Ijambo Papa Fransisko ashikirije Abakristu ku musi mpuzamakungu ugira 29 wahariwe abarwaye, kw'igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2021
Itariki: 9/2/2021Ababisomye 1375 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Umwigisha mufise ni umwe, namwe mwese muravukana» (Matayo 23,8)
Ukwizerana, nk'ishingiro k'ukwitwararika abarwaye! Bavukanyi nkunda! Ihimbazwa ry'umusi mpuzamakungu ugira 29 wahariwe abarwaye, uzoba kw'igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2021, aho duhimbaza Umugabekazi w'i Lurde, ni umwanya mwiza wo kugirira umwitwarariko udasanzwe abarwaye n'ababarwaje, baba abari mu bibanza vyagenewe kwitaho abarwaye, baba n'abari mu mu miryango hamwe no mu mibano.

Ndifatanije cane cane n'abo bose bugarijwe kw'isi yose n'ingaruka z'ikiza Korona Virusi. Bose, na cane cane abakene kuruta abandi n'abahariwe ivomo, ndabamenyesheje ko ndi kumwe na bo ku bw'umutima, nongera ndabizeza ko Ekleziya ibitwararitse kandi ibafitiye igisharara c'urukundo.

1. Iciyumviro ngenderwako c'iri jambo cisunga amajambo y'Inkuru Nziza, aho Yezu anegura babandi imvugo yabo itajana n'ingiro (Raba Matayo 23,1-12). Iyo ukwemera kugarukiye ku majambo gusa, ntikwibonekeze mu kwitaho ibibazo bihanze isi hamwe n'ibihanze uwundi, dusanga ata sano na rimwe rikiri hagati y'ukwemera tugaragaza n'ubuzima tubayemwo. Tuba tugeze ku manga.

Nico gituma Yezu akoresha amajambo akomeye cane, kugira ngo abagabishe ntibahave basanga umwe wese asigaye yisenga nk'ikigirwamana ciwe yiharije, mu kwemeza ati: «Mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana mwese» (Raba Matayo 23,8). Amanegurwa Yezu ayerekeza kuri abo «Ivyo bavuga atari vyo bakora» (Raba Matayo 23,3) ni inkebuzo ya misi yose kuri bose kuko nta muntu n'umwe adashobora kwandukirwa n'inabi y'ubwiyorobetsi, inabi ibishe itubuza gushurika nk'abana b'umuvyeyi umwe, bahamagariwe kubana na bose mu muvukano.

Imbere y'ibibazo bihanze mwenewacu, Yezu atanga akarorero k'inyifato ihushanye n'ubwiyorobetsi. Adusaba guhagarara; kwumviriza; kugira imigenderanire wewe nyene ubwawe, n'uyo muntu ari mu bibazo; kumwumvira impuhwe n'ikigognwe; kwemera ugakorwako n'ububabare bwiwe, gushika aho ubwikorera uriko ugerageza gutorera inyishu ibibazo vyiwe (Raba Luka 10, 30-35).

2. Ukurwara kuradutuma twumva ko natwe turi ba ntamagara, kandi ko kuva tukivuka, uwundi yama ari nkenerwa mu buzima bwacu. Turatahura ko turi ibiremwa, kandi tukabona vy'ukuri ko dukeneye Umuremyi wacu kuko tutari kumwe na we ataco twokwishoboza. Kukaba nka ko, iyo turwaye, turabura ico dufata n'ico tureka, turagira ubwoba, turata umutwe; turaheza tugasanga ataco dushoboye kuko amagara yacu ntituyahabwa n'ubushobozi bwacu canke «uguhagarika umutima kwacu» (Raba Matayo 6,27)

Ingwara iraduhatira gutera ikibazo Imana, mu kwemera, turondera kumenya insiguro nshasha n'intumbero nshasha vy'ukubaho kwacu. Ariko rimwe na rimwe ico kibazo kirashobora kudaca kironka inyishu ubwo nyene. Umuryango n'abagenzi nabonyene ntibama imisi yose bashoboye kudufasha kurondera inyishu y'ico kibazo.

Ivyo turabibonera no kuri Yobi nk'uko Bibiliya imutubwira. Umukenyezi wiwe n'abagenzi ntibashoboye kumuherekeza mu makuba yiwe; baranavyunyuye mu kumwagiriza bimutuma kuguma yigunze no guta umutwe. Yobi yarabuze uwumuba hafi n'uwumutahura. Ariko rero, muri ayo magara make ahebuje, mu kwigiza kure ubwiyorobetsi uko buri kwose no mu guhitamwo inzira yo kuba mu kuri imbere y'Imana n'imbere y'abandi, akamo kiwe k'urutavanako karashikiriye Imana, nayo iruhira kumwishura, imwugururira umuhora mushasha.

Imana yaremeje ko ububabare bwa Yobi atari igihano canke ingaruka y'ububisha bwiwe; si n'ukwikura ku Mana, habe mbere n'ukuba ntaconezwe. Niho rero Yobi yashingira Umukama intahe isamirana kandi itangaje iva mu mutima wakomeretse kandi wakize ati: «Nahora ndakwumva ku matwi none ubu ijisho ryanje rirakwiboneye» (Raba Yobi 42,5)

3. Indwara yama ifise uko isa, kandi uko isa si kumwe: isa uko zina murwayi wese asa, tutibagiye na bamwe bumva ko bahebwe, bahariwe ivomo, basinzikajwe n'akarenganyo kababurabuza mu burenganzira bwabo (Raba inyigisho ya Papa Fratelli tutti mu nomero 22).

Ikiza ca none, carashize ahabona ubushobozi buke buri mu nzego zijejwe kubungabunga amagara y'abantu, hamwe n'agahaze kari mu bijanye no kwitaho abarwaye. Abageze mu zabukuru, ba magara make n'abageramirwa gusumba abandi, ntibama bavuwe bikwiye. Ivyo bikava ku ntumbero zifatwa n'abanyepolitike, ku kuntu amatungo atunganywa no ku kuntu abajejwe gutunganiriza abandi bitanga.

Gukoresha amatungo mu gisata co kubungabunga amagara y'abantu no mu gisata co kwitaho abarwaye, ni igikorwa kiza imbere y'ibindi, kikaba gishingiye kugutahura ko amagara ari ineza iheta izindi neza. Iki kiza carerekanye kandi ko hari abafasha mu buvuzi, abakutsakivi, abakozi, Abasaserdoti n'abihebeyimana baranzwe n'urukundo rwitanga, bakoresha ubuhinga, bariheba, bakunda ibikorwa bongera bakunda abandi, baraheza barafasha, baravura, bararemesha, bongera baragirira neza abarwaye benshi n'imiryango yabo.

Isinzi ry'abashingantahe n'abapfasoni, barahisemwo kwitwararika abasinzikaye mu kubaba hafi no mu kubakurikirana mu bubabare bwabo, batavuza urwamo, bataravye nkunzi kandi ataho bahengamiye, ariko ari kubera bumva ko basangiye nabo kuba bahurikiye mu muryango w'abantu. Burya, ukuba hafi y'abari mu bubabare bw'indwara, ni nk'ibimoga neza vy'akatabonetse bibaremesha kandi bikabahoza. Nk'aba Kristu, tuba hafi ya bene wacu mu kugaragaza urukundo rwa Yezu-Kristu we Munyasamariya w'ikigongwe n'impuhwe yigize umugenzi wa zina muntu yakomerekejwe n'igicumuro.

Twunze ubumwe na we, mu bubasha bwa Mutima Mweranda, duhamagariwe kuba abanyembabazi nka Data wo mw'ijuru no gukunda benewacu bagwaye, batagira amagara kandi bababara (Raba Yohani 13,34-35). Ukwo kuba hafi abarwaye si igikorwa co kwigungana, ni ico gukorana n'abandi nk'umuryango; na none urukundo rw'abavukana muri Kristu ruvyara umubano ukiza, udaheba kandi udakumira umuntu n'umwe, ariko nyabuna wakira na cane cane abatagira amagara.

Mfatiye kuri aya majambo nyene, nipfuza kubibutsa akamaro ko gufatana munda, kubonekera mu gufashanya, kugashobora no kwibonekeza mu buryo bwinshi butandukanye, ariko bwose bukaba bugamije gufata mu mugongo uwundi. Gufasha bisigura kwitwararika ba ntamagara bo mu miryango iwacu, bo mu mibano yacu, bo mu gihugu cacu (Raba inyigisho yatangiwe i Havane, ku wa 20 nyakanga 2015).

Muri ako kigoro, umwe wese arashobora «kwihoza ivyo ahahamiye, ivyo acambirwa, n'ivyipfuzo vyiwe vyo kuba umuntu ahambaye, akitwararika ba ntamagara. [...] Uwufasha, igikorwa ciwe acerekeza iminsi yose ku muvukanyi, agakora ku mubiri wiwe, akumva ko ari hafi yiwe, mbere rimwe na rimwe ukwo kuba hafi yiwe bikamubera umutwaro umuruhisha, kandi akarondera kuzamura umuvukanyi. Ni co gituma igikorwa co gufasha kitokwama kigarukira ku majambo gusa, nanone nticagenewe gufasha amajambo, ariko cagenewe gufasha abantu».

4. Kugira ngo igikorwa c'ubuvuzi kiranguke neza, uruhara rw'imigenderanire y'umurwayi n'abandi ni ngombwa, kuko rutuma haba ukwitaho umurwayi mu mpande ziwe zose. Guha agaciro urwo ruhara birafasha kandi abaganga, abafasha b'abavuzi, abahinga mu buvuzi co kimwe n'abakutsakivi mu buvuzi mu gikorwa cabo co kwitaho abarwaye, kugira ngo babaherekeze mu rugendo rwabo rwo gukira, bishimikije imigenderanire y'ukwizerana hagati yabo n'abarwaye (Raba Amasezerano Mashasha y'Abitwararika Amagara y'abantu 2016 n°4).

Ivyo birasaba gushiraho amasezerano hagati y'abakeneye kuvurwa n'abavuzi; amasezerano ashingiye k'ukwizerana no kwubahana, k'ukuvugana ukuri, no k'ukuba hafi igihe cose umuntu akenewe, kugira ngo barengere inzitizi zose zobahagarika, bashire imbere agateka k'umurwayi, bakingire umwuga n'ubuhinga vy'abavuzi, kandi bagiranire imigenderanire myiza n'imiryango y'abarwaye. 

Nk'uko bigaragazwa n'intahe y'ikimpumbi ishingwa n'abashingantahe n'abakenyezi batagatifujwe n'ukwitwararika abagwaye, mu rukundo rwa Kristu niho hari isoko ridakama ry'inkabuzo n'inguvu z'ukwo kugiriranira imigenderanire n'umuntu arwaye. Kukaba nka ko, mu mabanga y'urupfu n'izuka vya Yezu Kristu, niho hadudubiza urwo rukundo rushoboye guha agaciro umwe wese yaba umurwayi canke abamwitwararika. 

Inkuru Nziza iravyemeza incuro nyinshi, mu kwerakana ko ugukiza kwa Yezu kutigeze kuba igikorwa co kurata ubuhinga butangaje, ariko ko kwamye ari icamwa c'uguhura, c'imigenderanire y'umuntu n'Imana, aho ingabire y'Imana itangwa na Yezu-Kristu ihwana n'ukwemera kw'uwuyakira, kumwe nyene rya jambo Yezu akunze kuvuga ribitomora neza ngo: «Ukwemera kwawe kuragukijije.» 

5. Bavukanyi nkunda, ibwirizwa ry'urukundo Yezu yasigaranye abigishwa biwe, riranguka neza na neza mu migenderanire yacu n'abarwaye. Icerekana ko imibano y'abantu ari iy'abantu babushitse ni ukwitwararika abayo bafise amagara make, batishoboye, bari mu bubabare; kandi ico gikorwa ikakirangurana umutima w'urukundo n'ubuvukanyi.

Nitwerekeze rero iryo hangiro, dukore ku buryo ata n'umwe asigara yigunze kandi ata n'umwe yumva ko yahariwe ivomo canke yahebwe. Abantu barwaye bose, abavura n'ababunganira, n'abo bose bitangira abababaye, ndabaragije Bikira Mariya, Umuvyeyi w'imbabazi akaba na Magara y'abarwaye. Kuva i Lurde no mu bindi bibanza isinzi vyamugenewe aho biri kw'isi yose, naremeshe kandi ashigikire ukwemera kwacu n'umwizero wacu, kandi adufashe kwitwararikana mu rukundo rw'abavukanyi. Kuri bose no kuri umw'umwe nyene, ndabahezagiye n'umutima wanje wose.

Bigiriwe i Roma,
Ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda w'i Laterano, 
Igenekerezo rya 20 Kigarama 2020,
Ku musi w'Imana ugira kane w'Ubushikiro Papa Fransisko 

Vyahinduwe mu kirundi n'ibiro Ndemeshabutumwa bw'Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 158
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI