Abakristu bo mu Gatumba bararonse akaryo kisanzuye k'ukuramukanya n'Umwungere wabo, na rirya bwari ubwa mbere agendereye iyo Paruwase kuva ashinzwe amabanga yo kuyobora Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 13 Nzero 2019, Paruwase yitiriwe umweranda Francisco Xaveri yo mu Gatumba yari iramukanye akanyamuneza ko kwakira Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA. Urugendo rwiwe rwatangujwe n'Inkuka y'imisa yaherejwe na we mu kwifatanya n'abakristu bo mu Gatumba, ikaba yatanguye isaha zine n'igice zo mu gatondo, irongowe n'uwo mwepiskopi nyene, ari kumwe n'abasaserdoti barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase, Patiri Jacques NDAYISENGA (Patiri mukuru), na Patiri François NTAGAHORAHO (Vicaire ajejwe gutunganya ivy'ubutunzi).
Muri iyo Misa, Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yaratanze insiguro y'ibisomwa vyeranda vyasomwe kuri uwo musi, aho yashimikiye ahanini kw'ibatisimu ya Yezu, be n'icatumye Yezu Kristu Umwana w'Imana abatizwa. yabisiguye ati: "Ni ikimenyetso c'uko Yezu azopfa, agahambwa, hanyuma akazozuka".
Inkuka y'imisa igiye kurangira, Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yarasiguriye kandi abakristu bo mu Gatumba ikimenyetso aheruka kugabana n'ukwambikwa, "Icatabugabo" ("Pallium" mu rurimi rw'igifaransa n'ikilatini). Yasiguye ko Icatabugabo ari ikimenyetso kiranga umwungere mukuru ashinzwe kurongora intara z'ubutumwa y'Ekleziya. Yaranasiguye ico ari co intara y'ubutumwa. Ku bimwerekeye, ngo intara y'ubutumwa aherutse gushingwa ikaba igizwe na Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Diyoseze Bubanza na Diyoseze Bururi, akaba rero ari na we akuriye abepiskopi barongoye izo Diyoseze.
Inkuka y'imisa yarangiye igihe c'isaha zitandatu n'igice, hanyuma abakristu baca baronka akaryo kisanzuye k'ukuza kuramukanya n'Umwungere wabo, na rirya bwari ubwa mbere agendereye iyo Paruwase kuva ashinzwe ayo mabanga yo kuyobora Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Mbere benshi muri bo baranavuze ko ryari irya mbere bamubonye amaso mu yandi, bikaba vyaragaragara rero ko bamufitiye igishika cinshi cane, banamwereka n'akanyamuneza k'ukumwigina.
Ni na ho mbere haciye hanakurikira agatutu, kakaba kabereye mu kigo c'abasaserdoti. Hano ni na ho hanavugiwe amajambo menshi y'uwo musi. Inyuma y'uguteramana n'abakristu bo mu Gatumba umwanya utari muto, Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, n'umunezero mwinshi w'ukuntu bamwakiriye neza, akaba yarabemereye ko azogaruka kandi no hanyuma, atari uko aje mu Misa vyonyene, ahubwo na cane cane aje kumarana imisi n'abakristu ngo bayage ikiri ku mutima, bafise umwanya ukwiye!
Tubamenyeshe ko ivyo birori vyasozerewe n'umuhezagiro, abaja kure barataha, na bo abatihuta bobo baca babandanya biteramira, babandanya biginana, bongera binovora ivyiza vy'iteka Imana yari ihejeje kubatera mu kubarungikira Umwungere wabo ngo ateramane n'ubusho bwiwe.
Alain-Berthin IRAKOZE et Antoinette BATUNGWANAYO