Inyigisho y'intangamarara yari ishingiye ku kumenya ico ari co ukunagurwa muri Mutima, be n'ukuntu ivy'ukunagurwa muri Mutima Mweranda vyatanguye muri Ekleziya, be n'ivyobwirizwa kuranga uwanaguwe muri Mutima Mweranda
Hari kuri uyu Wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2021, aho hatangura inyigisho ku bakristu bipfuza kunagurwa muri Mutima Mweranda muri Paruwase Kanyosha. Izo nyigisho zuguruwe icese na Patiri Lambert Nishimagizwe, umwibutsamana w'imigwi y'ubutumwa n'imihari muri Paruwase Kanyosha, akaba yaruguruye ivyo bikorwa vy'inyigisho kw'izina rya patiri mukuru wa paruwase.
Mw'ijambo yashikirije ry'ukwugurura izo nyigisho, Patiri Lambert Nishimagizwe yabanje gukengurukira abaziteguye, hamwe n'abakristu biyandikishije ngo bazikurikirane. Araheza abipfuriza kuzikurikirana neza, kuko ngo ari ingirakamaro guha ikibanza Mutima Mweranda muri Paruwase Kanyosha.
Inyigisho z'ukwitegurira kunagurwa muri Mutima Mweranda rero ziraheza ziratangura. Ariko inyigisho yo kuri uwo musi wa mbere yabaye iy'intangamarara, ikaba yari ishingiye ku kumenya ico ari co ukunagurwa muri Mutima, be n'ukuntu ukunagurwa muri Mutima Mweranda kwatangura muri Ekleziya, be n'ivyobwirizwa kuranga uwanaguwe muri Mutima Mweranda, haba mu buzima bwa misi yose no mu vyerekeye ukwemera.
Nk'uko vyashikirijwe na Claudine Bangirinama, uwihebeye Imana arangurira ubutumwa mu kigo Foyer de Charité c'i Bujumbura, iyo nyigisho ngo yari ishimikiye ahanini ku gushingira intahe Kistu mu mvugo no mu ngiro, hamwe n'ukugendera indagano z'ibatisimu n'amabwirizwa, gutyo umukristu akaba umuco n'umunyi w'isi, ni ukuvuga akava mu kivunga.
Na ho ku bwa Gerard Manitanga, umusuku w'abanaguwe muri Mutima Mweranda mu Kanyosha, mw'ijambo yashikirije, yarashimye cane kubona abo bakristu bo mu Kanyosha bipfuza kunagurwa muri Mutima Mweranda baronse ako karyo ko guhabwa izo nyigisho.
Hanyuma rero ngo ariteze ko hazoboneka ivyamwa vyinshi ku bazikurikiranye ubwabo. Ivyo vyamwa ngo bikaba vyitezwe kuri paruwase, mu kibano no ku mirimo ya misi yose. Akaba yahamagariye abiyandikishije bose kuzogira akigoro k'ukuzikurikirana.
Kuri uwo musi w'iyo nyigisho y'intangamarara nyene, bamwe mu banaguwe muri Mutima Mweranda barashinze intahe, bafatiye ku kugene bari babayeho imbere y'ukunagurwa muri Mutima Mweranda n'inyuma y'ukunagurwa muri Mutima Mweranda.
Tubamenyeshe ko izo nyigisho zizohora ziba ku misi ya kabiri no ku w'Imana, zikaba zizorangira kw'igenekerezo rya 27 Ruhuhuma. Mwomenya kandi ko inyigisho nk'izo zaheruka kubera muri Paruwase Kanyosha mu mwaka w'2009.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha