Paruwase Katedrale Regina Mundi mu giteramo ca Pasika: ya migirwa ine yo mw'ijoro rya Pasika ngo irafasha kwemera ikinyegezwa c'izuka rya Yezu
Itariki: 8/4/2021Ababisomye 25385 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yasavye abakristu ko mu gusanganira Yezu Kristu yazutse, bomusaba akabuzuzamwo Mutima wiwe Mweranda ngo bashobore kuba umuco w'isi mu kubaho kwabo no mu vyo bakora vyose
«Ntimutinye, Yezu w'i Nazareti murondera, umwe babamba, yazutse, ni muzima, ntakiri ngaha, ntimuronderere umuzima mu kuzimu», ni vyo Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, yabwiye abakristu bari baje mu nkuka y'imisa yaherejwe kuri paruwase Katedarale Regina Mundi, ku wa gatandatu igenekerezo rya 03 Ndamukiza 2021. Ni mu gihe muri Ekleziya Katolika hariko hahimbazwa izuka rya Yezu Kristu, mu misa yitiriwe iy'igitaramo ca Pasika.

Nk'uko Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabisiguye, inkuka y'imisa y'igiteramo ca Pasika itegekanijwe nk'ikategisimu y'ukwigisha abakristu basanzwe barabatijwe hamwe n'abigishwa baba bagira bahabwe ibatisimu, kugira ngo bose baronke akaryo k'ukuzirikana neza ico Pasika y'Umukama ivuga, n'ico imariye abantu kuri ino si.

Uwo mwepiskopi Mukuru akaba yarasiguye ibice bine biranga ihimbazwa ry'ico giteramo ca Pasika. Yavuze ko hatangura umugirwa w'umuco, mu gucana igicaniro barahurako umuriro, kugira ngo bawudomekeko itara rya Pasika rizana umuco mushasha. Akaba yasiguye ko uwo muco wa Pasika ari ikimenyetso ko izuka rya Yezu Kristu yazutse ritanga umuco kw'isi yose, maze abantu bagaheza bakaronka umuco ubakura mu muzimagiza w'icitwa inabi cose.

Yabandanije asigura ko muri ico gice nyene c'umugirwa w'umuco, haca haba urugendo rurongowe n'itara rya Pasika, aho abatanze abandi kuronka umuco w'irara rya Pasika bagenda baradomekera abandi, bisigura ko ngo no mu gukora ibikogwa vy'urukundo, abantu bose baba bakwiye kugenda bamurikiwe n'umuco wa Pasika, ukaba ari wo bagenderamwo. Ico gice ngo kikaba giherahezwa n'ururimbo ruhayagiza ijoro abantu baronsemwo uwo muco.

Muri ivyo bice vy'igiteramo ca Pasika, uwo Mwepiskopi Mukuru yaravuze kandi igica gikurikira, ica kabiri, ico na con go kikaba ari ic'ukuzirikana Ijambo ry'Imana, aho ngo umugirwa wa Liturjiya utegekanya ibisomwa indwi vyo mu Bwuzure bwa kera, na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha. Ivyo bisomwa vyose ngo bikaba vyibutsa ingene Imana ari Yo yaremye vyose: ni yo yaremye isi n'ijuru, n'abantu, n'ibintu.

Ikindi Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavuze ku vyerekeye ivyo bisomwa vyo mu Bwuzure bwa kera, ngo vyibutsa isezerano Umukama yagiranye n'abantu, mugabo abantu bakaba ba «Bahebiyake». Gusa ngo Imana yoyo ikaba yabandanije ibitwararika, mbere ikanabarungikira abahanuzi kubagarura, gushika n'aho irungika n'umwana wayo bwite w'ikinege, Yezu Kristu, ari na We muri Pasika yiwe, ajabutsa isi mu kuyishikana mw'isi nshasha y'abagendera mu muco.

Na co igice ca gatatu, uwo Mwepiskopi Mukuru yavuze ko ari Liturujiya y'ibatisimu. Muri co gice, ngo abakatekumene bavyiteguriye baraheza bakaronswa ibatisimu. Mu gushimangira ko ico gice kibwirizwa kwihwezwa muri ico giteramo ca Pasika, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaravuze ko mbere n'ubwo ata babatirizwa boba bahari, iyo Liturugiya irinda kuba, kugira ngo abakristu bose biyibutse ukwinjira mw'iyo si nshasha, mu kwemera gupfana na Yezu mw'ibatisimu ikiza ibicumuro vyose, igatanga ukuvuka bushasha mu mazi no muri Mutima-Mweranda.

Igice ca kane na co, ari na co gisozera igiteramo ca Pasika, Umwepiskopi Mukuru yavuze ko ari Liturujiya y'Ukarisitiya. Yagize ati: «Mu guhereza Ukaristiya, dusubira kwibutsa ya Nkuka Yezu yahereza ku wa Kane mweranda, mu bimenyetso vy'Umukate n'Umuvinyu, hanyuma akatwihereza vy'ukuri ku wa Gatanu mweranda, mu kwitanga We nyene ubwiwe, mu Mubiri n'Amaraso vyiwe, yihereza Mana Se nk'icungu, kugira ngo dukire.»

Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavuze ko igice ca Liturjiya y'Ukaristiya ari igice gihambaye cane, kuko ngo iyo Liturujiya y'Ukarisitiya ari yo ishikana abakristu mu bunywanyi n'Imana, ikongera kandi ikabashikana ku mwumvikano hagati y'abantu.

Ivyo bice vyose rero uko ari bine ngo biraheza bigafasha abakristu kwemera ikinyegezwa c'izuka, n'aho ngo bitoroshe kugitegera. Akaba yasozereye yipfuriza abakristu ko mu gusanganira Yezu Kristu yazutse, bomusaba akabuzuzamwo Mutima wiwe Mweranda, gutyo ngo bagashobora kuba umuco w'isi mu kubaho kwabo no mu vyo bakora vyose.

Tubamenyeshe ko muri ico giteramo ca Pasika, hari abahora ari abakatekumeni babatijwe. Haranabayeho kandi n'abakristu babiri bakiriwe muri Ekeleziya Katolika, bavuye mu yandi mandini.

Mu guheraheza igice ca Liturjiya y'ibatisimu, abakristu bose bakaba barasubiyemwo indagano zabo z'ibatisimu, hanyuma Umwepiskopi Mukuru na we, afashijwe n'abasaserodoti, bakamija amazi ahezagiye kw'ishengero ryari aho.

Antonine Ciza Batungwanayo, Paruwase Katedrale Regina Mundi 
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 168
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI