Consiliya NSENGIMANA, uwurongoye iyo komite, avuga ko uwo muryango ukenguruka cane ingene Paruwase yitwararika abanyeshure biga muri Kaminuza
Kubandanya batanga inyigisho ku migwi n'imihari be no guhamagarira abandi guhurumbira umuryango, ngivyo bimwe mu bigiye kwitabwaho na komite nshasha y'abanyeshure biga muri za Kaminuza zitandukanye barangurira ubutumwa muri Paruwase Kamenge. Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 7 Gitugutu 2018, abagize komite nshasha y'umuryango w'abanyeshure biga muri Kaminuza zitandukanye zo mu Burundi, ariko barangurira ubutumwa muri Paruwase Guido Maria Conforti yo mu Kamenge barashikirijwe amabanga y'ukurongora uwo muryango.
Consiliya NSENGIMANA ni umwe mu bagize iyo komite, akaba ari na we ayirongoye. Mu kugaragaza uko yumva ubwo butumwa babashinze, yaravuze ko uwo muryango ukenguruka cane ingene Paruwase yitwararika abanyeshure biga muri Kaminuza. Avuga ko haruhande y'ivyigwa, ngo basanze bahakura n'ubumenyi mu vy'Imana. Aremeza cane ko muri bo harimwo n'abaje imitima igaragara, ariko ubu ngo bakaba bazosubira inyuma buzuye Ijambo ry'Imana.
Kugira ngo barangure ubutumwa bwabo mw'ishaka ry'Imana, abagize iyo komite barasaba umuryango w'Abakristu ko bobaterera igisabisho, kuko ngo igisabisho ari yo nkingi y'ivyo bazorangura vyose mu butumwa biyemeje. Ku bwabo, ngo igisabisho cotuma batadohoka kw'ibanga biyemeje, ahubwo riho bagatera intambwe yo kububandanya mu buzima busanzwe.
Patiri Philibert NTAHIMPERA, ari na we ajejwe imigwi y'ubutumwa n'Imihari, na we akaba yabakeje abo bagize komite. Muri uwo mwanya, karabaye n'akaryo kuri we ko kubaha umuhezagiro, yongera abipfuriza ubutumwa bwiza.
Tubamenyeshe ko uwo muryango ugizwe n'abanyeshure biga muri za Kaminuza zitandukanye zo mu burundi, ariko barangurira ubutumwa bw'Ekleziya muri Paruwase yo mu Kamenge. Umuryango w'abanyeshure biga muri Kaminuza bo mu Kamenge watangujwe ku ciyumviro ca Patiri Maximo, ubu akaba arangurira ubutumwa mu gihugu c'Ubutaliyano.
Audace NKENGURUTSE na Napoléon SIMBANDUMWE