IVYO TUZIRIKANA MU NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA BWA PAPA MU KWEZI KWO GUKWIZA HOSE INKURU NZIZA YA YEZU KRISTU
Itariki: 05/10/2018Ababisomye 7949 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko
Indwi ya kabiri y'ukwezi kwa Gitugutu itangura kw'igenekerezo rya 07 Gitugutu ikarangira kw'igenekerezo rya 13 Gitugutu 2018. Ni indwi ihariwe kumenyekanisha igikorwa ca Papa c'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu mibano Rukristu. Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko, ni ko tubisanga muri ka gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018, kuva ku rupapuro rwa 25 gushika ku rwa 29. Muri ako gatabu turasangamwo ko mu miryango ari ho turonkera indero Rukristu idutuma dukurikira Yezu Kristu, mbere ko ngo n'abihebeye Imana beza kandi beranda bavukira kandi bagakurira muri iyo miryango nyene. Kubw'abanditsi b'ako gatabu, ngo ivyiza tuvoma mu miryango bituma dukura dukunda Imana n'abantu.

Rero, ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu gihe ca none, ngo vyohera aho nyene tuba, kandi bikajana no gusabikanya ivyo dutunze, na cane cane tugahera kuri barya ataco bishoboje.

INYIGISHO ITEGEKANIJWE KU NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA

Ibisomwa vy'amasabamana vyisungwa mu ndwi ya kabiri ni ivyo kw'idominika ya 27, umwaka-B (Amamuko 2,18-24; Zabuli 127(128)1-2,3,4-5,6; Abahebreyi 2,9-11/ Mariko 10,2-16).

Ijambo ry'Imana twumva muri ivyo bisomwa ririmwo inyigisho ikomeye yerekeye ubumwe bukwiye kuranga umuryango:
- «Mu ntango y'irema, Imana yaremye umugabo n'umugore; ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n'umugore wiwe, bompi bazoba umwe musa [...] Ntihagire umuntu atandukanya ico Imana yifatanirije» (Mariko 10,6-9);
- «Uwutakira ubwami bw'Imana nka kurya abana babwakira, ntazobwinjiramwo» (Mariko 10,14b).

NONE DUTEGERE IKI?

Bene wacu, iciyumviro nyamukuru dukura muri ibi bisomwa ni ingingo yo gushemeza urukundo rw'abubakanye, ku buryo uyu musi w'Imana dushobora kuwita «Uw'Imana w'urukundo».

Twebwe abakristu, tuvuga ko ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga ko ari igikorwa ceranda, aho Imana ifise Ijambo, ifatanya ababirana mw'isakramentu bahana. Turakeneye rero gutera imbere mu kwemera ngo dutahure ico ari co urukundo rw'abubakanye. Kubw'Umutumwa Paulo, urwo rukundo rwinjiza umuntu mu buzima bushasha, kubera ko ukubaho kwa muntu guca kwisunga Yezu Kristu. Egome, duciye kuri iryo remezo, nitwemere ko ibanga ry'ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga uburyo Imana ikoresha ngo ihunde urukundo rwayo abemera Kristu, Umwana wayo. Abubakanye na bo bahamagariwe gukundana nk'uko Kristu nyene akunda Ekleziya yiwe; bahamagariwe kwubaka urugo rwabo mu rukundo rw'Ubutatu Bweranda; bahamagariwe kuba ivyabona vy'urwo rukundo.

Abahanye isakramentu ry'ukwabirana bashira hamwe muri vyose; ntibaba bagitana, kuko basangiye ugupfa n'ugukira; ntibohemukiranirana, ahubwo bokwiheberanirana, ni ho boshobora gukurikiza neza ingingo y'Umukama, nk'uko twayumvise mu Nkuru Nziza ngo «Ntibakiri babiri [...], bacitse umwe, ntihagire umuntu azotandukanya ico Imana yifatanirije».

None rero, tumurikiwe n'iri jambo ry'Imana, kandi twisunze ukwemera kwacu, nitugende turemeshe bene wacu bubakanye bari mu ngorane, tubahanure, tubafashe gutegera iryo banga. Nidusabire kandi ingo rukristu zugarijwe n'ubukene, ngo Umukama azironse umutima wo kumugumizako umwizero, kuko ari we soko ry'ubuzima budahera. Na twebwe nyene nitwisabire kugira ngo twame twiyumvanamwo nk'abavukanyi, kandi twiyegereze abababaye, abakene n'abakumirwa kuri iyi si, tubunganire mu vyo bakenera.

IBIKORWA BITEGEKANIJWE MURI IYI NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA

Bakristu, beza b'Umukama, mu kugendera ubu butumwa bw'iyi ndwi, vyoba vyiza tuyiranguyemwo ibikorwa bikurikira:

1. Kugendera imibano rukristu, ikamenyeshwa ibijanye n'ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza ya yezu Kristu;
2. Ku w'Imana w'igenekerezo rya 15 Gitugutu, hovugwa mw'isengero itangazo ritumirira abakristu kuza mu misa y'umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu bibangikanije intererano igenewe ubwo butumwa;
3. Ukwezi kw'icumi kwose, abakristu bohimirizwa kuvuga ishabule y'abamisiyonari, kugira ngo bagume basabira abamisiyonari bitanga mu kumenyesha Inkuru Nziza.

Ngivyo bimwe bimwe mu vyo dusanga mu gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018. Ni agatabu dukesha ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. Kasubiwemwo mu kirundi n'abagize ivyo biro, i Bujumbura, ngo gafashe abakristu mu misa, mu masabamana, mu manama y'imibano mito mito, no mu mihari, mu kiringo c'uku kwezi kwa Gitugutu. Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, Umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M/Burundi), kumwe na Nyenubweranda Papa Fransisko, yipfuza ko uwabatijwe wese yovuga nka Paulo Mweranda ati: «Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza» (1Kor.9,16). Abashikiriza izi nyigisho abipfuriza kuzohimbaza neza wa musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.

Inyigisho y'iyi ndwi ya kabiri isomwe ku bwanyu n'umufashabutumwa wa Ekleziya mu kigo CEDICOM. Inyigisho y'indwi ya gatatu muzoyishikirizwa wa gatandatu uza, isaha zibiri z'ijoro, buca iyo ndwi y'ubutumwa bwa Papa itangura.

Michel NIBITANGA
Ivyiyumviro
Mu mumugwi umwe
<<< 1234 >>>
UBUHIRWE NYABWO MURI BINO BIHE04/05/2018 | ababisomye 4774 | Michel NIBITANGA
<<< 1234 >>>

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 149
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI