WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(3-9 Myandagaro 2020)_12/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(3-9 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 20 gushika 26 Mukakaro 2020 _ 14/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 20 gushika 26 Mukakaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 03 09 Myandagaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA
Baza ikibazo

Ivyo dusoma mw'Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 20-27)


Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire


Ncuti zanje, Kristu yarazutse ava mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n'umuntu umwe, n'izuka ry'abapfuye rizanwa n'umuntu umwe.


Nk'uko abantu bose bapfa muri Adamu, ni ko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo umwe umwe wese azoronka ikibanza bakwiranye: Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogarukira.


Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n'Ububasha. 


Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umusi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yatsinze ubwanyuma ni Urupfu, kuko ariho azoba yatsinze vyose.


Tanga
Ufashe Umuryango
Iyindi mirongo
Abari kumurongo : 25
Itariki: 05/10/2018Ababisomye 1301 Vyamenyekanishijwe na : Michel NIBITANGA
Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko
Indwi ya kabiri y'ukwezi kwa Gitugutu itangura kw'igenekerezo rya 07 Gitugutu ikarangira kw'igenekerezo rya 13 Gitugutu 2018. Ni indwi ihariwe kumenyekanisha igikorwa ca Papa c'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu mibano Rukristu. Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko, ni ko tubisanga muri ka gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018, kuva ku rupapuro rwa 25 gushika ku rwa 29. Muri ako gatabu turasangamwo ko mu miryango ari ho turonkera indero Rukristu idutuma dukurikira Yezu Kristu, mbere ko ngo n'abihebeye Imana beza kandi beranda bavukira kandi bagakurira muri iyo miryango nyene. Kubw'abanditsi b'ako gatabu, ngo ivyiza tuvoma mu miryango bituma dukura dukunda Imana n'abantu.

Rero, ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu gihe ca none, ngo vyohera aho nyene tuba, kandi bikajana no gusabikanya ivyo dutunze, na cane cane tugahera kuri barya ataco bishoboje.

INYIGISHO ITEGEKANIJWE KU NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA

Ibisomwa vy'amasabamana vyisungwa mu ndwi ya kabiri ni ivyo kw'idominika ya 27, umwaka-B (Amamuko 2,18-24; Zabuli 127(128)1-2,3,4-5,6; Abahebreyi 2,9-11/ Mariko 10,2-16).

Ijambo ry'Imana twumva muri ivyo bisomwa ririmwo inyigisho ikomeye yerekeye ubumwe bukwiye kuranga umuryango:
- «Mu ntango y'irema, Imana yaremye umugabo n'umugore; ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n'umugore wiwe, bompi bazoba umwe musa [...] Ntihagire umuntu atandukanya ico Imana yifatanirije» (Mariko 10,6-9);
- «Uwutakira ubwami bw'Imana nka kurya abana babwakira, ntazobwinjiramwo» (Mariko 10,14b).

NONE DUTEGERE IKI?

Bene wacu, iciyumviro nyamukuru dukura muri ibi bisomwa ni ingingo yo gushemeza urukundo rw'abubakanye, ku buryo uyu musi w'Imana dushobora kuwita «Uw'Imana w'urukundo».

Twebwe abakristu, tuvuga ko ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga ko ari igikorwa ceranda, aho Imana ifise Ijambo, ifatanya ababirana mw'isakramentu bahana. Turakeneye rero gutera imbere mu kwemera ngo dutahure ico ari co urukundo rw'abubakanye. Kubw'Umutumwa Paulo, urwo rukundo rwinjiza umuntu mu buzima bushasha, kubera ko ukubaho kwa muntu guca kwisunga Yezu Kristu. Egome, duciye kuri iryo remezo, nitwemere ko ibanga ry'ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga uburyo Imana ikoresha ngo ihunde urukundo rwayo abemera Kristu, Umwana wayo. Abubakanye na bo bahamagariwe gukundana nk'uko Kristu nyene akunda Ekleziya yiwe; bahamagariwe kwubaka urugo rwabo mu rukundo rw'Ubutatu Bweranda; bahamagariwe kuba ivyabona vy'urwo rukundo.

Abahanye isakramentu ry'ukwabirana bashira hamwe muri vyose; ntibaba bagitana, kuko basangiye ugupfa n'ugukira; ntibohemukiranirana, ahubwo bokwiheberanirana, ni ho boshobora gukurikiza neza ingingo y'Umukama, nk'uko twayumvise mu Nkuru Nziza ngo «Ntibakiri babiri [...], bacitse umwe, ntihagire umuntu azotandukanya ico Imana yifatanirije».

None rero, tumurikiwe n'iri jambo ry'Imana, kandi twisunze ukwemera kwacu, nitugende turemeshe bene wacu bubakanye bari mu ngorane, tubahanure, tubafashe gutegera iryo banga. Nidusabire kandi ingo rukristu zugarijwe n'ubukene, ngo Umukama azironse umutima wo kumugumizako umwizero, kuko ari we soko ry'ubuzima budahera. Na twebwe nyene nitwisabire kugira ngo twame twiyumvanamwo nk'abavukanyi, kandi twiyegereze abababaye, abakene n'abakumirwa kuri iyi si, tubunganire mu vyo bakenera.

IBIKORWA BITEGEKANIJWE MURI IYI NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA

Bakristu, beza b'Umukama, mu kugendera ubu butumwa bw'iyi ndwi, vyoba vyiza tuyiranguyemwo ibikorwa bikurikira:

1. Kugendera imibano rukristu, ikamenyeshwa ibijanye n'ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza ya yezu Kristu;
2. Ku w'Imana w'igenekerezo rya 15 Gitugutu, hovugwa mw'isengero itangazo ritumirira abakristu kuza mu misa y'umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu bibangikanije intererano igenewe ubwo butumwa;
3. Ukwezi kw'icumi kwose, abakristu bohimirizwa kuvuga ishabule y'abamisiyonari, kugira ngo bagume basabira abamisiyonari bitanga mu kumenyesha Inkuru Nziza.

Ngivyo bimwe bimwe mu vyo dusanga mu gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018. Ni agatabu dukesha ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. Kasubiwemwo mu kirundi n'abagize ivyo biro, i Bujumbura, ngo gafashe abakristu mu misa, mu masabamana, mu manama y'imibano mito mito, no mu mihari, mu kiringo c'uku kwezi kwa Gitugutu. Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, Umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M/Burundi), kumwe na Nyenubweranda Papa Fransisko, yipfuza ko uwabatijwe wese yovuga nka Paulo Mweranda ati: «Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza» (1Kor.9,16). Abashikiriza izi nyigisho abipfuriza kuzohimbaza neza wa musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.

Inyigisho y'iyi ndwi ya kabiri isomwe ku bwanyu n'umufashabutumwa wa Ekleziya mu kigo CEDICOM. Inyigisho y'indwi ya gatatu muzoyishikirizwa wa gatandatu uza, isaha zibiri z'ijoro, buca iyo ndwi y'ubutumwa bwa Papa itangura.

Michel NIBITANGA
Ivyiyumviro
Amazina
E-mail
Iciyumviro canyu
Andika igiharuro gikurikira12509359192440
Tanga
Ufashe Umuryango
Ijambo ry'Imana
Gusenga ngo «Dawe wa twese... Ubwami bwawe nibukwire hose!» bisigura iki?30/7/2019 | Ababisomye 2195 | Michel NIBITANGA Ubwami bw'Imana bwaraje mu rupfu n'Izuka vya Kristu, vyongeye buri hagati muri twebwe mw'Ukaristiya no mu butumwa bwa Ekleziya mw'isi, ariko kandi bugira buze muri wa muzo wa nyuma w'Umukama mu bunina....
Ijambo ry'Imana
Ubwo abarundi turazirikana vy'ukuri ivyo tuvuga mu gisabisho ca "Dawe wa twese..."?30/7/2019 | Ababisomye 2925 | Michel NIBITANGA Ababanyi bawe, abo mudasangiye ubwoko, ivyiyumviro, abo mufise ivyo mupfa, burya ni abana b'Imana....
Duhimbaze Bikira Mariya w'i Karumeli ahimbazwa kw'itariki ya 16 Mukakaro16/7/2019 | Ababisomye 1371 | Michel NIBITANGA «Ukuduga Karumeli», birakenewe guheba ivyo vyose bitubuza kwunguka mu bumwe dufitaniye n'Imana kugira ngo tuduge, twegere Imana Rudasumbwa (Yohani w'Umusalaba Mweranda)....
Ni gute umuntu ashobora kumenya ko Imana iriko iramuhamagara ngo ayihebere?16/7/2019 | Ababisomye 2393 | Abbé Dieudonné NIYIBIZI Umaze kubona ibimenyetso vyerekeye ihamagarwa ryawe, ugutohoza ijwi ry'Umukama bisaba umwanya, ubwitonzi nyakuri n'igisabisho ca misi yose....
Bikira Mariya Umuvyeyi w'Ekleziya n'uw'abantu, uwo duhimbaza ku musi wa mbere ukurikira Pentekoti10/6/2019 | Ababisomye 1618 | Michel NIBITANGA Mariya twaramugabanyeko Umuvyeyi, twaramurazwe n'Umwana w'Imana; ni Eva wa kabiri, ni we Nyina w'abazima, yadusubije ubuzima bw'Imana....
WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(3-9 Myandagaro 2020)_12/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(3-9 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 20 gushika 26 Mukakaro 2020 _ 14/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 20 gushika 26 Mukakaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku va kw'igenekerezo rya 03 09 Myandagaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA

Ivyo dusoma mw'Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 20-27)


Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire


Ncuti zanje, Kristu yarazutse ava mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n'umuntu umwe, n'izuka ry'abapfuye rizanwa n'umuntu umwe.


Nk'uko abantu bose bapfa muri Adamu, ni ko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo umwe umwe wese azoronka ikibanza bakwiranye: Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogarukira.


Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n'Ububasha. 


Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umusi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yatsinze ubwanyuma ni Urupfu, kuko ariho azoba yatsinze vyose.


Baza ikibazo
Abari kumurongo : 25
Archidiocèse y'i Bujumbura
Gihosha
Tél : 22 23 14 76
Centre Diocésain de Communication
CEDICOM
B.P. 690 Bujumbura
Tél. : 22 22 05 00
E-mail : cedicom.buja@gmail.com
Ronka amakuru

Rondera
Mwodukurikirana muciye kuri :