Umuhisi Musenyeri Jean Louis Nahimana yarakoze atiziganya akorera Ekleziya n'igihugu camwibarutse: yarabaye icariho c'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura be n'Umunyamabanga nshingwabikorwa w'igisata ca Diyoseze c'ubutumwa bw'Ubutungane n'Amahoro (CDJP-Bujumbura), mu gihugu na ho aba umuyobozi w'umugwi w'igihugu w'ukuvugana ukuri n'ukunywanisha (CVR-Burundi), amakungu na yo amugena mu bahinga icumi bosubiyemwo kwihweza ubukoloni bwagiriwe Afrika
Umuhisi Jean Louis Nahimana, ku myaka 56 yari amaze mu buzima bwo ngaha kw'isi, harimwo na 28 y'ugushikiriza Inkuru Nziza ya kristu nk'umusaserdoti, yaraye yitavye uwamuremye, ku wa kane igenekerezo rya 07 Nzero 2021, inyuma y'imisi yari amaze arwaye. Akaba yacikaniye mu bitaro BUMEREC vyo mu Kinindo, muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yinjiye ku musi ugira kabiri w'umwaka, ku wa gatandatu igenekerezo rya 02 Nzero 2021.
None Musenyeri Jean Louis Nahimana yari nde?
Jean-Louis Nahimana yari mwene Maso meza na Mamy (amatazirano y'abari baramuvyaye). Yavukiye i Rennes (mu gihugu c'Ubufaransa) mu mwaka w'1964. Se wiwe yitwa Joseph Nahimana (batazira Maso meza) w'ubwenegihugu bw'Uburundi, na ho nyina wiwe akitwa RĂ©gine Niwebasa, umuganwakazi w'Umunyarwandakazi, batazira Mamy. Ego, nyina yari umuganwakazi, kuko yakomoka mu nda y'abami, abami bo mu Rwanda rwo ku ntwaro ya cami, neza na neza muri bene Kimenyi w'i Gisaka, bumwe mu bwami bwari bugize Urwanda imbere y'uko bwiyunga nka Repubulika. Mu vy'umutima na ho,uwo muvyeyi akaba yari umukristu, kuko Mamy mbere yari yabatijwe ku musi avuka.
Turiko tuvuga Musenyeri Jean-Louis Nahimana uwo yari we, ntidusiga inyuma n'ukuntu vyashitse akavuka ku bavyeyi badasangiye ubwenegihugu. Kuko mu kuvuga se w'Umurundi na nyina w'Umunyarwandakazi bica bitudugana i Ngozi, aho abo bavyeyi bahurijwe n'Imana mu buto bwabo ngo bahuze umuhamagaro wahavuye ukomokamwo uwo musaserdoti w'Umukama. Aho na ho hari ku bitaro vy'i Ngozi, vyafashwa n'ababikira bo mu muryango wa bene Mariya, aho Mamy yari yaje nk'umuganga yimenyereza, avuye iwabo mu Rwanda aho yari ahejeje ivyigwa vyiwe. Amaze kuharonka akazi, yahavuye abengukwa na Maso meza, umwe mu bari bafise uburongozi kuri ivyo bitaro, urukundo rwabo ruraheza ruvyara ukwubakana.
Mu ruvyaro rwa Maso meza na Mamy harabonetsemwo abana umunani, muri bo Jean Louis Nahimana akaba yagira uwa gatanu, avukana na bane ba mbere bakuru biwe bavukiye mu Burundi, ari bo Gloriose, Souavis, Spéciose na Antoinette. Jean-Louis Nahimana na Immaculée na bo ni bo bavukiye i Buraya, aho abo bavyeyi bari bararungitswe n'igihugu c'Uburundi mu kazi. Babiri bandi ba nyuma na bo bakaba bibarukiwe mu Burundi, inyuma y'aho uwo muryango watahuka mu mwaka w'1966: Aimable na Dieudonné, umuhererezi.
Ikibabaje, abo bana ntibashoboye kugira amahirwe y'ukurerwa na se wabo, kuko yahavuye agandagurwa bidatevye mu bwicanyi bwabaye mu gihugu; yagandaguwe mu mwaka w'1969, baba babaye batyo impfuvyi za se. Ngivyo mbere ivyatumye uwo muryango uca wibera mu gisagara ca Bujumbura, ari na ho benshi bari bazi Musenyeri Jean Louis Nahimana nk'umunyagisagara. Umuryango wa Mamy umaze gucibwa umutwe (kwicirwa serugo) n'ukunyagwa urukombamazi, waciye uza mu gisagara ca Bujumbura gutangura ubuzima bushasha. Babutanguriye mu Kamenge, Mamy n'impfuvyi ziwe umunani.
Ariko aho hose, Mamy nk'umukristu w'intwari n'indanga, ntiyigeze acika intege mw'ibanga ryiwe ry'ukurera ibibondo Imana yamuragije. Yaragumije riho ibanga ry'ubuvyeyi, aragumya mbere n'indagano ziwe z'ibatisimu, akaba yarangwa n'ukwemera n'ukwizigira, be n'igisabisho. Araheza arerera abana biwe mu rukundo rw'Imana n'abantu. Bari baranamutaziriye «Umusukukazi w'Imana», kuko hejuru y'ukuzigama ukwemera, yarigisha n'abandi ijambo ry'Imana. Mbere akaba yarshitse n'aho atanga itongo ryiwe ryo mu Kamenge, arigabira Paruwase Kamenge ngo hubakwemwo agasengero. Nta nkeka mbere ko n'iyo ndero ari yo Jean-Louis Nahimana yavomyemwo umuhamagaro wamushikanye ku kwihebera Imana, agahava akaba umusaserdoti.
Musenyeri Jean-Louis Nahimana intwari yakoreye Ekleziya, igihugu n'amakungu
Musenyeri Jean-Louis Nahimana yatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti mu mwaka w'1992. Inyuma yaho yagiye arashingwa ubutumwa butandukanye muri Ekleziya yo mu Burundi. Yarabaye Patiri mukuru w'amaparuwase ya Muramvya, Nyakabiga, Katedrale Regina Mundi, Mutima w'Ubwitonzi na Kinama.
Mu bisata bikukira Diyoseze na vyo, yarabaye icariho (icegera) c'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (2005-2009), mu nyuma na ho aba Umunyamabanga Nshingwabikorwa w'igisata ca Diyoseze kijejwe ubutumwa bw'Ubutungane n'Amahoro (CDJP-Bujumbura, acikanye yari agikorera.
Yararungitswe kandi mu vyigwa, mu kiringo c'imyaka ine, mu Bufaransa.
Agarutse, yarizewe n'igihugu, arashingwa kuyobora umugwi w'igihugu ujejwe kuvugana ukuri n'ukunywanisha abarundi (CVR), kuva muri Kigarama 2014 gushika muri Kigarama 2018, ari na we yabaye umuyobozi wawo wa mbere. Benshi bakaba bamwibukira ku kuntu yama avuga ko ata wukwiye gukoresha ukuri kuzoba kumenyekanye mu vy'ukwihora, ahubwo mu vy'ugusubiza hamwe.
Umuco wa Musenyeri Jean Louis Nahimana warakwiye isi yose gushika n'aho n'amakungu amugomwa, kuko acikanye yaheruka kugenwa mu bahinga icumi bosubiyemwo kwihweza ubukoloni bwagiriwe Afrika, kumwe na bagenzi biwe nka Dr Zana Mathieu Etambala, Dr Gillian Mathys, Pr Elikia M'Bokolo, na Anne Wetsi Mpoma.
Imisi ya nyuma ya Musenyeri Jean Louis Nahimana
Amagara ya Musenyeri Jean Louis Nahimana yagiye kumuhinduka neza na neza inyuma y'aho yagenwa ngo abe Patiri mukuru wa paruwase Kinama. Yaguma ku musego, ku buryo abakristu ba paruwase yiwe bamubonye gake kabaho, ahereza inkuka y'imisa.
Ariko rero intore ipfana ibanga, uwo musaserdoti yarashoboye kubasezera mu nkuka y'imisa y'igiteramo ca Noeli, ku mugoroba wo ku wa kane igenekerezo rya 24 Kigarama 2020, mbere aranabatekerera impanuro ko batohava basamazwa n'ibirori vya Noeli ngo bahave bibagira gutegurira Umukama abavukiye ikibanza kimubereye. Kumbure yoba yarabaye imvugo batashotse bategera; vyagiye gusaba ko acikana ngo umuntu abe yotegera ko kumbe wewe yariko abura ko yamaze kumutegurira ikibanza, none Kristu akaba yiyakiriye uwo mugeni wiwe.
Musenyeri Jean Louis Nahimana aratwikebanuye rero, asanze abavyeyi biwe bari baramaze kumwitangira imbere, Maso meza na Mamy, mbere uyu wa nyuma wewe hakaba hari haheze igihe gito cane amusezeye, kuko yari yitavye Imana ku wa 19 Munyonyo 2019. Nguwo rero na we ku wa 07 Nzero 2021 arabahambije. Umukama Yezu yavutse ngo acungure isi, namubere Umucunguzi, amuhanagure amosozi yose yaririye ngaha kw'isi, amwambike urugori yamuteguriye!
Michel Nibitanga, CEDICOM