Abasaserdoti bahurikiye mw'ishirahamwe «UCI» barahuriye hamwe muri Paruwase Mubimbi, baripfurizanya umwaka mushasha mwiza w'2021
Itariki: 11/2/2021Ababisomye 2260 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Hamwe n'ukwo kwipfurizanya umwaka mushasha w'2021 hagati y'abo basaserdoti b'imvukira za Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, muri iyi nkuru turabamenyesha ishirahamwe «UCI», intumbero yaryo, n'ukuntu ryitunganije
Mu ntumbero y'ukwipfurizanya umwaka mushasha w'2021, abasaserdoti b'imvukira za Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bahurikiye mw'ishirahamwe «UCI» barahuriye hamwe mu nama isanzwe bagiriye muri Paruwase Mubimbi, ku wa mbere igenekerezo rya 08 Ruhuhuma 2021. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka kandi n'Umwepiskopi Mukuru w'iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, yari yaje nk'umunywanyi w'iryo shirahamwe.

Muri ukwo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza w'2021 hagati y'abasaserdoti-banyamuryango ba Â«UCI», ivyo birori vyari bihagarariwe na Patiri Déo Bizimana, icegera c'uwuserukira iryo shirahamwe ku rwego rwa Diyoseze ya Bujumbura akaba n'Umunyamabanga mukuru w'iryo shirahamwe ku rwego rw'igihugu c'Uburundi. Ni mu gihe uwuserukira «UCI» muri Diyoseze ya Bujumbura yari yafatiriwe n'ubundi butumwa, 

Nk'uko vyamenyeshejwe na Patiri Déo Bizimana, Ishirahamwe «UCI» ni ishirahamwe ry'abasaserdoti rihurikiyemwo ab'imvukira zo mu Burundi. «UCI» ni impfunyapfunyo y'izina ry'igifaransa ry'iryo shirahamwe, mu ndome zose rikaba ryitwa Â«Union du Clergé Incardiné». Ishirahamwe «UCI» rero rikaba ari rimwe mu mashirahamwe asanzwe yemewe n'amategeko agenga Ekleziya Katolika, haba mu Burundi canke kw'isi yose.

Mu Burundi, amashirahamwe nk'ayo yatanguye inyuma y'aho hari hatanguye kuboneka abasaserdoti b'imvukira zo mu Burundi, barangurira ubutumwa mu gihugu c'amavukiro yabo, ngo bunganire igikorwa c'abasaserdoti b'Abamisiyonari, bizwi ko bobo baburangurira mu bihugu bitandukanye baba barungitswemwo, nk'uko ari na bo bazanye ubwo butumwa mu Burundi. Ryatanguranye n'igenwa ry'amadiyoseze ya mbere, Bujumbura, Gitega, na Ngozi, ari na ho rero umuntu yoheza agategera igituma amashirahamwe nk'ayo y'abasaserdoti yagiye kuvuka hagati na hagati mu kinjana ca 20. 

«UCI» rero si ishirahamwe rya vuba, kuko ryatanguye mu mwaka w'1952 aho ryatanguye ryitwa Â«Union Apostolique et Culturelle des Prêtres Burundais» (UACPB). Mu nyuma ryarahinduye izina, mu mwaka w'1972, ryitwa Â«Union Apostolique du Clergé Burundais» (UACB), hanyuma Â«Union du Clergé Murundi» (UCM).

Ariko kubera ko vyahavuye biboneka ko kugira ngo ube umusaserdoti arangurira ubutumwa mu Burundi kandi urabwa n'Umwepiskopi wo mu Burundi bidasigura ko utegerezwa kuba uri Umurundi, kuko hariho n'abasaserdoti bakukira amadiyoseze yo mu Burundi, bakarabwa n'Abepiskopi bo Burundi ariko ari abanyamahanga, ni ho iryo shirahamwe ryahavuye rifata izina ryugurukiye bose, ryitwa rero izina ry'ubu, ari ryo Â«UCI».

Muri ivyo birori vy'ukwipfurizanya umwaka mwiza rero w'2021 hagati y'abasaserdoti bagize ishirahamwe Â«UCI», mugenzi wacu Anicet Nduwayezu arangurira ubutumwa muri Paruwase Mubimbi ku bw'ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru (CEDICOM), yaraganiriye na Patiri Déo Bizimana; yamumenyesheje ko iryo shirahamwe ryitunganije neza, kuko rifise abanyamuryango barenga 140, rikaba rifise n'imigambi itari mike y'ukwiteza imbere, haba ku mutima canke mu kurondera ibitunga abasaserdoti.

Uwo musaserdoti yaravuze kandi no ku kuntu iryo shirahamwe riringaniza amahwaniro. Mw'ishiyahamwe Â«UCI». Mu bisanzwe ngo bagira inama zisanzwe gatatu mu mwaka, kandi bakabukanya aho baja: Nko mu ntango y'umwaka barahurira mu ntara y'ubutumwa ya Buhonga ngo bipfurizanye umwaka mushasha, bagahurira muri paruwase baba badaherutse guhwaniramwo, canke babona ko bikenewe ko ari ho boja. Mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya ngo bahahwanira mu kwezi kwa Ruheshi. Na ho mu ntara z'ubutumwa z'i Bujumbura bakaba bahahurira mu nama zidasanzwe ziba mu kwezi kwa Gitugutu canke mu kwa Kigarama.

Tubamenyeshe ko inama nk'izo z'abasaserdoti bagize ishiyahamwe «UCI» zama zabaye buri mwaka. Iyo mu mwaka uheze ikaba yari yabereye muri Paruwase ya Mutumba. Tubamenyeshe kandi ko mu mahwaniro nk'ayo kaba ari n'akaryo k'ukuzirikana kw'ibanga basangiye ry'ubuherezankuka, nk'imvukira zo mugihugu, kugira ngo bigire hamwe ukuntu bofashanya kwinagura.

Michel Nibitanga, CEDICOM
(Amajwi yisunzwe yafashwe na Anicet Nduwayezu, Paruwase Mubimbi)
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 205
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI