Yezu aramwishura ati: «Muragowe namwe bahinga b'amategeko, kuko muzigira abantu ku muzigo badashobora gutwara, namwe ntimuyikozeko n'urutoke!» Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi Félix Fupi yarI arongoye inkuka y'imisa ahereje kuri ayo majambo yasomwe mu Nkurunziza ya Luka ikigabane ca 11 yagize ati: "
'. Musinguro yatanze yahamagariye abaraho gutangarira inyifato ya Yezu.
Uwo musaserdoti yabandanije avuga ko Yezu afise umwidegemvyo udasanzwe kandi ababatijwe bose babwirizwa kumurabirako. Yavuze kandi ko uwo mwidegemvyo wa Yezu ubonekera mukungene yugurukiye bose naho mu Bayahudi hari imirwi myinshi bose baramutumira kandi akabitaba. Yasiguye ko ico Yezu abashakako abo bafarizayo n'uko baba intungane, nayo intungane ngo n'umuntu yemera Imana, akayizigira akamenya yuko abayeho ku bwayo «N'umuntu kandi azi ico ari atigira nk'Imana, arazirikana ico Imana imushakako agaheza akakirangura. Uwo muntu rero aca arangwa n'ibikorwa vyiza, ibikorwa vy'urukundo bifasha abandi. Ingorane abafarizayo bafise n'uko muvyo bakora barondera ivyubahiro vyabo nayo umuntu w'intungane akora arondera ininahazwa ry'Imana».
Iyo nkuka y'imisa yari yitabwe n'abanyacubahiro batari bake, indongozi zitandukanye uhereye k'umukuru w'igihugu n'umutambukanyi wiwe, abari mu ntwaro, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaryango b'iyo ncungu y'Uburundi eka mbere n'abanyagihugu batari bake. Patiri Félix Fupi yishimikije Ijambo ryo mw'ibaruwa umutumwa Paulo yandikiye Abanyaroma (Rm1) yaciye akebura abakristu bose avuga ati «Ego biroroshe kuvuga ko bariya ari babi, bakora nabi, bacumura, biroroshe kubacira imanza mugabo ariko ko vyari bikwiye ko umukristu wese yiraba kuko ivyo abandi bakora nabi ,nawene usanga abikora kandi Imana iba imubona ariko kubera urukundo rwayo Imana iguma irindiriye uyo muntu ikamuha umwanya ngo yinagure»
Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi kur'uwo musi hari haramutse hibukwa uwo muganwa, yatumiriye abari aho ko nabo vyobafasha kuzirikana n'ukwisuzuma ntibagume bagira ngo ba naka bagize nabi, ba naka ni babi ariko kabe akaryo ko kwisuzuma ko umwe wese ariko akora ibitunganye.Patiri Fupi ati «Ico Imana isaba abantu, ni ukuba abantu b'intungane, abantu bameze nka Yezu, bavuga ukur»i.Ageze ngaho yaciye asaba abari bitavye urwo rubanza ko ikintu ari kibi bovuga ko ari kibi ari ciza nahone bakacemeza ko ari ciza.
Patiri FUPI Felix yarangije inyigisho ahamagarira abari baje mw'iyo nkuka ya misa kuzirikana uwo mwidegemvyo mukwibuka umuganwa Rudoviko Rwagasore kuko nawene ngo ntiyatinye kuvuga ivyiza biri mu Burundi ariko akagaruka akavuga ati:« erega hariho ibisuma b'abangushi kandi tuzobarwanya». Ku bwa Patiri Félix Fupi kugira umwidegemvyo nkuyo usaba guhinduka vy'ukuri n'umuhamagaro w'ukuba abantu bamenye Yezu Kristu akabagira abidegemvya. Rwagasore nico yerekanye, umuntu arwana atarondera inyungu mugabo arondera ineza y'igihugu cose.
Twobamenyesha ko ihimbazwa ry'iyo sabukuru y'imyaka mirongo itandatu incungu y'ukwikukira kw'u Burundi imaze igandaguwe ryarangijwe kandi n'ugushira ingori z'amashurwe ku ntatemwa yiwe.
Grâce Divine Gahimbare, Paruwase Katedrale Regina Mundi