Inkuka y'Imisa yo gusabira incungu y'ukwikukira, Umuganwa Rudoviko Rwagasore
Itariki: 13/10/2018Ababisomye 7993 Vyamenyekanishijwe na : NIYIBIZI Abbé Dieudonné
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 gitugutu ni ho Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yahereza Inkuka y'Imisa yo gusabira Umuganwa Rudoviko Rwagasore yiguze Uburundi. Muri iyo Nkuka, yatanze inyigisho ikurikira :
Ibisomwa vyeranda : Sag.4,7-15; Mc 9,33-37 

 Intungane n'aho yopfa itaragera, izokwibera mu mahoro (Ubwitonzi 4,7). 
Banyenicubahiro mwese, bakristu namwe bene-Data mwitavye uru rubanza ruhambaye rw'igihugu,  

1.     Icadukoranije uyu munsi, ni icama kidukoranya ku munsi nk'uyu. Twibuka aho umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y'Uburundi mu  kwikukira kw'igihugu. Uyu munsi rero nk'iyindi minsi yose isa n'iyi, ntube  umunsi w'akaruhuko gusa, n'ube nyabuna umunsi ugira ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw'igihugu cacu.   

 2.     Ijambo ry'Imana twumvise mu gitabu c'Ubwitonzi (Sag.4,7-15) ritubwiye riti: umuntu w'intungane n'aho yopfa akiri muto, azokwibera mu mahoro, kuko iteka ry'umuntu ritava ku burambe bwiwe.  Uko ni ko ya Mana dusenga kandi tuyoboka itanguye itubwira, kugira ngo natwe tugire ico twibwira n'ico twibwiriza. Mu maso y'Imana, uramba canke utaramba, igikuru ni uko igihe cose Imana iguhaye, wogikoresha ngo urangure umugambi w'Imana kuri wewe, muri ubu buzima bwo ngaha kw'isi ufise ico wimarira n'ico umariye abandi. Ni co bivuga uku kwemera ukabaho nk'uwacakiwe n'Umukama, ntukundire ko inabi ikononera umuzirakanyi wawe canke ngo ububeshi buzimize umutima wawe (v.11). Imana igize rero iti: igikuru ni ukubaho uri intungane. Twese duhamagariwe kubaho turi intungane umwe wese mw'ibanga Imana yamutoranije kuko twese turi n'ibanga. Ndabakengurukiye  mwese banyenicubahiro mu gihugu cacu mwashitse ngaha, namwe bakristu mwese, mwashimye kuza gutangurira uru rubanza  imbere y'Imana, kuko mwemera Imana muzi ko Imana ari yo itanga ubuzima mukamenya  kandi ari yo yisubiza ubuzima. Ndazi ko mwese mwazanywe n'ugusubira gukengurukira Imana kuri iyi ngabire y'uyu muganwa yiguze igihugu cacu Iman ayari yaduhaye kandi agashengera adukoreye iki ciza, akarwanira iteka n'intahe, n'aho atabibonye, igikuru ni uko ico yarwaniye cahavuye kikaboneka. Ndazi kandi ko mwese mwipfuza gusabira amahoro iki gihugu cacu c'Uburundi. Ni co catuzanye twese. Ni co kiriko kiratuma hirya ni hino mu gihugu cacu, eka mbere abarundi bose aho bari ku musi nk'uyu abemera Imana bapfukama bagasenga ngo bakengurukire Imana  kuri iyi ngabire y'Umuganwa Imana yari yaduhaye mugabo kandi berekeza amaso kuri iki gihugu cacu bagisabira amahoro arama kuri bose.  Ese Imana yotwumvira, tugataha tugize ico tugabanye.     

 3.     Ariko, bakunzi dusangiye gusenga, twame twibuka ko abakurambere bacu bayamaze, bati: Imana irafashwa, kandi ngo ifasha uwifashije ! Ko tugomba rero ko Imana ibandanya itugabira amahoro arama kandi aduhumuriza twese, ni twemere dufate iyi nzira twumvise Imana itwibukije, inzira y'ukuba intungane, kuko ni yo nzira n'iyi ncungu twibuka uyu munsi yafashe, mu kugerageza kurangura umugambi Imana yari imufiseko, mu kanya Imana yamuhaye ko kubaho. Kandi nkuko mubizi, ntivyari vyoroshe. Hari abakunze kwama bariko baravuga ngo ubu biragoye ! Nimumenye ko ibihe vyose vyama bigoye.  Icodutera ubwoba gusa,  kwoba ukubura abagabo, ba bandi nyene baseruka iyo rukamvye, bagakura igihugu ahagoye, nk'uku kw'umuganwa Rwagasore yahaserutse hagoye.   

 4.     Ego nyene. Uyu Rwagasore twibuka uyu munsi, umwana w'Umwami, umuganwa w'ico gihe, yarahabereye umugabo, maze ashize hamwe n'abandi Barundi, arihanga n'abanyamahanga, ngo ahabuze intahe n'iteka Uburundi bwari bwanyazwe.   Mu gihe ciwe, yari azi ko inzira nk'iyo, y'ugusubiza igihugu intahe n'iteka, itazomworohera, kuko hari abo yakura amata mu kanwa. Ariko kubera yari afise umutima w'intungane, warazwa ishinga n'uko igihugu cosubizwa intahe n'iteka, yarashize ubwoba, ati : hakuramba worangwa, aba gurtyo umuntu w'iteka. Ntiyabigize  ku gatima k'amacandya, kuko n'aho atari Samuragwangoma, ntiyari kubura ico arya ari umwana w'Umwami. Yabigize ku bw'ishaka ry'uko bitabereye ko hagira umuntu canke igihugu kibaho kibujijwe iteka duhabwa n'Imana twese. Yishimikije iyo Mana nyene yari yashize imbere mw'ihangiro ry'umugambwe wiwe ati: Imana, Umwami, Uburundi, yarihanze abanyamahanga, yemera kubicisha mu gukora politike y'uguhiganwa mu matora, gushika atsinde bidaciye mu ngimba, n'aho vyaciye kure. Ego nyene, umuntu w'intungane abwirijwe  kuba intungane no mu vya politike nyene. Bakunzi b'Imana, abantu b'intungane kandi b'urukundo, nk'uku kwa Rwagasore, bagendera ubugabo bakiyumvamwo iteka, turacabakeneye cane. Ku munsi nk'uyu, aho twibuka intwari Imana yari yaturonkeje, dusabe ngo Imana itugwirize abantu b'intwari n'iteka, kugira ngo igihugu cacu kibandanye kigira iteka n'itekane, hano iwacu, mu karere turimwo no mu makungu ya kure.   

 5.     Inkuru nziza y'uyu munsi nayo nyene (Mc. 9,33-37), iratubwiye akandi karanga k'umuntu agomba kuba intungane, umuntu w'iteka, wa wundi Imana ishobora kwubakirako amahoro arama. Ibitwigishije ibihereye kuri aba batumwa ba Yezu, bariko baraharira, bapfa uwuzoba umushikirangoma wa mbere, ku ngoma bari biteze kuri Yezu ! Yezu ati: uwugomba kuba umukuru w'abandi niyifate ruto abe nk'umusuku w'abandi (v.35). Iryo jambo, twese duca turitahura. Ntawushobora kubera abandi umurongozi nyawe, ngo abatware neza, atemeye kubakorera, kubasukurira, mbere n'ukubaruhira akabaruhira. No mu rugo ni ko bimeze: ubukuru bw'abavyeyi ni ugusukurira abana ! Mu maso ya Yezu rero, umuganwa mwiza, ni uwemera akaba umusuku w'abandi. Iyo ni yo nyigisho Yezu ahereyeko.   

 6.     Ariko, Yezu ntiyagejeje aho mu kubigisha ingene boba abakuru nyabo. Ngo yaciye azana akana, agashira imbere yabo, arakabumbatira, ati : uwushaka kuba mukuru namenye kwakira utwana dusa n'utu mubona, yitwararike utu turemwa tutaragira ico twimarira, gurtyo azoba yerekanye ko yubaha kandi akunda uwaturemye.  Bakunzi b'Imana, nidutegere neza ico Yezu yagomvye kutwigisha muri ico kimenyetso c'akana. Aka kana  Yezu yashize imbere y'abakuze, yagashizeho mu gihe mu mico y'Abayuda ata mwana nk'uyo yaba ararekurirwa kuja aho abantu bakuze bakoraniye, kuko ata muntu yari bwabemwo. Yaba akibonwa nk'ikiremwa kitagira iteka. Vyongeye aka kana Yezu yazanye, ni ikimenyetso c'akaremwa kaba kakizeye vyose ku bandi, ataco karimarira kandi ataho kokwishikana katahatowe n'abandi.   

 7.     Inyigisho ya mbere rero ngaha, ni uko Yezu  atwigishije ko umukuru nyawe, ari uwo yama yitwararitse bose, ahereye ku batagira iteka, ku bo abantu bakunze gukumira, eka  no ku bataragira aho bokwishikana bataronse uwubagwanako. Kwitwararika bose, n'abatiyumvirwa, abatagira ikibanza iyo abandi bakoraniye hamwe, ng'iyo inyigisho ya mbere y'ubukuru nyabwo mu maso y'Imana.  Inyigisho ya kabiri ikomeye duhabwa na Yezu muri iki kimenyetso c'akana Yezu yashize imbere y'abarondera gutwara, ni uko akana ari ikimenyetso c'umwizero, na kazoza k'umuryango, n'ak'igihugu. Yezu agize rero ati: uwugomba kuba umukuru, namenye kuraba imbere, kure, muri kazoza. Amenye gutunganya kazoza, nk'umuvyeyi mwiza akira kubona aribarutse, agaca atangura kwiyumvira ingene yotunganiriza ikibondo ciwe, gushika agishikane mu bigero.Ni nk'uko Yezu yogize ati:  ni wagoba kuba umukuru w'abandi, ca ubona bose nk'abana bawe ushinzwe gutunganiriza kazoza. Ni co gituma umurongozi mwiza, abwirijwe kumenya kuza araraba imbere kure, araba kazoza k'abo bose ashinzwe, ahereye no kubashobora kwibagirwa, kuko bataramenya kwivugira n'ukwirwanira. Umurongozi mwiza atunganya ivyo agezemwo, yitwararitse kuraba imbere, kure, muri kazoza, arabira n'abatarashobora kumenya kwitunganiriza kazoza kabo, kuko bakizeye vyose ku bandi. Muri ico kimenyetso c'akana gato, batwigishije ko ugutwara, ari ukumenya kuraba imbere, muri kazoza, kandi kure. Abashoferi barabizi. Imodoka yose yamana rétroviseur. Ariko umushoferi yogomba gutwara umuduga aguma yiraba muri rétroviseur canke aguma araba inyuma gusa, nta gisivya aturiye umusozi agonga abantu, kuko ahava agahusha inzira ! Mbega iyo Rwagasore aguma araba inyuma gusa, ko yari umwana w'umwami, ntiyari kubandanya arya hamwe n'abandi, akarekera igihugu mu buja ?  

 8.     Uyu Rwagasore tumushimagiza uyu munsi, kuko yari azi kuraba imbere, n'ukubona kure. Yari azi kwiyumvirira igihugu ciwe kazoza k'iteka. Ni co gituma yashikanye igihugu cacu ku ntsinzi tubandanya twinovora n'uyu munsi, kuko yamenye gukorera kazoza kacu.  Benimana mufise umuhamagaro wa politike mukagomba gutwara, menye kuza muraraba imbere kandi kure. N'iyo mwibutse kahise kuko na none kataheze, ntimugumizeyo amaso yanyu, kuko mwohava musanga mwahushije inzira nyayo, y'ugutunganiriza abo mushinzwe bose nk'abana Imana yabaragije. Ni muze muracira umugani abatawuzi kuri kahise kacu,  kugira ngo abana bacu bamenye iyo twaciye n'aho tugeze. Mugabo ntimubazirikire muri kahise ataco kari bubamarire. Kahise nikabe akadufasha kubona akubu, kugira ngo dushobore kukarengana mu gutegura kazoza keza.

   9.     Ko turiko turahimbaza iyi sabukuru mu gihe bagize iminsi bavuga ko buca kabiri hagira Abarundi baja gusubira kwicara hamwe ngo baganire iryotwubakira igihugu ngo kirushirizeho kuba igihugu c'iteka n'itekane, gishobore gutera imbere kuruta, ntaworeka kubishima. Birahimbaye, kuko abaganiriye bagomba kwubaka, ntihabura ico bungurana. Ese abiyumva ko ari abaganwa b'iki gihe n'abashaka kuba abaganwa b'ejo bokwirinda kuguma baraba inyuma gusa, bakaraba nyabuna imbere, nk'uko umuganwa Rwagasore yabiduhayeko akarorero, kugira ngo gurtyo bategurire kazoza keza iki gihugu cacu. Bazoba bateye iteka iyi ncungu y'Uburundi yapfuye irondera ko Uburundi bwoba Uburundi bw'iteka n'iterambere kuri benebwo no mu makungu.   

 10.  Kuri uyu munsi twaramutse  twibuka incungu yabona kure ikemera kwigura igihugu cacu ngo gisubizwe intahe n'iteka, dukengurukire Imana kuri uyo mushingantahe Imana yaduhaye. Tuyikengurukire ku bo bakoranye bose, kuko n'aho havugwa umwe, ntawifasha urugamba, yabishoboye kuko yari ashize hamwe n'abandi; natwe mbere tumenye kuza turashira hamwe, kuko abashize hamwe ni bo bagira ico bashitseko.  Dukengurukire Imana no kuri abo bose Imana yagiye iraturungikira gushika n'uyu munsi, kugira iteka ry'igihugu ntirizimangane. Mu gusabira igihugu cacu amahoro arama, dusabe ngo Imana ituronse izindi ntungane nyinshi zikorera igihugu, zizi kuraba imbere, kure, ngo zirengane kahise kabi kaguma kazirikiye igihugu cacu mu ndyane z'ugukumirana, bihava bikavyara imidurumbanyo n'ingwano. Twisabire twebwe twese twashimye gutangura uru rubanza dusenga, kugira ngo Imana itugire indemeshamahoro, inkingi z'amahoro. Amen.   

 Cathédrale Regina Mundi, 13/10/2018 
+Gerevazi Banshimiyubusa 
 Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura  

Gaspard KIROMBOInyigisho itomoye kandi itwibutsa vyinshi. Ese abayumvirije boyifata nka nkama. N'Abarundi bose bari kure mu mahanga, turiko turayihanahana, turabe ko imitima y'Abarundi yotegera neza ineza y'igihugu, nka Rwagasore.14/10/2018 isaha 10h58
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 180
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI