Inyigisho ku rwaruka ruri kw'ishure ryisumbuye rya zone Bwiza zijanye n'indwi yahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza
Itariki: 29/1/2019Ababisomye 5005 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Icivugo c'iyo ndwi ni «Rwaruka, tumenye iyo tuva n'iyo tuja mu kwemera no mu kudakuririra imigenzo y'isi»

Kw'ishure ryisumbuye rya zone Bwiza haratanguye indwi yahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza, kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2019, ku civugo kivuga ngo «Rwaruka, tumenye iyo tuva n'iyo tuja mu kwemera no mu kudakuririra imigenzo y'isi». Izo nyigisho zatangura igihe c'isaha indwi n'igice z'umutaga, zigahera kw'isaha icenda n'igicez'umuhingamo. Zatangurira ku gisabisho co kuninahaza Imana.

 

Inyigisho y'umusi wa mbere yatanzwe na Simoni Butoyi ku mutwe w'icigwa ngo «Jambo yarigize umuntu, abana natwe». Simoni Butoyi yavuze ko ukwigira umuntu kwa Jambo ari yo Nkuru Nziza y'agakura yatumye ibintu bishaje bihinduka bishasha. Yaribukije ko iyo Nkuru Nziza ari yo yatumye abamalayika bururuka, bakava mw'ijuru baje kuyimenyesha abungere b'i Bethlehemu (Luk.9,15). Ngo ni inkuru nziza inezera igihugu cose, kuko uwo Jambo yaje yigira umuntu ngo abane n'abantu. Mu gutanga iyo nyigisho, Simoni Butoyi yishimikije ijambo ryo mu Njili yanditswe na Luka (Luk.24,13-35). Uwo mwigisha yashimikiye ku mugambi w'Imana Data, Imana kumwe natwe, gushika no magorwa umuntu ahura na yo.


Simoni Butoyi yasozereye inyigisho yiwe ababwira ico bokora kugira ngo Imana ibashikane mu mugambi wayo, ko ari uko bofatanya akayira na Yezu, ko bokwemera bakamwugurururira imitima yabo, bakamutura ibibaremereye n'ibibaboshe; ko bomutega amatwi akabasigurira ibitabu vyeranda. Ikindi, ngo bomutumira iwabo ngo bamugire incuti, bamugire umugenzi. Ngo bokwakira kandi bagafungura umubiri wiwe, bisigura guhabwa amasakrantu, kuko Yezu ari we Mukiza wabo.

Umusi ugira kabiri higishije Fleur Gateka ku mutwe w'inyigisho ngo: «Shinga inkingi y'ubuzima bwawe». Fleur Gateka yatanguye abasigurira ingene ubu abantu bari mu bihe vy'ihindagurika n'amadidane menshi, ivyo bikaba bituma abatari bake, na cane cane abakiri bato, bazazanirwa bakabura ico bafata n'ico bareka, canke bagafata inzira zitari zo, inzira zijana mu rupfu.


Fleur Gateka yaciye asigurira urwo rwaruka ibikwiye kugira inkingi z'ubuzima bwabo, ari zo: ukwiyumanganya, ukwigerera, ukugendera ubutungane, hamwe n'ubukomezi. Yarababwiye ko mu gihe ivyo batazoba babizigamye bashora gusanga barataye ubuzima.


Inyigisho yo ku musi ugira gatatu yavuga ngo «Ukuba umukristu mw'isi ya none». Yatanzwe na Nadia, aho yatanguye asigura ko iyo bavuze isi ya none, umuntu yotegera ubwa mbere isi y'ubutaka, amabuye, ibiti, eka ibiri kuri yo vyose. Ahandi na ho, ngo yotegera na cane cane abantu n'indingazo y'ukubaho kwabo, haba ku vyerekeye politique n'imibano, ivyiyunviro n'imigezo iranga abantu muri rusangi, mu gihe kinaka. Ivyo ni na vyo yashimikiyeko mu nyigisho yiwe.

Nadia yavuze ko bokwirinda ubuhemu, ko boba riho aba-Kristu babushitse, ngo ni vyo isi ya none ikeneye. Ngo bokwirinda amagorwa imbere y'ubuhemu,  imbere y'ubukene bwugarije abantu,  imbere y'imigenzo igezweho n'ubuhinga bwa none bwo guhana amakuru, ubwoba bw'abo mudasa, yasozereye abasaba ko bomenya guhitamwo igikwiye, bakemera kuba aba Kristu kugira ngo ababere Umwami.


Ku musi ugira kane, inyigisho yatanzwe na Désire, ikaba yari ifise umutwe ngo: «Ikenyeze ukuri, mwikwize ubutungane». Désire yatanguye asigura ingene muri iki gihe turimwo kuba umuntu afise ubuntu ari iteka. Yasavye abo bakristu ko boba abakristu vy'ukuri, ivyo na vyo ngo bikaba bisaba gukomeza urugamba, nk'uko Paulo mweranda abivuga (Efezi 6,10-20). Ku bwa Désire, ngo kugira ngo bagendere ubutungane hari ico bokora: ukumenya ukuri, ukugendera muri kwo, be n'ukwikwiza ubutungane.

 

Désire yaribukije urwo rwaruka ivyo Yezu yabwiye abayahudi: «Mugumije ijambo ryanje, muba vy'ukuri abigishwa banje; muzomenya ukuri, maze ukwo kuri kubagire abidegemvya». (Yoh.8,31). Iryo ni ryo jambo ry'Imana yisunze. Yarababwiye ko bamaze kumenya Yezu baca bamenya ukuri, kuko amamuko yiwe ni yo mamuko yabo, amaherezo yiwe ni yo maherezo yabo, icamuzanye kw'isi ni co na bo bahazaniwe.

«Izija guhona zihera mu ruhongore, n'izija gukira nyene zihera mu ruhongore», ayo ni yo majambo yasozereyeko inyigisho yiwe, aca ababwira ko bokwitwararika kuba intungane, bakavavanura n'imigenzo y'ububeshi, uburyarya, n'ukurenganya abandi. Ngo borwanira ubutungane aho bari hose, bagakebura, bagahanura abari mu buryarya, batanga akarorero keza k'ubugororotsi, bagashingira intahe Kristu we ntungane kandi atugira intungane, bakama banagura ubwenge bwabo kugira ngo basobanure neza ishaka ry'Imana, iciza, igishimishije n'ikirangutse neza.

Izo nyigisho zirangiye, haciye hatangura ukwumvirizwa n'ugusaba isakramentu ry'ikigongwe ku bavyifuza, hamwe n'ugushengerera Yezu mw'Ukariya, biraheza bisozerwa n'inkuka y'Imisa yo gusaba ugukira n'ukubohoka, igihe c'isaha zitandatu z'umuhingamo.

Tubamenyeshe ko ishure ryisumbuye rya zone Bwiza rikukira Paruwase Mukiza Mweranda (St Sauveur) yo mu Nyakabiga, rikaba riri kw'ibarabara ryitiriwe Imprimerie ryo muri zone Bwiza.


Chantal, Paruwase Nyakabiga

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 205
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI