Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko
Indwi ya kabiri y'ukwezi kwa Gitugutu itangura kw'igenekerezo rya 07 Gitugutu ikarangira kw'igenekerezo rya 13 Gitugutu 2018. Ni indwi ihariwe kumenyekanisha igikorwa ca Papa c'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu mibano Rukristu. Inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi itwibutsa ko Umuryango ari wo Ekleziya yo ku ziko, ni ko tubisanga muri ka gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018, kuva ku rupapuro rwa 25 gushika ku rwa 29. Muri ako gatabu turasangamwo ko mu miryango ari ho turonkera indero Rukristu idutuma dukurikira Yezu Kristu, mbere ko ngo n'abihebeye Imana beza kandi beranda bavukira kandi bagakurira muri iyo miryango nyene. Kubw'abanditsi b'ako gatabu, ngo ivyiza tuvoma mu miryango bituma dukura dukunda Imana n'abantu.
Rero, ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu gihe ca none, ngo vyohera aho nyene tuba, kandi bikajana no gusabikanya ivyo dutunze, na cane cane tugahera kuri barya ataco bishoboje.
INYIGISHO ITEGEKANIJWE KU NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA
Ibisomwa vy'amasabamana vyisungwa mu ndwi ya kabiri ni ivyo kw'idominika ya 27, umwaka-B (Amamuko 2,18-24; Zabuli 127(128)1-2,3,4-5,6; Abahebreyi 2,9-11/ Mariko 10,2-16).
Ijambo ry'Imana twumva muri ivyo bisomwa ririmwo inyigisho ikomeye yerekeye ubumwe bukwiye kuranga umuryango:
- «Mu ntango y'irema, Imana yaremye umugabo n'umugore; ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n'umugore wiwe, bompi bazoba umwe musa [...] Ntihagire umuntu atandukanya ico Imana yifatanirije» (Mariko 10,6-9);
- «Uwutakira ubwami bw'Imana nka kurya abana babwakira, ntazobwinjiramwo» (Mariko 10,14b).
Bene wacu, iciyumviro nyamukuru dukura muri ibi bisomwa ni ingingo yo gushemeza urukundo rw'abubakanye, ku buryo uyu musi w'Imana dushobora kuwita «Uw'Imana w'urukundo».
Twebwe abakristu, tuvuga ko ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga ko ari igikorwa ceranda, aho Imana ifise Ijambo, ifatanya ababirana mw'isakramentu bahana. Turakeneye rero gutera imbere mu kwemera ngo dutahure ico ari co urukundo rw'abubakanye. Kubw'Umutumwa Paulo, urwo rukundo rwinjiza umuntu mu buzima bushasha, kubera ko ukubaho kwa muntu guca kwisunga Yezu Kristu. Egome, duciye kuri iryo remezo, nitwemere ko ibanga ry'ukwabirana ari isakramentu, ni ukuvuga uburyo Imana ikoresha ngo ihunde urukundo rwayo abemera Kristu, Umwana wayo. Abubakanye na bo bahamagariwe gukundana nk'uko Kristu nyene akunda Ekleziya yiwe; bahamagariwe kwubaka urugo rwabo mu rukundo rw'Ubutatu Bweranda; bahamagariwe kuba ivyabona vy'urwo rukundo.
Abahanye isakramentu ry'ukwabirana bashira hamwe muri vyose; ntibaba bagitana, kuko basangiye ugupfa n'ugukira; ntibohemukiranirana, ahubwo bokwiheberanirana, ni ho boshobora gukurikiza neza ingingo y'Umukama, nk'uko twayumvise mu Nkuru Nziza ngo «Ntibakiri babiri [...], bacitse umwe, ntihagire umuntu azotandukanya ico Imana yifatanirije».
None rero, tumurikiwe n'iri jambo ry'Imana, kandi twisunze ukwemera kwacu, nitugende turemeshe bene wacu bubakanye bari mu ngorane, tubahanure, tubafashe gutegera iryo banga. Nidusabire kandi ingo rukristu zugarijwe n'ubukene, ngo Umukama azironse umutima wo kumugumizako umwizero, kuko ari we soko ry'ubuzima budahera. Na twebwe nyene nitwisabire kugira ngo twame twiyumvanamwo nk'abavukanyi, kandi twiyegereze abababaye, abakene n'abakumirwa kuri iyi si, tubunganire mu vyo bakenera.
IBIKORWA BITEGEKANIJWE MURI IYI NDWI YA KABIRI Y'UBUTUMWA
Bakristu, beza b'Umukama, mu kugendera ubu butumwa bw'iyi ndwi, vyoba vyiza tuyiranguyemwo ibikorwa bikurikira:
1. Kugendera imibano rukristu, ikamenyeshwa ibijanye n'ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza ya yezu Kristu;
2. Ku w'Imana w'igenekerezo rya 15 Gitugutu, hovugwa mw'isengero itangazo ritumirira abakristu kuza mu misa y'umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu bibangikanije intererano igenewe ubwo butumwa;
3. Ukwezi kw'icumi kwose, abakristu bohimirizwa kuvuga ishabule y'abamisiyonari, kugira ngo bagume basabira abamisiyonari bitanga mu kumenyesha Inkuru Nziza.
Ngivyo bimwe bimwe mu vyo dusanga mu gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018. Ni agatabu dukesha ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. Kasubiwemwo mu kirundi n'abagize ivyo biro, i Bujumbura, ngo gafashe abakristu mu misa, mu masabamana, mu manama y'imibano mito mito, no mu mihari, mu kiringo c'uku kwezi kwa Gitugutu. Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, Umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M/Burundi), kumwe na Nyenubweranda Papa Fransisko, yipfuza ko uwabatijwe wese yovuga nka Paulo Mweranda ati: «Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza» (1Kor.9,16). Abashikiriza izi nyigisho abipfuriza kuzohimbaza neza wa musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
Inyigisho y'iyi ndwi ya kabiri isomwe ku bwanyu n'umufashabutumwa wa Ekleziya mu kigo CEDICOM. Inyigisho y'indwi ya gatatu muzoyishikirizwa wa gatandatu uza, isaha zibiri z'ijoro, buca iyo ndwi y'ubutumwa bwa Papa itangura.