI MUKURU W'UBUTATU BWERANDA (NA PatiriVĂ©nuste NIYONTORE)
Date de publication: 25/05/20185463 Vues Publié par : NIBITANGA Michel
Ibisomwa vyeranda vyo kuri uyu musi mukuru bije kudufasha gutegera amabanga ahambaye y'ikinyegezwa c'Ubutatu bweranda mu kwemera kwacu, vyongera bidutumirira kubwigana mu bunywanyi bwa twe na bene wacu
Kuri iyi dominika y'Ubutatu Bweranda, turahimbaza twongera twigina umusi mukuru w'Imana-Muryango wunze ubumwe bwuzuye, ubumwe mu rukundo, ubumwe budatandukanywa. Turaninahaza icarimwe Mana Data, Mana Mwana, na Mana Mutima-Mweranda, ari yo Mana imwe Rudende. Ekleziya irabitwibutsa ko Imana yacu irimwo «Abapersona batatu». None, twotegera gute ibijanye n'ico kinyegezwa c'Ubutatu bweranda? Abobapersona batatu bashaka ko ubumwe bwabo twobukuramwo ikihe citegererezo?

Egome, Ubutatu bweranda  burafise ico butwigisha, kuko si ivy'imbeshere, mu gihugu cacu turacakeneye cane guhinduka no guhindura ingendo, tukagira ubumwe nyabwo hagati yacu nk'abasangiye igihugu, kanatsinda turi bamwe, kuko ico dupfana kiruta ico dupfa: dusangiye Umuvyeyi umwe, Dawe wa twese wo mw'ijuru, kuko mu buvukanyi bwa Mwana twese tuvuga tuti «Abba! Dawe!», ari na co gituma dukwiye kwumvira ijwi rya Mutima-Mweranda ryama rivugira mu mitima yacu, ritwibutsa kugiriranira ineza nk'abafitaniye ubunywanyi koko. 

Bakundwa b'iyo Mana-Muryango, ibi bisomwa vyeranda bije kudufasha gutegera amabanga ahambaye y'ikinyegezwa c'Ubutatu bweranda mu kwemera kwacu, vyongera bidutumirira kubwigana, ivyo na vyo bikaba bisaba kwikebuka, tukanagura ubunywanyi dufitaniye na benewacu, tugasenyera ku mugozi umwe, ni ho tuzoshobora kuguma mu rukundo rw'Imana. Kwinjira muri ubwo bunywanyi na vyo bitugira abantu babushitse, tukaba ingoro y'Ubutatu bweranda.

Igisomwa cambere kiradufasha kuzirikana ku mupersona wa mbere, Imana, n'ubumana bwiwe. Mu gisomwaca kabiri na ho, duhamagarirwa kwemera ko umupersona wa kabiri, Mutima-Mweranda, ari we wenyene yoturongora nk'abana b'Imana. Na ho mu Nkuru Nziza ya Yezu-Kristu, uwo mupersona wa gatatu, aradusaba kwubahiriza ubumwe bwa Data, Mwana na Mutima Mweranda. Nkako, mu kugaragaza ko tumwemera, ikintu duherako ni ukubatizwa mw'izina ry'iyo Mana-Muryango nyene. Nitubizirikane.

IGISOMWA CA MBERE (Amategeko 4,32-34.39-40) 

«Umukama ni we Mana y'ijuru n'isi, kandi nta wundi Mana atari we» (Ivyo dusoma mu gitabu c'Amategeko)

Muri iryaminsi, Musa yabariye ishengero ry'Abanyisraeli, ati:

«Emwe, murabaririkiza ivyabaye kera na rindi mutarabaho, kuva kuri wa musi nyene Imana yarema abantu kw'isi, kuva ku mpera y'ijuru gushika ku yindi: mbe hari igihwanye n'iki kintu gihambaye, canke hari abigeze bumva igihwanye na co? Mbega, hari abandi bantu bigeze bumva ijwi ry'Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nkuko mwebwe mwaryumvise, bagaheza bakaragama? Canke hari Imana yindi yaje kwitorera no gukura ingabo hagati mu yindi ntara, ikazikurayo mu kuzigerageza no mu gukoresha ibimenyetso, ibitangaro, intambara, ukuboko gukomeye kandi kuramvuye, be n'ibimenyetso vy'agacamutwe, nk'ivyo vyose Umukama Imana yanyu yabakoreye mu Misiri muvyibonera?

Ni uko rero uyu munsi ni mumenye kandi muzirikane mu mutima, ko Umukama ari we Mana y'ijuru n'isi kandi ko ata wundi atari we. Ni muzigame rero ya mabwirizwa yiwe mbahaye uyu munsi, kugira ngo mwe n'abana banyu bazovuka hanyuma muze muhirwe muri ca gihugu Umukama Imana yanyu abahaye ubutisubirako.» 

IGISOMWA CA KABIRI (Rom.8,14-17)  

«Mwaronse umutima w'abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti:Dawe!» (Ivyo dusoma mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani)

Ncuti zanje: Abarongowe na Mutima w'Imana bose ni bo bana b'Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w'abashumba ngo musubire kwama mu bwoba, ariko mwaronse umutima w'abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti: «Abba! Dawe!». Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza yuko turi abana b'Imana. Ko turi abana, turi n'abaragwa: abaragwa b'Imana n'abatorana iragi hamwena Kristu, dusanzwe dusangiye na we kubabara, tuzosangira n'ubuninahazwa nyene.

INKURU NZIZA (Mat. 28, 16-20)

«Mubabatize kw'izina rya Data n'irya Mwana n'irya Mutima-Mweranda» (Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Matayo)

Muri irya misi, ba bigishwa cumi n'umwe bagiye i Bugalile ku musozi Yezu yari yabagenekereje. Bamubonye baramupfukamira, yamara harimwo abakekereza. Yezu abegereye, arababarira ati: «Naronse ubukuru bwose kw'isi no mw'ijuru. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw'izina rya Data n'irya Mwana n'irya Mutima-Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w'isi.»

TUZIRIKANE IJAMBO IMANA ITUYAGIYE

«Mubabatize kw'izina rya Data n'irya Mwana n'irya Mutima-Mweranda».

Bakristu dusangiye ubunywanyi mu Butatu bweranda, nitugire Kristu muri Data, Mwana na Mutima-Mweranda.

Kuri uyu musi w'Imana, aho turiko duhimbaza umusi mukuru w'Ubutatu bweranda, turahimbaza tukongera tukazirikana ikinyegezwa c'Imana imwe rudende mu Butatu bwayo Bweranda: Data,Mwana na Mutima-Mweranda. Tuvuga ko ari ikinyegezwa kuko kirengeye ivyo dushobora gutegera n'ugutahura dukoresheje ubwenge bwacu bwonyene. Nkako, imvugo dukoresha yose ntishikana ku nsiguro ishitse y'akaranga k'Imana. Biragoye gutegera ko hoba Umuntu umwe muri batatu dukoresheje ubushobozi bw'ubwenge bwacu bwonyene. Ariko, si ukuvuga ko ivyo tudategera atari vyo. Tumurikiwe n'Umuco w'ukwemera, turabitahura.

IMANA-DATA MU MURYANGO W'UBUTATU BWERANDA NI IMANA UMUREMYI W'IJURU N'ISI, NTITUYIBANGIKANYE 

Ijambo ry'Imana dushikirijwe kuri uyu musi rirabigaragaza, kuko iyo Mana yo nyene ubwayo yatwihishuriye ko ari Imana imwe-muryango wa Data, Mwana na Mutima-Mweranda. Mu gisomwa ca mbere twumvise ko iyo Mana imwe ari yo nsa yamye hafi y'igihugu cayo Israëli, ikagitora, ikagitonesha, ikongera ikagiriranira isezerano na co. Ntiyigeze ihemukira abana bayo, n'aho bo batasiba kuyitera akagere.

Iyo mana imwe Mudahemuka ni yo twumvise Musa ariko asubira kwibutsa igihugu c'Israeli cama cavyiyobagije: «Mumenye kandi muzirikane mu mutima ko Umukama ariwe Mana y'ijuru n'isi kandi ko ata wundi atari we». Nta kuyibangikanya canke kuyivanga n'ibindi bigirwamana kuko urukundo rwayo ruyituma yama irondera kwiyegereza abantu bose. 

IMANA-MWANA MU MURYANGO W'UBUTATU BWERANDA NI KRISTU WE «GASHUSHO K'IMANA ITABONEKA» 

Ubunywanyi bw'intacika dusanga mu Butatu bweranda, Imana yamye ishaka kubwunga n'abantu, kandi bwaragaragaye bimwe bishitse mu kwigira umuntu kwa Yezu Kristu umwana wayo w'ikinege, we «Gashusho k'Imana itaboneka» (Kolosi.1,15). Ubwo bunywanyi bukomoka kuri yo kuko ari Imana muryango wa Data na Mwana na Mutima-Mweranda. Kugira ngo twinjizwe mu muryango w'abana bayo,  Yezu ahaye itegeko abigishwa biwe ryo kubatiza «kw'Izina rya Data, n'irya Mwana n'irya Mutima-Mweranda». Turaheza tukabona ko muri Yezu Kristu ariho duhishurirwa ico kinyegezwa c'Ubutatu bweranda. Ni we atumenyesha ko afise Se yamurungitse kandi ko be na se bagize umwe (Yohani 10,30). Yaraduhishuriye ko hari Se tutabona n'amaso yacu, mugabo abonekera muri Mwana yaturungikiye, araheza mbere aranatwigisha kumwambaza muri ca gisabisho ca "Dawe wa twese". 

IMANA MUTIMA-MWERANDA MU MURYANGO W'UBUTATU BWERANDA NI UMWIGISHA ADUKOMEREZA UKWEMEZA

Uwo YezuKristu nyene niwe yaduhishuriye uruhara rwa Mutima-Mweranda. Mu buzima bwiwe yama avuga ko agenzwa n'uwo Mutima aho yavuga ati: "Mutima w'Umukama ari kuri jewe" (Luka 4, 18). Igihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa se na ho, yaratomoye ko abatumwa biwe bagiye kuronka Mutima-Mweranda azorungikwa na Data na Mwana "Mutima-Mweranda Data azorungika kw'izina ryanje ni we azobigisha vyose" (Yoh 14,26); gutyo tuba turahishuriwe ko Mutima-Mweranda ahuza Data na Mwana nk'agahivu k'ubumwe n'urukundo.

IGITUMA ABAKRISTU BABUSHITSE BEMERA UMURYANGO W'UBUTATU BWERANDA

Bavukanyi, n'ubwo hari abangushi bakunda kuvuga bihenda ko Imana tuvuga ari imwe n'aho tuyisenga kwinshi duciye mu nzira zitandukanye, ukwemera Imana nk'Ubutatu budatana mu ndagano ni akaranga twebwe abakristu b'aba Katolika twisangije. Turemera ko Imana Data, Imana Mwana n'Imana Mutima-Mweranda banganya iteka ry'ukuba umuryango umwe, n'aho umwe umwe wese afise akaranga kiwe. Erega, ubwo bumwe bwa Mana-Muryango, turashobora no kubutegera twisunze igitabu c'Amamuko, aho haba igikorwa c'irema, kuko cabaye muri ubwo bumwe nyene: "Tugire umuntu, tumwishushanyeko, ase natwe" (Amamuko 1,26). 

Ntihagire uwutwihendako, na yindi mana dushobora kwita Dawe, nta yindi mana yitwararika umuntu, nta yindi mana dushobora kunywana na yo ku bwa Yezu Kristu Umwana wayo mu bumwe bwa Mutima-Mweranda, atari Imana Data, Umuremyi w'ijuru n'isi, ibiboneka n'ibitaboneka.

Kuri uyu musi uri hejuru w'Ubutatu bweranda, nidutegere rero ko ibatisimu yatwinjije ku buryo budasanzwe muri uyo muryango w'Ubutatu Bweranda. Erega n'ubundi, ntitwirengagize ko igihe umuntu atari bwiyambure agashusho k'Imana yari yaremwe ashusha n'abagize uwo muryango. Ntitwoheza rero ngo twanjanjwe kuri iryo teka twatewe. Kwinjira muri ubwo bunywanyi na vyo bitugira abantu babushitse, tukaba ingoro y'Ubutatu bweranda. Yezu ati: "Uwunkunda, na Data azomukunda, duheze tuze iwe tumugireingoro yacu" (Yoh.14,23).

Mu guhimbaza uyu Musi mukuru rero bavukanyi, nimuze dukengurukire iyo Mana yatwinjije muri ubwo bunywanyi bw'urukundo, kandi twebwe twatorewe kwinjira muri iryo sezerano duhimbarwe, duheze tubone kuba ivyabona vy'urwo rukundo Imana idushakako.

Muragahorane Inema y'Umukama wacu Yezu Kristu, Urukundo rw'Imana, n'ubunywanyi bwa Mutima-Mweranda. Amen.
PatiriVĂ©nuste NIYONTORE
Commentaires
Recherche
Horaire des Messes
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Parole de Dieu
Avez-vous une question?
Faire un Don
Tweets de CEDICOM
Tweets du Pape
Posts de CEDICOM
165 Visiteurs en ligne
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Nos contacts
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Inscription Ă  la newsletter
Posez une question
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Faites un don au Diocèse* Caritas pour les vulnérables* Formation des Séminaristes et des catéchistes* Construction des Eglises dans les Succursales* Soutien aux prétresModalités de donationTransfert sur un compte de l'ArchidiocèseEn francs burundais : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)En Dollar américain : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIEn Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI