«Igihambaye ni uko twokwumva ko tugize paruwase imwe», vyavuzwe na Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Félix Fupi
Mu gihe mu ndinganizo nshasha ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura hashinzwe ko Sikirisare Kiriri yahora ikukira paruwase yitiriwe Mikaheri Mweranda (Saint Michel) ubu yimuriwe muri paruwase Katedrale Regina Mundi, ni muri iyo ntumbero y'ukwakira abakristu b'iyo sikirisale, Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Felix Fupi, yagirishije inama abaserukira abandi bo muri iyo Sikirisare, ku wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2021, ngo bunge ubumwe, bongere bahuze ibikorwa n'abandi banyamuryango ba paruwase.Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi yababwiye ati: «Ntivyoroshe ko abantu bari bamaze imyaka n'iyindi mu yindi paruwase [Paruwase Mikaheli Mweranda] bagiye kuja mu yindi [paruwase Katedrale Regina Mundi], aho basanga mbere n'iyindi ndinganizo itandukanye cane n'iyo bahora bagirako; bisaba ukwigora. Igihambaye ni uko tubwirizwa gukora ibishoboka vyose ngo twumve ko paruwase ari imwe.»
Yabandanije yibutsa ko n'ubwo ngaho i Kiriri hari isengero basengeramwo, bakanahagabanira ivyiza vy'Imana, ariko ko bakwiye kumenya ko kuva ubu batakiri muri paruwase Mikaheli mweranda, ko ahubwo bari mu muryango wa paruwase Katedrale Regina Mundi, hamwe n'uwobabaza paruwase barimwo batojuragirika, bokwishura bati: «Turi muri paruwase Katedrale Regina Mundi.»
Patiri Felix Fupi yaboneyeho kumenyesha abo baserukira abandi muri iyo Sikirisare ya Kiriri ko mu migambi ya Diyoseze bazosigurirwa mu misi iza, bazobona ko intumbero nyamukuru ari iy'ukwubaka Ekleziya-Muryango, ku buryo abakristu bumva ko bagize umuryango, nk'uko bari bahejeje kubisomerwa mw'ijambo ry'Imana riri mu gitabu c'ibikorwa vy'Abatumwa, ahavuga ko abakristu ba mbere bari bafise umutima umwe, bagashishikara kwumviriza inyigisho z'abatumwa, bagasenga, kandi bagashishikara kwubaka ubumwe.
Ikindi yabamenyesheje ni ukuntu paruwase yitunganije, haba mu bijanye n'ukuronka amasakramentu, be n'ivyerekeye ubuzima bwa paruwase muri rusangi. Na ho mu bigiye gukorwa ngo bunge ubumwe n'abandi banyamuryango basanzwe bagize paruwase Katedrale Regina Mundi, bongere bahuze ibikorwa n'abandi banyamuryango ba paruwase, patiri mukuru w'iyo paruwase yashimikiye ahanini ku gutora abazoserukira abandi mu nama nshingwabutumwa ya paruwase bavuye muri iyo Sikirisare.
Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi akaba yasavye abo baserukira abandi muri sikirisale y'i Kiriri ko botora abantu batatu, harimwo uwuserukira imibano, uwuserukira ubutumwa bwa Liturujiya n'iyindi migwi y'ubutumwa isanzwe iharangurira ubutumwa, nk'abakorezi, n'abaririmbiramana.
Kukaba nkako, sikirisare Kiriri ifise imihari itari mike: uri Ingendanyi, aba Scouts, aba JEC, aba Kilo, n'iyindi. Ni ho Patiri Mukuru yagirako abasaba kuzotora abantu babiri bobaserukira mu nama mpuzabutumwa (Coordination), bose hamwe bakazorungikwa mu butumwa kw'itariki 25 Ndamukiza, kuri paruwase Katedrale Regina Mundi. Ariko muri abo, abanyeshure bo muri kaminuza bakaba batazoserukirwa muri iyo nama mpuzabutumwa, kuko n'aho na bo nyene bakora ubutumwa butandukanye muri iyo sikirisare, basanzwe bafise ubwibutsamana bubajejwe.
Abaserukiye abandi mu bakristu bo muri iyo sikilisale y'i Kiririr bararonse akaryo k'ugushikiriza ivyiyumviro vyabo kuri patiri mukuru w'iyo paruwase basigaye bakukira. Bakaba baraboneyeho no kumutura ibibazo bafise. Ibikuru bikuru bamushikirije ni ingene bazokwimura ifishe n'amakarata y'ibatisimu yabo bisanzwe biri muri paruwase Mikaheli Mweranda.
Baranamusavye ko boza bararonswa inyigisho zibakuza mu kwemera, kandi bakanategurirwa n'amafungo. Baranamutuye n'ikibazo c'ubukene bw'abasangiji boshira imfungurwa nyeranda y'Umubiri wa Kristu abarwaye n'abageze mu zabukuru, bamubasangije mu mihana aho baba.
Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi yabishuye ko muri ivyo bibazo bamushikirije yumva harimwo ivyo azobanza kuvuganako na mugenzi we, Patiri mukuru wa paruwase bahora bakukira, kugira ngo bishobore gutorerwa umuti utomoye, hakabaho n'ibindi bibazo ngo bizogenda biratorerwa inyishu buke buke.
Patiri Felix Fupi yaranavuze mbere ko hariho n'ibindi bibazo biriko birondererwa umuti, nk'ukumenya urubibe rushasha rugabura paruwase Katedrale Regina Mundi na paruwase Buhonga, hakamenyekana aho ruca neza na neza, kugira ngo abakristu bakukira izo paruwase zihana urubibe ntibajuragirike, bamenye iyo bakukira vy'ukuri. Kuri ico c'abasangiji na co, akaba yarabemereye ko azokivugana n'abagize umugwi wa Caritas ya paruwase, kuko ngo biri mu butumwa basanzwe bakora.
Grâce Divine Gahimbare, paruwase Katedrale Regina Mundi