Kw'igenekerezo rya 26 Nzero 2019 ni ho basozerwa za nyigisho zari zimaze imisi zitangwa kw'ishure ryisumbuye ryo muri zone Bwiza riri kw'ibarabara ryitiriwe Imprimerie, muri Paruwase Mukiza Meranda yo mu Nyakabiga. Izo nyigisho zasozerewe ku gikorwa c'ukwunvirizwa n'ukwirega ku bavyifuza, hamwe n'ugushengera Yezu mw'Ukarisiya, be no ku nkuka y'imisa yatanguye igihe c'isaha zitandatu n'igice, ikaba yaherejwe na Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Désiré Ninahazimana.
Mu gusozera iyo ndwi y'ukumenyesha Inkuru Nziza, Patiri Désiré Ninahazimana yaratumiriye urwo rwaruka ko rwogerageza kugenzwa na Mutima-Mweranda, ko rwogerageza kumwunviriza, rukirinda kugenzwa na kamere y'umuntu.
Patiri Désiré Ninahazimana yaboneyeho kubibutsa ibikorwa vya kamere y'umuntu ari vyo ubusambanyi, ibiterasoni, ubuhumbu, ugusenga ibigereranyo, uburozi, urwanko, umuryano, ishari, ishavu, impari, amatati, amacakubiri, akayigo, ukuborerwa, ukurenza ingero mu kurya.
Uwo musaserdoti yaribukije kandi n'ibikorwa biva kuri Mutima-Mweranda, ko ari urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubukundanyi, ubuntu, ukugumya umutima, uguteketeza, n'ukwitsinda.
Yabandanije ababwira ko Jambo w'Imana yamanutse ava mw'ijuru kugira ngo aze gukiza abantu ingeso mbi bagenderamwo, abakize n'indwara. Aho rero, Patiri Désiré Ninahazimana yaciye ababwira ko bozana imitwaro yabo ngo bayishikirize Yezu. Barazanye udupapuro banditseko imitwaro yabo, haravugwa igisabisho c'ukuyishikiriza Imana. Ivyo biheze, haciye haba umugirwa umenyerewe wo kuduturira.
Hakurikiye ugushinga intahe ku bo Yezu yakozeko, aho abatari bake bemeje ko bakize. Babiri muri bo barahagurutse, barashinga intahe, ariko bivanye n'uko batari gushobora kuronka akanya bose, hashinzwe ko abandi bazohora baronka akanya kiyaguye mu gisabisho c'ukuninahaza Imana cama kibera kuri Paruwase buri ku wa gatatu w'indwi, ngo ni ho bazoshingira intahe Yezu ku vyo yabakijije. Patiri Désiré Ninahazimana yaboneyeho guhurumbira kuja mu migwi yo kuninahaza Imana kugira ngo bagume bavomerera ingabirano baronse.
Uwurongoye ishure ryisumbuye ryo muri zone Bwiza na we nyene yarafashe akanya arakenguruka. yarakengurukiye cane Patiri mukuru, we yiyumviriye ko iryo shure ari ryo ryokwakira izo nyigisho, maze akaritora muri menshi asanzwe ari muri Paruwase Nyakabiga. Ku bwiwe, ngo nta nkeka ko izo nyigisho zafashije abarerwa biwe kwegera Imana gusumba uko vyahora. Yasozereye ijambo avuga ko adakekeranya ko iryo shure rigiye kuba rishasha, na rirya abanyeshure biwe bemeye kuzoyoborwa na Mutima-Mweranda.
Tubibutse ko indwi yahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza kw'ishure ryisumbuye rya zone Bwiza yari yatanguye ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2019, ku civugo kivuga ngo «Rwaruka, tumenye iyo tuva n'iyo tuja mu kwemera no mu kudakuririra imigenzo y'isi».
Chantal, Paruwase Nyakabiga
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»