Ibikorwa vy'ukwubakira uburaro uwutishoboye yitwa LĂ©opold Nduwimana birabandanya
Itariki: 8/1/2021Ababisomye 28762 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Abo akristu bo mu mubano mukuru wa Kajiji bariko bafasha uwo munyamuryango mu rwego rw'umugambi bise «Mbega mugenzanje ni nde?», umugambi ufise intumbero y'ukwitanaho ku babana hafi na hafi mu mibano rukristu, kugira ngo ntihagire umunyamubano yogira ingorane, bagenzi biwe ngo bareke kugira ico bamufashije
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Nzero 2021, abagize igisata kijejwe ukumenyesha amakuru ya paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha barishikiye muri karitiye Kajiji zone ya Kanyosha, ahariko harubakwa inzu y'uburaro bw'uwutishoboye yitwa LĂ©opold Nduwimana. Ni iyo nzu iriko yubakwa n'abakristu bo muri paruwase Kanyosha basanzwe basangiye umubano rukristu n'uwo mukristu, umubano mukuru wo mu Kajiji. Nk'uko bavyiboneye, ibikorwa bikaba bigeze ku ntambwe ishimishije.

LĂ©opold Nduwimana ni umwe mu bakristu asangiye umubano rukristu wo mu Kajiji n'abakristu bagenzi biwe bo muri karitiye Kajiji ya zone Kanyosha, muri paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha. Abanyamubano bagenzi biwe bamwiyumviriyeko ngo bamuhe imfashanyo y'ukumwubakira inzu y'uburaro bafatiye ku kibazo yari afise c'ukutishobora, kuko asanzwe agendana ubumuga bw'amaguru, akaba agendera kw'ikinga ry'abagendana ubumuga.

Ubwo bufasha buriko bugirirwa umunyamubano LĂ©opold Nduwimana mu gihe inzu yiwe yahora abamwo yaheruka guhitanwe n'umwuzure waturutse ku mvura nyinshi, umwuzure mbere wahitanye n'izindi nzu nyinshi z'aho nyene muri zone Kanyosha, inzu zirenga 300. Cane cane karitiye Kajiji ikaba ari yo yari yababaye cane. Ivyo vyose bikaba vyaturutse ku mvura nyinshi cane yaguhe mu mwaka uheze, ikaba yarononye ibintu bitari bike, harimwo n'ibikoresho vya nkenerwa vyo mu mazu atandukanye.

Kuva ico gihe, abantu batari bake baciye bata izabo, baja gusaba indaro hirya no hino, harimwo n'umuryango wa Nduwimana LĂ©opold, ugizwe n'abantu batandatu: we n'umufasha wiwe, hamwe n'abana bane. Ni ho rero abakristu basangiye umubano mukuru rukristu n'uwo mukristu bahavuye baja inama, bagiwe imbere n'abasuku b'imibano yo muri karitiye Kajiji, bakigira hamwe ukuntu bomusanurira inzu y'uburaro ngo aronke aho abandanya atungira umuryango wiwe. 

Bamaze guca irya n'ino ikibazo ciwe, barigiriye ingingo y'uko bomwubakira inzu nshasha y'uburaro, kandi bakamwubakira iyikomeye gusumba iyo yasenyutse. Ku bwabo, ngo ikibazo c'uwo munyamubano mugenzi wabo cari gihambaye, kuko ngo butari bubaye ubwa mbere bamusanurira, ariko n'ubundi inzu bamusanuriye zose zigasubira kubomorwa n'imvura, kuko zaba zubatswe mu buryo busanzwe, zidakomeye. Yari amaze gusanurirwa incuro zibiri zose, ariko aho hose ziguma kubomorwa n'imvura, ari na yo mpamvu ubu bahisemwo kumwubakira iyikomeye gusumba.

Nk'uko twabimenyeshejwe na Anicet Habonimana, icegera c'umusuku w'inama mpuzamibano yose igize paruwase Kanyosha, akaba ari n'umukristu wo mu mubano mukuru wo mu Kajiji, ubwo butumwa, abo akristu bo mu mubano mukuru wa Kajiji ngo babufashe mu minwe mu ntumbero y'ubutumwa bw'umugambi bise «Mbega mugenzanje ni nde?», ubutumwa bwatangujwe n'uwo mukristu Anicet Habonimana nyene. Intumbero yabwo ngo ikaba ari iy'ukwitanaho bamwe ku bandi, ari na ho babana hafi na hafi mu mibano rukristu ngo bahamagarirwa kwumva ko ata muntu yogira ingorane ngo bareke kugira ico bamufashije ngo azivemwo.

Ni ha ho rero umunyamubano Léopold Nduwimana, bagenzi biwe b'abakristu bo muri paruwase Kanyosha basanzwe basangiye umubano rukristu umubano mukuru wo mu Kajiji bariko bamwubakira inzu nshasha ikomeye, kandi yo mu buryo wa Kijambere. Bakaba bariko bakoresha amabuye, ivyuma, n'isima ivanze mu buryo bita «béton» mu rurimi rw'igifaransa. Eka n'amatafari, hakaba hariko harakoreshwa ayaturiye.

Ariko n'ubwo urwubako rushitse ku ntambwe ishimishije, mwomenya kandi ko ibikorwa bigisigaye vyovyo bikiri vyinshi, nk'uko twabandanije tubimenyeshwa na Anicet Habonimana, abandanya atera akamo abakristu bamaze kugira ico bafashije ndetse n'abandi ko bobandanya guterera ubwo butumwa kugira ico gikorwa kibandanye kuko hagikenewe gukorwa ibitari bike.

Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha 
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 113
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI