Ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa mu Burundi biradutegekanyiriza ukuntu twotunganya indinganizo y'ico gisabisho, be n'ijambo ry'Imana ryokwisungwa, ku musi ku musi
Bavukanyi, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2018, tuzoba twinjiye muri ca gihe c'imisi icenda ishira umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu. Ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi vyarasohoye indinganizo y'igisabisho c'imisi icenda (neuvaine) co kwitegurira uwo musi, aho bisaba abakristu bose ko aho bishoboka hose, mu ma Paruwase, bohurira muri gisabisho, kw'isaha bishingiye bo nyene. Ni ko tubisanga muri ka gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu - Ukwezi kwa Gitugutu 2018, kuva ku rupapuro rwa 45 gushika ku rwa 46.
Muri ako gatabu, ivyo biro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa biradutegekanyiriza ko inyigisho yotangwa muri ico gisabisho yoshimikira ku muhamagaro wo gukwiza hose Inkuru Nziza, hamwe n'ijambo rya Papa ryo ku musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza. Ako gatabu karanategekanya n'ukuntu muri rusangi twotunganya indinganizo y'ico gisabisho, be n'ijambo ry'Imana ryokwisungwa, ku musi ku musi, kigatangura kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu, kikazosozerwa ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20, buca duhimbaza umusi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
1. INDINGANIZO Y'ICO GISABISHO
- Ururirimbo rwo gusanganira Isakramentu Ryeranda;
- Ururirimbo rwo gusangira Ijambo ry'Imana;
- Gusoma Ijambo ry'Imana;
- Inyigisho ngufi (Raba mu gatabu k'imikangara y'Imana, ku mpapuro 5-21);
- Ururirimbo rwa Bikira Mariya;
- Ishapule y'Abamisiyonari;
- Ururirimbo rw'ubutumwa;
- Igisabisho c'Ubutumwa bw'Abamisiyonari;
- Igisabisho ca Dawe wa twese;
- Umuhezagiro + Gusozera.
2. IJAMBO RY'IMANA N'INYIGISHO VYOKWISUNGWA KU MUSI KU MUSI MU GISABISHO C'IMISI ICENDA
Inyigisho yerekeye umuhamagaro wo gukwiza hose Inkuru Nziza muyisanga mu gatabu k'iImikangara y'Imana (Abana bamenyesha abandi bana Inkuru Nziza), kuva ku rupapuro rwa 5 gushika ku rupapuro rwa 21. Ku musi ku musi, hozirikanwa igice kimwe c'iyo nyigisho, nk'uko biri ku rutonde rukurikira:
UMUSI WA MBERE W'IMISI ICENDA (12 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Afrika;
- Ijambo ry'Imana: 1Kor.9,15-18;
- Inyigisho: «Uruhara rw'umwe umwe wese mu kumenyekanisha Inkuru Nziza».
UMUSI WA KABIRI W'IMISI ICENDA (13 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Amerika;
- Ijambo ry'Imana: Abaromani 10,5-8;
- Inyigisho: «Inkomoko y'umuhamagaro wo kumenyesha Inkuru Nziza».
UMUSI WA GATATU W'IMISI ICENDA (14 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Uburaya;
- Ijambo ry'Imana: 1Kor.12,12-28;
- Inyigisho: «Imvo n'imvano y'ubutumwa bwo kumenyesha hose Inkuru Nziza n'ibikorwa vy'ubwo butumwa».
UMUSI WA KANE W'IMISI ICENDA (15 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Oseyaniya;
- Ijambo ry'Imana: Abaromani 10,1-4;
- Inyigisho: «Ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza».
UMUSI WA GATANU W'IMISI ICENDA (16 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Aziya;
- Ijambo ry'Imana: Abagalati 3,23-29;
- Inyigisho: «Ubutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza».
UMUSI WA GATANDATU W'IMISI ICENDA (17 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira ingo;
- Ijambo ry'Imana: Abanyefezi 6,1-9;
- Inyigisho: «Akarangamutima k'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza».
UMUSI W'INDWI W'IMISI ICENDA (18 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira urwaruka;
- Ijambo ry'Imana: 1Timote 4,12-16.5,1-2;
- Inyigisho: «Ikibanza c'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza muri Ekleziya».
UMUSI W'UMUNANI W'IMISI ICENDA (19 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira abarwaye;
- Ijambo ry'Imana: Yakobo 5,13-20;
- Inyigisho: «Kuzirikana ijambo rya Papa ryo ku musi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru Nziza».
UMUSI W'ICENDA W'IMISI ICENDA (20 GITUGUTU 2018):
- Igisabisho coshimikira ku gusabira Abamisiyonari;
- Ijambo ry'Imana: Luka 10,1-12;
- Gushinga intahe (Bishobotse, uwabaye Umumisiyonari mu bindi bihugu ni we yoshinga intahe).
Ngiyo indinganizo y'igisabisho c'imisi icenda (neuvaine) co kwitegurira umusi mpuzamakungu w'ugukwiza hose inkuru nziza ya yezu kristu, nk'uko tuyisanga mu gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu - Ukwezi kwa Gitugutu 2018. Ni agatabu dukesha ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. Kasubiwemwo mu kirundi n'abagize ivyo biro, i Bujumbura, ngo gafashe abakristu mu misa, mu masabamana, mu manama y'imibano mito mito, no mu mihari, mu kiringo c'uku kwezi kwa Gitugutu.
Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, Umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M/Burundi), kumwe na Nyenubweranda Papa Fransisko, yipfuza ko uwabatijwe wese yovuga nka Paulo Mweranda ati: «Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza» (1Kor.9,16). Abashikiriza izi nyigisho abipfuriza kuzohimbaza neza wa musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
Indinganizo y'iki gisabisho c'imisi icenda isomwe ku bwanyu n'umufashabutumwa wa Ekleziya mu kigo CEDICOM.