Sikirisare Kiriri isigaye ikukira paruwase Katedrale Regina Mundi: inama y'ukwinjiza mu muryango wa paruwase abakristu bo muri iyo sikirisale
Itariki: 30/3/2021Ababisomye 18314 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Igihambaye ni uko twokwumva ko tugize paruwase imwe», vyavuzwe na Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Félix Fupi
Mu gihe mu ndinganizo nshasha ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura hashinzwe ko Sikirisare Kiriri yahora ikukira paruwase yitiriwe Mikaheri Mweranda (Saint Michel) ubu yimuriwe muri paruwase Katedrale Regina Mundi, ni muri iyo ntumbero y'ukwakira abakristu b'iyo sikirisale, Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Felix Fupi, yagirishije inama abaserukira abandi bo muri iyo Sikirisare, ku wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2021, ngo bunge ubumwe, bongere bahuze ibikorwa n'abandi banyamuryango ba paruwase.

Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi yababwiye ati: «Ntivyoroshe ko abantu bari bamaze imyaka n'iyindi mu yindi paruwase [Paruwase Mikaheli Mweranda] bagiye kuja mu yindi [paruwase Katedrale Regina Mundi], aho basanga mbere n'iyindi ndinganizo itandukanye cane n'iyo bahora bagirako; bisaba ukwigora. Igihambaye ni uko tubwirizwa gukora ibishoboka vyose ngo twumve ko paruwase ari imwe.»

Yabandanije yibutsa ko n'ubwo ngaho i Kiriri hari isengero basengeramwo, bakanahagabanira ivyiza vy'Imana, ariko ko bakwiye kumenya ko kuva ubu batakiri muri paruwase Mikaheli mweranda, ko ahubwo bari mu muryango wa paruwase Katedrale Regina Mundi, hamwe n'uwobabaza paruwase barimwo batojuragirika, bokwishura bati: «Turi muri paruwase Katedrale Regina Mundi.»

Patiri Felix Fupi yaboneyeho kumenyesha abo baserukira abandi muri iyo Sikirisare ya Kiriri ko mu migambi ya Diyoseze bazosigurirwa mu misi iza, bazobona ko intumbero nyamukuru ari iy'ukwubaka Ekleziya-Muryango, ku buryo abakristu bumva ko bagize umuryango, nk'uko bari bahejeje kubisomerwa mw'ijambo ry'Imana riri mu gitabu c'ibikorwa vy'Abatumwa, ahavuga ko abakristu ba mbere bari bafise umutima umwe, bagashishikara kwumviriza inyigisho z'abatumwa, bagasenga, kandi bagashishikara kwubaka ubumwe. 

Ikindi yabamenyesheje ni ukuntu paruwase yitunganije, haba mu bijanye n'ukuronka amasakramentu, be n'ivyerekeye ubuzima bwa paruwase muri rusangi. Na ho mu bigiye gukorwa ngo bunge ubumwe n'abandi banyamuryango basanzwe bagize paruwase Katedrale Regina Mundi, bongere bahuze ibikorwa n'abandi banyamuryango ba paruwase, patiri mukuru w'iyo paruwase yashimikiye ahanini ku gutora abazoserukira abandi mu nama nshingwabutumwa ya paruwase bavuye muri iyo Sikirisare.

Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi akaba yasavye abo baserukira abandi muri sikirisale y'i Kiriri ko botora abantu batatu, harimwo uwuserukira imibano, uwuserukira ubutumwa bwa Liturujiya n'iyindi migwi y'ubutumwa isanzwe iharangurira ubutumwa, nk'abakorezi, n'abaririmbiramana.

Kukaba nkako, sikirisare Kiriri ifise imihari itari mike: uri Ingendanyi, aba Scouts, aba JEC, aba Kilo, n'iyindi. Ni ho Patiri Mukuru yagirako abasaba kuzotora abantu babiri bobaserukira mu nama mpuzabutumwa (Coordination), bose hamwe bakazorungikwa mu butumwa kw'itariki 25 Ndamukiza, kuri paruwase Katedrale Regina Mundi. Ariko muri abo, abanyeshure bo muri kaminuza bakaba batazoserukirwa muri iyo nama mpuzabutumwa, kuko n'aho na bo nyene bakora ubutumwa butandukanye muri iyo sikirisare, basanzwe bafise ubwibutsamana bubajejwe.

Abaserukiye abandi mu bakristu bo muri iyo sikilisale y'i Kiririr bararonse akaryo k'ugushikiriza ivyiyumviro vyabo kuri patiri mukuru w'iyo paruwase basigaye bakukira. Bakaba baraboneyeho no kumutura ibibazo bafise. Ibikuru bikuru bamushikirije ni ingene bazokwimura ifishe n'amakarata y'ibatisimu yabo bisanzwe biri muri paruwase Mikaheli Mweranda.

Baranamusavye ko boza bararonswa inyigisho zibakuza mu kwemera, kandi bakanategurirwa n'amafungo. Baranamutuye n'ikibazo c'ubukene bw'abasangiji boshira imfungurwa nyeranda y'Umubiri wa Kristu abarwaye n'abageze mu zabukuru, bamubasangije mu mihana aho baba.

Patiri mukuru wa paruwase Katedrale Regina Mundi yabishuye ko muri ivyo bibazo bamushikirije yumva harimwo ivyo azobanza kuvuganako na mugenzi we, Patiri mukuru wa paruwase bahora bakukira, kugira ngo bishobore gutorerwa umuti utomoye, hakabaho n'ibindi bibazo ngo bizogenda biratorerwa inyishu buke buke.

Patiri Felix Fupi yaranavuze mbere ko hariho n'ibindi bibazo biriko birondererwa umuti, nk'ukumenya urubibe rushasha rugabura paruwase Katedrale Regina Mundi na paruwase Buhonga, hakamenyekana aho ruca neza na neza, kugira ngo abakristu bakukira izo paruwase zihana urubibe ntibajuragirike, bamenye iyo bakukira vy'ukuri. Kuri ico c'abasangiji na co, akaba yarabemereye ko azokivugana n'abagize umugwi wa Caritas ya paruwase, kuko ngo biri mu butumwa basanzwe bakora.

Grâce Divine Gahimbare, paruwase Katedrale Regina Mundi
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 198
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI