Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yasavye abakristu ko mu gusanganira Yezu Kristu yazutse, bomusaba akabuzuzamwo Mutima wiwe Mweranda ngo bashobore kuba umuco w'isi mu kubaho kwabo no mu vyo bakora vyose
«Ntimutinye, Yezu w'i Nazareti murondera, umwe babamba, yazutse, ni muzima, ntakiri ngaha, ntimuronderere umuzima mu kuzimu», ni vyo Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, yabwiye abakristu bari baje mu nkuka y'imisa yaherejwe kuri paruwase Katedarale Regina Mundi, ku wa gatandatu igenekerezo rya 03 Ndamukiza 2021. Ni mu gihe muri Ekleziya Katolika hariko hahimbazwa izuka rya Yezu Kristu, mu misa yitiriwe iy'igitaramo ca Pasika.
Nk'uko Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabisiguye, inkuka y'imisa y'igiteramo ca Pasika itegekanijwe nk'ikategisimu y'ukwigisha abakristu basanzwe barabatijwe hamwe n'abigishwa baba bagira bahabwe ibatisimu, kugira ngo bose baronke akaryo k'ukuzirikana neza ico Pasika y'Umukama ivuga, n'ico imariye abantu kuri ino si.
Uwo mwepiskopi Mukuru akaba yarasiguye ibice bine biranga ihimbazwa ry'ico giteramo ca Pasika. Yavuze ko hatangura umugirwa w'umuco, mu gucana igicaniro barahurako umuriro, kugira ngo bawudomekeko itara rya Pasika rizana umuco mushasha. Akaba yasiguye ko uwo muco wa Pasika ari ikimenyetso ko izuka rya Yezu Kristu yazutse ritanga umuco kw'isi yose, maze abantu bagaheza bakaronka umuco ubakura mu muzimagiza w'icitwa inabi cose.
Yabandanije asigura ko muri ico gice nyene c'umugirwa w'umuco, haca haba urugendo rurongowe n'itara rya Pasika, aho abatanze abandi kuronka umuco w'irara rya Pasika bagenda baradomekera abandi, bisigura ko ngo no mu gukora ibikogwa vy'urukundo, abantu bose baba bakwiye kugenda bamurikiwe n'umuco wa Pasika, ukaba ari wo bagenderamwo. Ico gice ngo kikaba giherahezwa n'ururimbo ruhayagiza ijoro abantu baronsemwo uwo muco.
Muri ivyo bice vy'igiteramo ca Pasika, uwo Mwepiskopi Mukuru yaravuze kandi igica gikurikira, ica kabiri, ico na con go kikaba ari ic'ukuzirikana Ijambo ry'Imana, aho ngo umugirwa wa Liturjiya utegekanya ibisomwa indwi vyo mu Bwuzure bwa kera, na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha. Ivyo bisomwa vyose ngo bikaba vyibutsa ingene Imana ari Yo yaremye vyose: ni yo yaremye isi n'ijuru, n'abantu, n'ibintu.
Ikindi Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavuze ku vyerekeye ivyo bisomwa vyo mu Bwuzure bwa kera, ngo vyibutsa isezerano Umukama yagiranye n'abantu, mugabo abantu bakaba ba
«Bahebiyake». Gusa ngo Imana yoyo ikaba yabandanije ibitwararika, mbere ikanabarungikira abahanuzi kubagarura, gushika n'aho irungika n'umwana wayo bwite w'ikinege, Yezu Kristu, ari na We muri Pasika yiwe, ajabutsa isi mu kuyishikana mw'isi nshasha y'abagendera mu muco.
Na co igice ca gatatu, uwo Mwepiskopi Mukuru yavuze ko ari Liturujiya y'ibatisimu. Muri co gice, ngo abakatekumene bavyiteguriye baraheza bakaronswa ibatisimu. Mu gushimangira ko ico gice kibwirizwa kwihwezwa muri ico giteramo ca Pasika, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaravuze ko mbere n'ubwo ata babatirizwa boba bahari, iyo Liturugiya irinda kuba, kugira ngo abakristu bose biyibutse ukwinjira mw'iyo si nshasha, mu kwemera gupfana na Yezu mw'ibatisimu ikiza ibicumuro vyose, igatanga ukuvuka bushasha mu mazi no muri Mutima-Mweranda.
Igice ca kane na co, ari na co gisozera igiteramo ca Pasika, Umwepiskopi Mukuru yavuze ko ari Liturujiya y'Ukarisitiya. Yagize ati:
«Mu guhereza Ukaristiya, dusubira kwibutsa ya Nkuka Yezu yahereza ku wa Kane mweranda, mu bimenyetso vy'Umukate n'Umuvinyu, hanyuma akatwihereza vy'ukuri ku wa Gatanu mweranda, mu kwitanga We nyene ubwiwe, mu Mubiri n'Amaraso vyiwe, yihereza Mana Se nk'icungu, kugira ngo dukire.»
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavuze ko igice ca Liturjiya y'Ukaristiya ari igice gihambaye cane, kuko ngo iyo Liturujiya y'Ukarisitiya ari yo ishikana abakristu mu bunywanyi n'Imana, ikongera kandi ikabashikana ku mwumvikano hagati y'abantu.
Ivyo bice vyose rero uko ari bine ngo biraheza bigafasha abakristu kwemera ikinyegezwa c'izuka, n'aho ngo bitoroshe kugitegera. Akaba yasozereye yipfuriza abakristu ko mu gusanganira Yezu Kristu yazutse, bomusaba akabuzuzamwo Mutima wiwe Mweranda, gutyo ngo bagashobora kuba umuco w'isi mu kubaho kwabo no mu vyo bakora vyose.
Tubamenyeshe ko muri ico giteramo ca Pasika, hari abahora ari abakatekumeni babatijwe. Haranabayeho kandi n'abakristu babiri bakiriwe muri Ekeleziya Katolika, bavuye mu yandi mandini.
Mu guheraheza igice ca Liturjiya y'ibatisimu, abakristu bose bakaba barasubiyemwo indagano zabo z'ibatisimu, hanyuma Umwepiskopi Mukuru na we, afashijwe n'abasaserodoti, bakamija amazi ahezagiye kw'ishengero ryari aho.
Antonine Ciza Batungwanayo, Paruwase Katedrale Regina Mundi