Kw'ishure ryisumbuye rya zone Bwiza haratanguye indwi yahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza, kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2019, ku civugo kivuga ngo «Rwaruka, tumenye iyo tuva n'iyo tuja mu kwemera no mu kudakuririra imigenzo y'isi». Izo nyigisho zatangura igihe c'isaha indwi n'igice z'umutaga, zigahera kw'isaha icenda n'igicez'umuhingamo. Zatangurira ku gisabisho co kuninahaza Imana.
Inyigisho y'umusi wa mbere yatanzwe na Simoni Butoyi ku mutwe w'icigwa ngo «Jambo yarigize umuntu, abana natwe». Simoni Butoyi yavuze ko ukwigira umuntu kwa Jambo ari yo Nkuru Nziza y'agakura yatumye ibintu bishaje bihinduka bishasha. Yaribukije ko iyo Nkuru Nziza ari yo yatumye abamalayika bururuka, bakava mw'ijuru baje kuyimenyesha abungere b'i Bethlehemu (Luk.9,15). Ngo ni inkuru nziza inezera igihugu cose, kuko uwo Jambo yaje yigira umuntu ngo abane n'abantu. Mu gutanga iyo nyigisho, Simoni Butoyi yishimikije ijambo ryo mu Njili yanditswe na Luka (Luk.24,13-35). Uwo mwigisha yashimikiye ku mugambi w'Imana Data, Imana kumwe natwe, gushika no magorwa umuntu ahura na yo.
Simoni Butoyi yasozereye inyigisho yiwe ababwira ico bokora kugira ngo Imana ibashikane mu mugambi wayo, ko ari uko bofatanya akayira na Yezu, ko bokwemera bakamwugurururira imitima yabo, bakamutura ibibaremereye n'ibibaboshe; ko bomutega amatwi akabasigurira ibitabu vyeranda. Ikindi, ngo bomutumira iwabo ngo bamugire incuti, bamugire umugenzi. Ngo bokwakira kandi bagafungura umubiri wiwe, bisigura guhabwa amasakrantu, kuko Yezu ari we Mukiza wabo.
Umusi ugira kabiri higishije Fleur Gateka ku mutwe w'inyigisho ngo: «Shinga inkingi y'ubuzima bwawe». Fleur Gateka yatanguye abasigurira ingene ubu abantu bari mu bihe vy'ihindagurika n'amadidane menshi, ivyo bikaba bituma abatari bake, na cane cane abakiri bato, bazazanirwa bakabura ico bafata n'ico bareka, canke bagafata inzira zitari zo, inzira zijana mu rupfu.
Fleur Gateka yaciye asigurira urwo rwaruka ibikwiye kugira inkingi z'ubuzima bwabo, ari zo: ukwiyumanganya, ukwigerera, ukugendera ubutungane, hamwe n'ubukomezi. Yarababwiye ko mu gihe ivyo batazoba babizigamye bashora gusanga barataye ubuzima.
Inyigisho yo ku musi ugira gatatu yavuga ngo «Ukuba umukristu mw'isi ya none». Yatanzwe na Nadia, aho yatanguye asigura ko iyo bavuze isi ya none, umuntu yotegera ubwa mbere isi y'ubutaka, amabuye, ibiti, eka ibiri kuri yo vyose. Ahandi na ho, ngo yotegera na cane cane abantu n'indingazo y'ukubaho kwabo, haba ku vyerekeye politique n'imibano, ivyiyunviro n'imigezo iranga abantu muri rusangi, mu gihe kinaka. Ivyo ni na vyo yashimikiyeko mu nyigisho yiwe.
Nadia yavuze ko bokwirinda ubuhemu, ko boba riho aba-Kristu babushitse, ngo ni vyo isi ya none ikeneye. Ngo bokwirinda amagorwa imbere y'ubuhemu, imbere y'ubukene bwugarije abantu, imbere y'imigenzo igezweho n'ubuhinga bwa none bwo guhana amakuru, ubwoba bw'abo mudasa, yasozereye abasaba ko bomenya guhitamwo igikwiye, bakemera kuba aba Kristu kugira ngo ababere Umwami.
Ku musi ugira kane, inyigisho yatanzwe na Désire, ikaba yari ifise umutwe ngo: «Ikenyeze ukuri, mwikwize ubutungane». Désire yatanguye asigura ingene muri iki gihe turimwo kuba umuntu afise ubuntu ari iteka. Yasavye abo bakristu ko boba abakristu vy'ukuri, ivyo na vyo ngo bikaba bisaba gukomeza urugamba, nk'uko Paulo mweranda abivuga (Efezi 6,10-20). Ku bwa Désire, ngo kugira ngo bagendere ubutungane hari ico bokora: ukumenya ukuri, ukugendera muri kwo, be n'ukwikwiza ubutungane.
Désire yaribukije urwo rwaruka ivyo Yezu yabwiye abayahudi: «Mugumije ijambo ryanje, muba vy'ukuri abigishwa banje; muzomenya ukuri, maze ukwo kuri kubagire abidegemvya». (Yoh.8,31). Iryo ni ryo jambo ry'Imana yisunze. Yarababwiye ko bamaze kumenya Yezu baca bamenya ukuri, kuko amamuko yiwe ni yo mamuko yabo, amaherezo yiwe ni yo maherezo yabo, icamuzanye kw'isi ni co na bo bahazaniwe.
«Izija guhona zihera mu ruhongore, n'izija gukira nyene zihera mu ruhongore», ayo ni yo majambo yasozereyeko inyigisho yiwe, aca ababwira ko bokwitwararika kuba intungane, bakavavanura n'imigenzo y'ububeshi, uburyarya, n'ukurenganya abandi. Ngo borwanira ubutungane aho bari hose, bagakebura, bagahanura abari mu buryarya, batanga akarorero keza k'ubugororotsi, bagashingira intahe Kristu we ntungane kandi atugira intungane, bakama banagura ubwenge bwabo kugira ngo basobanure neza ishaka ry'Imana, iciza, igishimishije n'ikirangutse neza.
Izo nyigisho zirangiye, haciye hatangura ukwumvirizwa n'ugusaba isakramentu ry'ikigongwe ku bavyifuza, hamwe n'ugushengerera Yezu mw'Ukariya, biraheza bisozerwa n'inkuka y'Imisa yo gusaba ugukira n'ukubohoka, igihe c'isaha zitandatu z'umuhingamo.
Tubamenyeshe ko ishure ryisumbuye rya zone Bwiza rikukira Paruwase Mukiza Mweranda (St Sauveur) yo mu Nyakabiga, rikaba riri kw'ibarabara ryitiriwe Imprimerie ryo muri zone Bwiza.
Chantal, Paruwase Nyakabiga
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»