Ibisomwa vyeranda : Sag.4,7-15; Mc 9,33-37
Intungane n'aho yopfa itaragera, izokwibera mu mahoro (Ubwitonzi 4,7).
Banyenicubahiro mwese, bakristu namwe bene-Data mwitavye
uru rubanza ruhambaye rw'igihugu,
1. Icadukoranije uyu munsi, ni icama kidukoranya ku munsi nk'uyu. Twibuka aho
umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye
incungu y'Uburundi mu kwikukira
kw'igihugu. Uyu munsi rero nk'iyindi minsi yose isa n'iyi, ntube umunsi w'akaruhuko gusa, n'ube nyabuna umunsi
ugira ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw'igihugu cacu.
2. Ijambo ry'Imana twumvise mu gitabu c'Ubwitonzi (Sag.4,7-15) ritubwiye riti:
umuntu w'intungane n'aho yopfa akiri muto, azokwibera mu mahoro, kuko iteka
ry'umuntu ritava ku burambe bwiwe. Uko
ni ko ya Mana dusenga kandi tuyoboka itanguye itubwira, kugira ngo natwe tugire
ico twibwira n'ico twibwiriza. Mu maso y'Imana, uramba canke utaramba, igikuru
ni uko igihe cose Imana iguhaye, wogikoresha ngo urangure umugambi w'Imana kuri
wewe, muri ubu buzima bwo ngaha kw'isi ufise ico wimarira n'ico umariye abandi. Ni co bivuga uku kwemera ukabaho
nk'uwacakiwe n'Umukama, ntukundire ko inabi ikononera umuzirakanyi wawe canke ngo ububeshi buzimize umutima wawe (v.11). Imana igize rero iti: igikuru
ni ukubaho uri intungane. Twese duhamagariwe kubaho turi intungane umwe wese mw'ibanga Imana yamutoranije kuko twese turi n'ibanga. Ndabakengurukiye mwese banyenicubahiro mu gihugu cacu mwashitse ngaha, namwe bakristu mwese,
mwashimye kuza gutangurira uru rubanza imbere y'Imana, kuko mwemera Imana muzi ko Imana ari yo itanga ubuzima mukamenya kandi ari yo yisubiza ubuzima. Ndazi ko mwese
mwazanywe n'ugusubira gukengurukira Imana kuri iyi ngabire y'uyu muganwa yiguze
igihugu cacu Iman ayari yaduhaye kandi agashengera adukoreye iki ciza, akarwanira iteka n'intahe, n'aho atabibonye, igikuru ni uko ico yarwaniye cahavuye kikaboneka. Ndazi kandi ko mwese mwipfuza gusabira amahoro iki gihugu cacu
c'Uburundi. Ni co catuzanye twese. Ni co kiriko kiratuma hirya ni hino mu gihugu cacu, eka mbere abarundi bose aho bari ku musi nk'uyu abemera Imana bapfukama bagasenga ngo bakengurukire Imana kuri iyi ngabire y'Umuganwa Imana yari yaduhaye mugabo kandi berekeza amaso kuri iki gihugu cacu bagisabira amahoro arama kuri bose. Ese Imana yotwumvira, tugataha tugize ico tugabanye.
3. Ariko, bakunzi dusangiye gusenga, twame twibuka ko abakurambere bacu bayamaze,
bati: Imana irafashwa, kandi ngo ifasha uwifashije ! Ko tugomba rero ko
Imana ibandanya itugabira amahoro arama kandi aduhumuriza twese, ni twemere
dufate iyi nzira twumvise Imana itwibukije, inzira y'ukuba intungane, kuko ni
yo nzira n'iyi ncungu twibuka uyu munsi yafashe, mu kugerageza kurangura
umugambi Imana yari imufiseko, mu kanya Imana yamuhaye ko kubaho. Kandi nkuko
mubizi, ntivyari vyoroshe. Hari abakunze kwama bariko baravuga ngo ubu biragoye
! Nimumenye ko ibihe vyose vyama bigoye.
Icodutera ubwoba gusa, kwoba
ukubura abagabo, ba bandi nyene baseruka iyo rukamvye, bagakura igihugu
ahagoye, nk'uku kw'umuganwa Rwagasore yahaserutse hagoye.
4. Ego nyene. Uyu Rwagasore twibuka uyu munsi, umwana w'Umwami, umuganwa w'ico
gihe, yarahabereye umugabo, maze ashize hamwe n'abandi Barundi, arihanga
n'abanyamahanga, ngo ahabuze intahe n'iteka Uburundi bwari bwanyazwe. Mu gihe
ciwe, yari azi ko inzira nk'iyo, y'ugusubiza igihugu intahe n'iteka,
itazomworohera, kuko hari abo yakura amata mu kanwa. Ariko kubera yari afise
umutima w'intungane, warazwa ishinga n'uko igihugu cosubizwa intahe n'iteka,
yarashize ubwoba, ati : hakuramba worangwa, aba gurtyo umuntu w'iteka.
Ntiyabigize ku gatima k'amacandya, kuko n'aho
atari Samuragwangoma, ntiyari kubura ico arya ari umwana w'Umwami. Yabigize ku
bw'ishaka ry'uko bitabereye ko hagira umuntu canke igihugu kibaho kibujijwe
iteka duhabwa n'Imana twese. Yishimikije iyo Mana nyene yari yashize imbere
mw'ihangiro ry'umugambwe wiwe ati: Imana, Umwami, Uburundi, yarihanze
abanyamahanga, yemera kubicisha mu gukora politike y'uguhiganwa mu matora,
gushika atsinde bidaciye mu ngimba, n'aho vyaciye kure. Ego nyene, umuntu
w'intungane abwirijwe kuba intungane no
mu vya politike nyene. Bakunzi b'Imana, abantu b'intungane kandi b'urukundo,
nk'uku kwa Rwagasore, bagendera ubugabo bakiyumvamwo iteka, turacabakeneye
cane. Ku munsi nk'uyu, aho twibuka intwari Imana yari yaturonkeje, dusabe ngo
Imana itugwirize abantu b'intwari n'iteka, kugira ngo igihugu cacu kibandanye
kigira iteka n'itekane, hano iwacu, mu karere turimwo no mu makungu ya kure.
5. Inkuru nziza y'uyu munsi nayo nyene (Mc. 9,33-37), iratubwiye akandi karanga
k'umuntu agomba kuba intungane, umuntu w'iteka, wa wundi Imana ishobora
kwubakirako amahoro arama. Ibitwigishije ibihereye kuri aba batumwa ba Yezu,
bariko baraharira, bapfa uwuzoba umushikirangoma wa mbere, ku ngoma bari biteze
kuri Yezu ! Yezu ati: uwugomba kuba umukuru w'abandi niyifate ruto abe nk'umusuku
w'abandi (v.35). Iryo jambo, twese duca turitahura. Ntawushobora kubera abandi
umurongozi nyawe, ngo abatware neza, atemeye kubakorera, kubasukurira, mbere
n'ukubaruhira akabaruhira. No mu rugo ni ko bimeze: ubukuru bw'abavyeyi ni
ugusukurira abana ! Mu maso ya Yezu rero, umuganwa mwiza, ni uwemera akaba
umusuku w'abandi. Iyo ni yo nyigisho Yezu ahereyeko.
6. Ariko, Yezu ntiyagejeje aho mu kubigisha ingene boba abakuru nyabo. Ngo
yaciye azana akana, agashira imbere yabo, arakabumbatira, ati : uwushaka kuba
mukuru namenye kwakira utwana dusa n'utu mubona, yitwararike utu turemwa tutaragira
ico twimarira, gurtyo azoba yerekanye ko yubaha kandi akunda uwaturemye. Bakunzi b'Imana, nidutegere neza ico Yezu
yagomvye kutwigisha muri ico kimenyetso c'akana. Aka kana Yezu yashize imbere y'abakuze, yagashizeho mu
gihe mu mico y'Abayuda ata mwana nk'uyo yaba ararekurirwa kuja aho abantu
bakuze bakoraniye, kuko ata muntu yari bwabemwo. Yaba akibonwa nk'ikiremwa
kitagira iteka. Vyongeye aka kana Yezu yazanye, ni ikimenyetso c'akaremwa kaba
kakizeye vyose ku bandi, ataco karimarira kandi ataho kokwishikana katahatowe
n'abandi.
7. Inyigisho ya mbere rero ngaha, ni uko Yezu
atwigishije ko umukuru nyawe, ari uwo yama yitwararitse bose, ahereye ku
batagira iteka, ku bo abantu bakunze gukumira, eka no ku bataragira aho bokwishikana bataronse
uwubagwanako. Kwitwararika bose, n'abatiyumvirwa, abatagira ikibanza iyo abandi
bakoraniye hamwe, ng'iyo inyigisho ya mbere y'ubukuru nyabwo mu maso y'Imana. Inyigisho ya kabiri ikomeye duhabwa na Yezu muri
iki kimenyetso c'akana Yezu yashize imbere y'abarondera gutwara, ni uko akana
ari ikimenyetso c'umwizero, na kazoza k'umuryango, n'ak'igihugu. Yezu agize
rero ati: uwugomba kuba umukuru, namenye kuraba imbere, kure, muri kazoza. Amenye
gutunganya kazoza, nk'umuvyeyi mwiza akira kubona aribarutse, agaca atangura
kwiyumvira ingene yotunganiriza ikibondo ciwe, gushika agishikane mu bigero.Ni
nk'uko Yezu yogize ati: ni wagoba kuba
umukuru w'abandi, ca ubona bose nk'abana bawe ushinzwe gutunganiriza kazoza. Ni
co gituma umurongozi mwiza, abwirijwe kumenya kuza araraba imbere kure, araba
kazoza k'abo bose ashinzwe, ahereye no kubashobora kwibagirwa, kuko bataramenya
kwivugira n'ukwirwanira. Umurongozi mwiza atunganya ivyo agezemwo, yitwararitse
kuraba imbere, kure, muri kazoza, arabira n'abatarashobora kumenya
kwitunganiriza kazoza kabo, kuko bakizeye vyose ku bandi. Muri ico kimenyetso
c'akana gato, batwigishije ko ugutwara, ari ukumenya kuraba imbere, muri kazoza, kandi kure. Abashoferi
barabizi. Imodoka yose yamana rétroviseur. Ariko umushoferi yogomba gutwara
umuduga aguma yiraba muri rétroviseur canke aguma araba inyuma gusa, nta
gisivya aturiye umusozi agonga abantu, kuko ahava agahusha inzira ! Mbega iyo
Rwagasore aguma araba inyuma gusa, ko yari umwana w'umwami, ntiyari kubandanya
arya hamwe n'abandi, akarekera igihugu mu buja ?
8. Uyu Rwagasore tumushimagiza uyu munsi, kuko yari azi kuraba imbere,
n'ukubona kure. Yari azi kwiyumvirira igihugu ciwe kazoza k'iteka. Ni co gituma
yashikanye igihugu cacu ku ntsinzi tubandanya twinovora n'uyu munsi, kuko
yamenye gukorera kazoza kacu. Benimana
mufise umuhamagaro wa politike mukagomba gutwara, menye kuza muraraba imbere
kandi kure. N'iyo mwibutse kahise kuko na none kataheze, ntimugumizeyo amaso
yanyu, kuko mwohava musanga mwahushije inzira nyayo, y'ugutunganiriza abo
mushinzwe bose nk'abana Imana yabaragije. Ni muze muracira umugani abatawuzi
kuri kahise kacu, kugira ngo abana bacu bamenye
iyo twaciye n'aho tugeze. Mugabo ntimubazirikire muri kahise ataco kari
bubamarire. Kahise nikabe akadufasha kubona akubu, kugira ngo dushobore
kukarengana mu gutegura kazoza keza.
9. Ko turiko turahimbaza iyi sabukuru mu gihe bagize iminsi bavuga ko buca
kabiri hagira Abarundi baja gusubira kwicara hamwe ngo baganire iryotwubakira
igihugu ngo kirushirizeho kuba igihugu c'iteka n'itekane, gishobore gutera
imbere kuruta, ntaworeka kubishima. Birahimbaye, kuko abaganiriye bagomba
kwubaka, ntihabura ico bungurana. Ese abiyumva ko ari abaganwa b'iki gihe
n'abashaka kuba abaganwa b'ejo bokwirinda kuguma baraba inyuma gusa, bakaraba
nyabuna imbere, nk'uko umuganwa Rwagasore yabiduhayeko akarorero, kugira ngo
gurtyo bategurire kazoza keza iki gihugu cacu. Bazoba bateye iteka iyi ncungu
y'Uburundi yapfuye irondera ko Uburundi bwoba Uburundi bw'iteka n'iterambere kuri
benebwo no mu makungu.
10. Kuri uyu munsi twaramutse twibuka
incungu yabona kure ikemera kwigura igihugu cacu ngo gisubizwe intahe n'iteka,
dukengurukire Imana kuri uyo mushingantahe Imana yaduhaye. Tuyikengurukire ku
bo bakoranye bose, kuko n'aho havugwa umwe, ntawifasha urugamba, yabishoboye kuko
yari ashize hamwe n'abandi; natwe mbere tumenye kuza turashira hamwe, kuko
abashize hamwe ni bo bagira ico bashitseko.
Dukengurukire Imana no kuri abo bose Imana yagiye iraturungikira gushika
n'uyu munsi, kugira iteka ry'igihugu ntirizimangane. Mu gusabira igihugu cacu
amahoro arama, dusabe ngo Imana ituronse izindi ntungane nyinshi zikorera
igihugu, zizi kuraba imbere, kure, ngo zirengane kahise kabi kaguma kazirikiye
igihugu cacu mu ndyane z'ugukumirana, bihava bikavyara imidurumbanyo n'ingwano.
Twisabire twebwe twese twashimye gutangura uru rubanza dusenga, kugira ngo Imana
itugire indemeshamahoro, inkingi z'amahoro. Amen.
Cathédrale Regina Mundi, 13/10/2018
+Gerevazi Banshimiyubusa
Umwepiskopi mukuru wa
Diyoseze nkuru ya Bujumbura