Ibirori vy'uguhimbaza uwo musi mukuru vyari vyitabwe n'urwaruka rwiga mu makaminuza atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura ruhurikiye muri uwo muhari, be n'urundi rwiga mu mashure yisumbuye ruri muri uwo muhari, be kandi n'urundi rwahejeje Kaminuza ariko rukaba rwarawugumyemwo, rwitwa imfura za «JEC», ubu ruri mu buzi butandukanye. Vyari vyatewe iteka kandi n'uwo Mwibutsamana w'uwo muhari muri Diyoseze, Musenyeri Anatore Ruberinyange, be n'uwurongoye uwo muhari ku rwego rw'igihugu , Astère Nibayemere.
Umuhari «JEC» ni umuhari w'urwaruka-rukristu rwiga muri kaminuza («JEC» ni izina rigizwe n'amajambo y'impfunyapfunyo ari mu rurimi rw'igifarans,
Nk'uko bisanzwe bigenda ko kuri uwo musi mukuru w'umuco ko hategurwa inyigisho ihabwa abanyamuhari bavuye mu ntara z'ubutumwa zigize Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, n'uyu mwaka nyene iyo nyigisho yarabaye, ikaba yatanzwe n'uwo Mwibutsamana w'uwo muhari muri Diyoseze, Musenyeri Anatore Ruberinyange, ku civugo kigira kiti: «Tube abaremesha amahoro mu kurwanya inabi nka Yezu!»
Muri iyo nyigisho, Musenyeri Anatore Ruberinyange yahamagariye abo banyamuhari wa «JEC» ko bokwirinda rwose gukoresha ingimba mu buryo bwose, haba mu bikorwa canke mu mvugo. Yasavye abo banyamuhari wa «JEC» ko bokwinjira riho mu ngendo y'amahoro, bakaba abagwaneza, ndetse bakaba abantu babiba amahoro, bafatiye akarorero kuri Yezu Kristu. Ku bwiwe, uguhohotera umuntu ngo ni ukumubuza gutera imbere, haba ku mubiri, ku mutima, mu bwenge, ndetse no mu mibereho yiwe.
Ikindi yamenyesheje ni uko ngo umuntu ubwiwe avuka ari mwiza, afise umutima mwiza, ariko ko ivyo aja aracamwo ari vyo bituma ahinduka akaba mubi ngo ariko yiga kwirwanira. Afatiye aho nyene, uwo Mwibutsamana muri uwo muhari «JEC» yaboneyeho kumenyesha ko umuntu ashobora kwirwanira atawe akomerekeje.
Inyigisho irangiye, haciye hakurikira igice kigira kabiri mu migirwa y'uwo musi, ari co c'ugutora umusuku mushasha w'umuhari «JEC» ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Umushingantahe Ferdinand Ndikumana, yari asanzwe ari icegera c'uwari awurongoye, akaba ari we yizewe n'abanyamuhari mu gutorwa ngo asukurire uwo muhari mukiringo c'imyaka ibiri.
Muri ayo matora kandi, harashinzwe n'abandi bazomwunganira ku nzego zitandukanye. Ku kibanza c'icegera c'umusuku w'umuhari «JEC» muri Diyoseze, Valentin Habiyandera ni we yatowe. Na ho ku kibanza c'Umunyamabanga, Etienne Nsabimana ni we yatahukanye amajwi. Ku kibanza c'Umushinguzi hatowe Gretta Bizindavyi, icegera ciwe aba Patrice Niyugukenguruka, na we Umuhanuzi aba Lionel Nshimirimana.
Abandi batowe ni uwujejwe ivy'imitima mu muhari, uwitwa Sélécous Ndihokubwayo, be n'uwuserukira urwego rw'abakuze, bitwa imfura za «JEC», Basile Biziyezu. Iruhande y'abo haratowe kandi uwuserukira abanyamuhari biga mu makaminuza no mu mashure yisumbuye, Claude Mugisha, hamwe rero n'uwuserukira abanyamuhari bakiri bato gushika ku biga mu mashure y'intango, Henriette Nicoyizigamiye. Abo bose bakaba bazobandanya bashigikirwa n'Umwibutsamana w'uwo muhari, Musenyeri Anatole Ruberinyange.
Ico gikorwa kirangiye, haciye hakurikira inkuka ya misa y'ugukenguruka n'ugusabira abo basuku bashasha, kugira ngo Imana ize ibakomeze mu butumwa. Iyo nkuka ya misa yatangujwe n'urugendo. Mu bari bagize urwo rugendo, hari harimwo n'abanyamuhari wa «JEC», aba bakaba bari batwaye amatara yaka, ikimenyetso c'uwo muco bari baramutse bahimbaza.
Musenyeri Anatole Ruberinyange yahereje iyo misa, mu nsiguro yashikirije urwo rwaruka, akaba yaribukije akarangabutumwa k'umuhari wa «JEC» kavuga kati:
«Baho, wongere Ufashe!», aca asigura ko umunyamuhari wa «JEC» ategerezwa kubaho neza, kandi akongera agafasha n'abandi kubaho neza.
Sélécous Ndihokubwayo, CEDICOM