Zénobé NIRAGIRA yarashimiye Abasaveri bitavye ivyo bikorwa, hamwe n'abamaze gutanga uburyo bose, kuko ari bo bashoboje ko ivyo bikorwa bitangura
Kuri uyu wa gatandatu mu gatondo ko kw'ingenekerezo rya 22 Nyakanga, Abasaveri, barongowe n'uwuserukira umuhari ku rwego rw'igihugu c'Uburundi, umushingantahe Zénobé NIRAGIRA, baratanguye ibikorwa vy'ibanze vy'ukwubaka inzu y'umuhari ku rwego rw'igihugu, i Kimina muri Paruwase Mutumba. Ibikorwa babikoreye ku kibanza kigenewe kwubakamwo ikigo c'abasaveri ku rwego rw'igihugu, muri Paruwase Mutumba, neza na neza muri Sikirisale Kimina, ivyo na vyo bikaba kwari ugutegura ikibanza kizubakwamwo inzu y'amanama, be ukwikorera amabuye n'amatafari.
Abasaveri bo mu ma Paruwase ya Kanyosha, Musaga, Ruziba, Ngagara, Kinama,Kinindo, Gatumba, bari kumwe n'aabanyeshure biga muri za kaminuza, hamwe n'abaserukiye abandi muri Paruwase Mutumba. Nk'abegereye i kimina bobo bazindutse akajoro, kugira ngo bashikeyo hakiri kare kuko bagenda n'amaguru. Abo na bo ni abo mu Ruziba. Eka mbere na bamwe bamwe mu bo mu Kanyosha, ababa kure, na bo nyene barinze kurondera imodokari ibashikanayo, kuko bari bafise ishaka ryinshi ry'ugushika ku kivi hakiri kare.
Inyuma y'ivyo bikorwa, Abasaveri baciye bumviriza ijambo ryerekeye uwo musi, nk'uko barishikirijwe n'Umushingantahe Zénobé NIRAGIRA. Uwo aserukira umuhari yarashimiye Abasaveri bitavye ivyo bikorwa, hamwe n'abamaze gutanga uburyo bose, kuko ari bo bashoboje ko ivyo bikorwa bitangura. Zénobé NIRAGIRA yarakengurukiye ku buryo bwiharije Patiri Alphonse NDABISERUYE, kuko ngo ari we yabahaye itongo ry'ukwubakamwo izo nyubakwa, bakaba mbere bahavuye bamutazira akazina «MASABO».
Uwuserukira umuhari yagiriyeko anashikiriza Abasaveri uwugiye kuzoba ashinzwe ishirwa mu ngiro ry'imigambi ku ruhande rw'urwo rwubako, na we akaba ari umupfasoni Sabine SABIMBONA, akaba yaratumiriye Abasaveri gushigikira uwo mugambi. Yaboneyeho n'ukumenyesha abari aho ko hazubakwa inzu y'amanama, igorofa y'uburaro n'igorofa y'amashule y'imyuga, iyo migambi yose ikaba izokorwa n'abasaveri, ariko ngo ikazogirira akamaro abantu bose bo mu mihingo itandukanye.
Uwurongoye umuhari ku rwego rwa Diyoseze na we yaragize ico avuga. Antoine NDIKUMWAMI, mw'ijambo ryiwe, yasavye abasaveri bose, na cane cane abo muri Diyoseze ya Bujumbura, kwitaba ako kamo ko guterera mu bikorwa vyose vyo kwubaka i Kimina. Yagize ati: «Umusaveri wese, n,ibiburiburi, azotanga itafari rimwe kugira ngo barangure ivyo bikorwa, nk'uko bavyiyemeje. Antoine NDIKUMWAMI na we nyene ntiyibagiye gukengurukira cane Patiri Alphonse kubw'iryo tongo yabahaye ngo bariranguriremwo iyo migambi.
Patiri Alphonse NDABISERUYE na we nyene yahavuye afata ijambo, uyu wewe akaba yarateye intege abo basaveri, aho yabashimiye ku kuntu batoye ico kubanza ngo kibe ari co baranguriramwo iyo migambi yabo. Ni kwo kubasaba ko bobandanya bitanga, bagize urunani, kugira ngo bazoshike kw'ihangiro bihaye, aca anabamenyesha ko na we nyene abashigikiye, kandi ko azobandanya abasabira.
Patiri Alphonse NDABISERUYE yagiriyeko anababwira ko mu misi iri imbere Kimina izoba ari umusozi ukomeye, kuko n'umuhari w'ingendanyi, be n'uwa schoestatt na yo nyene ihafise ibibanza, kandi ko hariho n'umuryango w'abihebeye Imana na wo nyene ugomba kwubaka mu kibanza uhafise. Patiri Alphonse NDABISERUYE yasozereye ijambo ryiwe ahezagira ico kibanza, abona kugira umugirwa w'ugutanguza ibikorwa, ari kumwe n'abaserukira umuhari, hamwe na wa wundi yashinzwe gushira mu ngiro uwo mugambi.
Mwomenya kandi ko aho nyene i kimina hasanzwe hariho n'Isengero yitiriwe umweranda Kizito ibereye ijisho, ivuriro, be n'amashule afise n'uburaro, ivyo vyose bikaba vyubatswe ahanini bivuye ku bukerebutsi, urukundo n'ukwitanga kwa Patiri Alphonse NDABISERUYE.
Gonzalve NTASHIMIKIRO, i Kimina