Abo akristu bo mu mubano mukuru wa Kajiji bariko bafasha uwo munyamuryango mu rwego rw'umugambi bise «Mbega mugenzanje ni nde?», umugambi ufise intumbero y'ukwitanaho ku babana hafi na hafi mu mibano rukristu, kugira ngo ntihagire umunyamubano yogira ingorane, bagenzi biwe ngo bareke kugira ico bamufashije
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Nzero 2021, abagize igisata kijejwe ukumenyesha amakuru ya paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha barishikiye muri karitiye Kajiji zone ya Kanyosha, ahariko harubakwa inzu y'uburaro bw'uwutishoboye yitwa LĂ©opold Nduwimana. Ni iyo nzu iriko yubakwa n'abakristu bo muri paruwase Kanyosha basanzwe basangiye umubano rukristu n'uwo mukristu, umubano mukuru wo mu Kajiji. Nk'uko bavyiboneye, ibikorwa bikaba bigeze ku ntambwe ishimishije.
LĂ©opold Nduwimana ni umwe mu bakristu asangiye umubano rukristu wo mu Kajiji n'abakristu bagenzi biwe bo muri karitiye Kajiji ya zone Kanyosha, muri paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha. Abanyamubano bagenzi biwe bamwiyumviriyeko ngo bamuhe imfashanyo y'ukumwubakira inzu y'uburaro bafatiye ku kibazo yari afise c'ukutishobora, kuko asanzwe agendana ubumuga bw'amaguru, akaba agendera kw'ikinga ry'abagendana ubumuga.
Ubwo bufasha buriko bugirirwa umunyamubano LĂ©opold Nduwimana mu gihe inzu yiwe yahora abamwo yaheruka guhitanwe n'umwuzure waturutse ku mvura nyinshi, umwuzure mbere wahitanye n'izindi nzu nyinshi z'aho nyene muri zone Kanyosha, inzu zirenga 300. Cane cane karitiye Kajiji ikaba ari yo yari yababaye cane. Ivyo vyose bikaba vyaturutse ku mvura nyinshi cane yaguhe mu mwaka uheze, ikaba yarononye ibintu bitari bike, harimwo n'ibikoresho vya nkenerwa vyo mu mazu atandukanye.
Kuva ico gihe, abantu batari bake baciye bata izabo, baja gusaba indaro hirya no hino, harimwo n'umuryango wa Nduwimana LĂ©opold, ugizwe n'abantu batandatu: we n'umufasha wiwe, hamwe n'abana bane. Ni ho rero abakristu basangiye umubano mukuru rukristu n'uwo mukristu bahavuye baja inama, bagiwe imbere n'abasuku b'imibano yo muri karitiye Kajiji, bakigira hamwe ukuntu bomusanurira inzu y'uburaro ngo aronke aho abandanya atungira umuryango wiwe.
Bamaze guca irya n'ino ikibazo ciwe, barigiriye ingingo y'uko bomwubakira inzu nshasha y'uburaro, kandi bakamwubakira iyikomeye gusumba iyo yasenyutse. Ku bwabo, ngo ikibazo c'uwo munyamubano mugenzi wabo cari gihambaye, kuko ngo butari bubaye ubwa mbere bamusanurira, ariko n'ubundi inzu bamusanuriye zose zigasubira kubomorwa n'imvura, kuko zaba zubatswe mu buryo busanzwe, zidakomeye. Yari amaze gusanurirwa incuro zibiri zose, ariko aho hose ziguma kubomorwa n'imvura, ari na yo mpamvu ubu bahisemwo kumwubakira iyikomeye gusumba.
Nk'uko twabimenyeshejwe na Anicet Habonimana, icegera c'umusuku w'inama mpuzamibano yose igize paruwase Kanyosha, akaba ari n'umukristu wo mu mubano mukuru wo mu Kajiji, ubwo butumwa, abo akristu bo mu mubano mukuru wa Kajiji ngo babufashe mu minwe mu ntumbero y'ubutumwa bw'umugambi bise «Mbega mugenzanje ni nde?», ubutumwa bwatangujwe n'uwo mukristu Anicet Habonimana nyene. Intumbero yabwo ngo ikaba ari iy'ukwitanaho bamwe ku bandi, ari na ho babana hafi na hafi mu mibano rukristu ngo bahamagarirwa kwumva ko ata muntu yogira ingorane ngo bareke kugira ico bamufashije ngo azivemwo.
Ni ha ho rero umunyamubano Léopold Nduwimana, bagenzi biwe b'abakristu bo muri paruwase Kanyosha basanzwe basangiye umubano rukristu umubano mukuru wo mu Kajiji bariko bamwubakira inzu nshasha ikomeye, kandi yo mu buryo wa Kijambere. Bakaba bariko bakoresha amabuye, ivyuma, n'isima ivanze mu buryo bita «béton» mu rurimi rw'igifaransa. Eka n'amatafari, hakaba hariko harakoreshwa ayaturiye.
Ariko n'ubwo urwubako rushitse ku ntambwe ishimishije, mwomenya kandi ko ibikorwa bigisigaye vyovyo bikiri vyinshi, nk'uko twabandanije tubimenyeshwa na Anicet Habonimana, abandanya atera akamo abakristu bamaze kugira ico bafashije ndetse n'abandi ko bobandanya guterera ubwo butumwa kugira ico gikorwa kibandanye kuko hagikenewe gukorwa ibitari bike.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha