Ukwizerana, nk'ishingiro k'ukwitwararika abarwaye! Bavukanyi nkunda! Ihimbazwa ry'umusi mpuzamakungu ugira 29 wahariwe abarwaye, uzoba kw'igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2021, aho duhimbaza Umugabekazi w'i Lurde, ni umwanya mwiza wo kugirira umwitwarariko udasanzwe abarwaye n'ababarwaje, baba abari mu bibanza vyagenewe kwitaho abarwaye, baba n'abari mu mu miryango hamwe no mu mibano.
Ndifatanije cane cane n'abo bose bugarijwe kw'isi yose n'ingaruka z'ikiza Korona Virusi. Bose, na cane cane abakene kuruta abandi n'abahariwe ivomo, ndabamenyesheje ko ndi kumwe na bo ku bw'umutima, nongera ndabizeza ko Ekleziya ibitwararitse kandi ibafitiye igisharara c'urukundo.
1. Iciyumviro ngenderwako c'iri jambo cisunga amajambo y'Inkuru Nziza, aho Yezu anegura babandi imvugo yabo itajana n'ingiro (Raba Matayo 23,1-12). Iyo ukwemera kugarukiye ku majambo gusa, ntikwibonekeze mu kwitaho ibibazo bihanze isi hamwe n'ibihanze uwundi, dusanga ata sano na rimwe rikiri hagati y'ukwemera tugaragaza n'ubuzima tubayemwo. Tuba tugeze ku manga.
Nico gituma Yezu akoresha amajambo akomeye cane, kugira ngo abagabishe ntibahave basanga umwe wese asigaye yisenga nk'ikigirwamana ciwe yiharije, mu kwemeza ati:
«Mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana mwese» (Raba Matayo 23,8). Amanegurwa Yezu ayerekeza kuri abo
«Ivyo bavuga atari vyo bakora» (Raba Matayo 23,3) ni inkebuzo ya misi yose kuri bose kuko nta muntu n'umwe adashobora kwandukirwa n'inabi y'ubwiyorobetsi, inabi ibishe itubuza gushurika nk'abana b'umuvyeyi umwe, bahamagariwe kubana na bose mu muvukano.
Imbere y'ibibazo bihanze mwenewacu, Yezu atanga akarorero k'inyifato ihushanye n'ubwiyorobetsi. Adusaba guhagarara; kwumviriza; kugira imigenderanire wewe nyene ubwawe, n'uyo muntu ari mu bibazo; kumwumvira impuhwe n'ikigognwe; kwemera ugakorwako n'ububabare bwiwe, gushika aho ubwikorera uriko ugerageza gutorera inyishu ibibazo vyiwe (Raba Luka 10, 30-35).
2. Ukurwara kuradutuma twumva ko natwe turi ba ntamagara, kandi ko kuva tukivuka, uwundi yama ari nkenerwa mu buzima bwacu. Turatahura ko turi ibiremwa, kandi tukabona vy'ukuri ko dukeneye Umuremyi wacu kuko tutari kumwe na we ataco twokwishoboza. Kukaba nka ko, iyo turwaye, turabura ico dufata n'ico tureka, turagira ubwoba, turata umutwe; turaheza tugasanga ataco dushoboye kuko amagara yacu ntituyahabwa n'ubushobozi bwacu canke
«uguhagarika umutima kwacu» (Raba Matayo 6,27)
Ingwara iraduhatira gutera ikibazo Imana, mu kwemera, turondera kumenya insiguro nshasha n'intumbero nshasha vy'ukubaho kwacu. Ariko rimwe na rimwe ico kibazo kirashobora kudaca kironka inyishu ubwo nyene. Umuryango n'abagenzi nabonyene ntibama imisi yose bashoboye kudufasha kurondera inyishu y'ico kibazo.
Ivyo turabibonera no kuri Yobi nk'uko Bibiliya imutubwira. Umukenyezi wiwe n'abagenzi ntibashoboye kumuherekeza mu makuba yiwe; baranavyunyuye mu kumwagiriza bimutuma kuguma yigunze no guta umutwe. Yobi yarabuze uwumuba hafi n'uwumutahura. Ariko rero, muri ayo magara make ahebuje, mu kwigiza kure ubwiyorobetsi uko buri kwose no mu guhitamwo inzira yo kuba mu kuri imbere y'Imana n'imbere y'abandi, akamo kiwe k'urutavanako karashikiriye Imana, nayo iruhira kumwishura, imwugururira umuhora mushasha.
Imana yaremeje ko ububabare bwa Yobi atari igihano canke ingaruka y'ububisha bwiwe; si n'ukwikura ku Mana, habe mbere n'ukuba ntaconezwe. Niho rero Yobi yashingira Umukama intahe isamirana kandi itangaje iva mu mutima wakomeretse kandi wakize ati:
«Nahora ndakwumva ku matwi none ubu ijisho ryanje rirakwiboneye» (Raba Yobi 42,5)
3. Indwara yama ifise uko isa, kandi uko isa si kumwe: isa uko zina murwayi wese asa, tutibagiye na bamwe bumva ko bahebwe, bahariwe ivomo, basinzikajwe n'akarenganyo kababurabuza mu burenganzira bwabo (Raba inyigisho ya Papa Fratelli tutti mu nomero 22).
Ikiza ca none, carashize ahabona ubushobozi buke buri mu nzego zijejwe kubungabunga amagara y'abantu, hamwe n'agahaze kari mu bijanye no kwitaho abarwaye. Abageze mu zabukuru, ba magara make n'abageramirwa gusumba abandi, ntibama bavuwe bikwiye. Ivyo bikava ku ntumbero zifatwa n'abanyepolitike, ku kuntu amatungo atunganywa no ku kuntu abajejwe gutunganiriza abandi bitanga.
Gukoresha amatungo mu gisata co kubungabunga amagara y'abantu no mu gisata co kwitaho abarwaye, ni igikorwa kiza imbere y'ibindi, kikaba gishingiye kugutahura ko amagara ari ineza iheta izindi neza. Iki kiza carerekanye kandi ko hari abafasha mu buvuzi, abakutsakivi, abakozi, Abasaserdoti n'abihebeyimana baranzwe n'urukundo rwitanga, bakoresha ubuhinga, bariheba, bakunda ibikorwa bongera bakunda abandi, baraheza barafasha, baravura, bararemesha, bongera baragirira neza abarwaye benshi n'imiryango yabo.
Isinzi ry'abashingantahe n'abapfasoni, barahisemwo kwitwararika abasinzikaye mu kubaba hafi no mu kubakurikirana mu bubabare bwabo, batavuza urwamo, bataravye nkunzi kandi ataho bahengamiye, ariko ari kubera bumva ko basangiye nabo kuba bahurikiye mu muryango w'abantu. Burya, ukuba hafi y'abari mu bubabare bw'indwara, ni nk'ibimoga neza vy'akatabonetse bibaremesha kandi bikabahoza. Nk'aba Kristu, tuba hafi ya bene wacu mu kugaragaza urukundo rwa Yezu-Kristu we Munyasamariya w'ikigongwe n'impuhwe yigize umugenzi wa zina muntu yakomerekejwe n'igicumuro.
Twunze ubumwe na we, mu bubasha bwa Mutima Mweranda, duhamagariwe kuba abanyembabazi nka Data wo mw'ijuru no gukunda benewacu bagwaye, batagira amagara kandi bababara (Raba Yohani 13,34-35). Ukwo kuba hafi abarwaye si igikorwa co kwigungana, ni ico gukorana n'abandi nk'umuryango; na none urukundo rw'abavukana muri Kristu ruvyara umubano ukiza, udaheba kandi udakumira umuntu n'umwe, ariko nyabuna wakira na cane cane abatagira amagara.
Mfatiye kuri aya majambo nyene, nipfuza kubibutsa akamaro ko gufatana munda, kubonekera mu gufashanya, kugashobora no kwibonekeza mu buryo bwinshi butandukanye, ariko bwose bukaba bugamije gufata mu mugongo uwundi. Gufasha bisigura kwitwararika ba ntamagara bo mu miryango iwacu, bo mu mibano yacu, bo mu gihugu cacu (Raba inyigisho yatangiwe i Havane, ku wa 20 nyakanga 2015).
Muri ako kigoro, umwe wese arashobora «kwihoza ivyo ahahamiye, ivyo acambirwa, n'ivyipfuzo vyiwe vyo kuba umuntu ahambaye, akitwararika ba ntamagara. [...] Uwufasha, igikorwa ciwe acerekeza iminsi yose ku muvukanyi, agakora ku mubiri wiwe, akumva ko ari hafi yiwe, mbere rimwe na rimwe ukwo kuba hafi yiwe bikamubera umutwaro umuruhisha, kandi akarondera kuzamura umuvukanyi. Ni co gituma igikorwa co gufasha kitokwama kigarukira ku majambo gusa, nanone nticagenewe gufasha amajambo, ariko cagenewe gufasha abantu».
4. Kugira ngo igikorwa c'ubuvuzi kiranguke neza, uruhara rw'imigenderanire y'umurwayi n'abandi ni ngombwa, kuko rutuma haba ukwitaho umurwayi mu mpande ziwe zose. Guha agaciro urwo ruhara birafasha kandi abaganga, abafasha b'abavuzi, abahinga mu buvuzi co kimwe n'abakutsakivi mu buvuzi mu gikorwa cabo co kwitaho abarwaye, kugira ngo babaherekeze mu rugendo rwabo rwo gukira, bishimikije imigenderanire y'ukwizerana hagati yabo n'abarwaye (Raba Amasezerano Mashasha y'Abitwararika Amagara y'abantu 2016 n°4).
Ivyo birasaba gushiraho amasezerano hagati y'abakeneye kuvurwa n'abavuzi; amasezerano ashingiye k'ukwizerana no kwubahana, k'ukuvugana ukuri, no k'ukuba hafi igihe cose umuntu akenewe, kugira ngo barengere inzitizi zose zobahagarika, bashire imbere agateka k'umurwayi, bakingire umwuga n'ubuhinga vy'abavuzi, kandi bagiranire imigenderanire myiza n'imiryango y'abarwaye.
Nk'uko bigaragazwa n'intahe y'ikimpumbi ishingwa n'abashingantahe n'abakenyezi batagatifujwe n'ukwitwararika abagwaye, mu rukundo rwa Kristu niho hari isoko ridakama ry'inkabuzo n'inguvu z'ukwo kugiriranira imigenderanire n'umuntu arwaye. Kukaba nka ko, mu mabanga y'urupfu n'izuka vya Yezu Kristu, niho hadudubiza urwo rukundo rushoboye guha agaciro umwe wese yaba umurwayi canke abamwitwararika.
Inkuru Nziza iravyemeza incuro nyinshi, mu kwerakana ko ugukiza kwa Yezu kutigeze kuba igikorwa co kurata ubuhinga butangaje, ariko ko kwamye ari icamwa c'uguhura, c'imigenderanire y'umuntu n'Imana, aho ingabire y'Imana itangwa na Yezu-Kristu ihwana n'ukwemera kw'uwuyakira, kumwe nyene rya jambo Yezu akunze kuvuga ribitomora neza ngo: «Ukwemera kwawe kuragukijije.»
5. Bavukanyi nkunda, ibwirizwa ry'urukundo Yezu yasigaranye abigishwa biwe, riranguka neza na neza mu migenderanire yacu n'abarwaye. Icerekana ko imibano y'abantu ari iy'abantu babushitse ni ukwitwararika abayo bafise amagara make, batishoboye, bari mu bubabare; kandi ico gikorwa ikakirangurana umutima w'urukundo n'ubuvukanyi.
Nitwerekeze rero iryo hangiro, dukore ku buryo ata n'umwe asigara yigunze kandi ata n'umwe yumva ko yahariwe ivomo canke yahebwe. Abantu barwaye bose, abavura n'ababunganira, n'abo bose bitangira abababaye, ndabaragije Bikira Mariya, Umuvyeyi w'imbabazi akaba na Magara y'abarwaye. Kuva i Lurde no mu bindi bibanza isinzi vyamugenewe aho biri kw'isi yose, naremeshe kandi ashigikire ukwemera kwacu n'umwizero wacu, kandi adufashe kwitwararikana mu rukundo rw'abavukanyi. Kuri bose no kuri umw'umwe nyene, ndabahezagiye n'umutima wanje wose.
Bigiriwe i Roma,
Ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda w'i Laterano,
Igenekerezo rya 20 Kigarama 2020,
Ku musi w'Imana ugira kane w'Ubushikiro Papa Fransisko
Vyahinduwe mu kirundi n'ibiro Ndemeshabutumwa bw'Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi