Abihebeye Imana bo mu miryango n'imibano itandukanye barangurira ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kw'igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2019 barahimbaje umusi mukuru wahariwe ubuzima bw'abihebeye Imana. Paruwase Gatumba ni yo yatewe iteka ry'ukwakira ivyo birori, aho abihebeye Imana bo mugisagara ca bujumbura bari batororokanye bava mu miryango n'imibano itandukanye, baje ngo bahimbarize hamwe umusi mukuru wabo. Inkuka ya misa yarongowe n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, ari kumwe n'icegera ciwe, Musenyeri Anatole Ruberinyange, abasaserdoti ba Paruwase Gatumba, n'abandi basaserdoti batandukanye barangurira ubutumwa muri Diyoseze.
Ibirori vy'uguhimbaza umusi mukuru wahariwe ubuzima bw'abihebeye Imana vyabaye mu mice ibiri: ubwa mbere hatanguye inkuka ya misa yatangujwe n'urugendo rwavuye kw'irembo rya paruwase rugana mw'isengero, aho Umwepiskopi yanahezagiye ibimenyetso vy'amatara yabo, imisa iheze na ho ibirori bibandanyiriza mu kigo c'abasaserdoti ba Paruwase.
Mu ntango y'igice ca mbere c'ibirori, Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Yakobo NDAYISENGA yaciye afata ijambo, aho yabanje guha ikaze abari baje muri ivyo birori, araheza asaba Umwungere mukuru wa Diyoseze ko yobarongora mu guhereza Inkuka ya misa.
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, yishimikije ijambo ry'Imana ryo mu bisomwa vy'uwo musi (Yer.1,4-5.17-19; 1Kor.12,31-13,13; Luk.4,21-30), yarasiguye ibintu bitatu iryo jambo ryokwigisha abakristu.
Inyigisho ya mbere ijambo ry'Imana ryigisha mu vy'ugutorana ibanga ry'ukwihebera Imana, ngo ni uko umuntu atari we yitora. «Nta wigemura mu kwihebera Imana, ni Imana yo nyene imutora nk'uko yatoye Yeremiya atanavyiteze, nk'uko yatoye Paulo yari umugesera, abo bose bakaba ari bo badushikirije ijambo ry'Imana uyu musi», ni ko Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yavuze.
Ku bwiwe, ngo kumenya ko uwihebeye Imana ari uwatowe n'Imana birahambaye cane mu buzima bwacu bw'ukwemera no mu buzima nyene bwo kwubaka Ekleziya. Ngo bituma uwutorewe iryo banga yama ariko arakenguruka, kuko aba yatowe, mugabo kandi ngo akama abaza iyo Mana ingene yogendera iryo banga yatorewe. ngo biranatuma abantu bubaha, basonera, bongera bafasha abatorewe iryo banga, kuko baba bubashe uwaribatoreye, kandi bafashije abatorwa kugira ngo bahabere mu ngoro, muri Ekleziya.
Inyigisho ya kabiri uwo mwepiskopi yavuze ko abantu bokura mu bisomwa no mw'ihimbazwa ry'uwo musi, ngo ni uko uwutowe atorerwa ubutumwa, kandi ubutumwa burengeye amagara make ya muntu. Yatanze akarorero k'igiye Yeremiya yatorwa, ngo hari mu gihe ca Yoziyasi, ngo ico gihe igihugu c'Imana cari caramaze kwiyoberwa, ngo hari hasigaye gusa udusigarira tucemera Imana; ngo vyari bigoye, mu gihe intwaro z'abanyamahanga zari zikikuje abo mri ico gihugu c'Imana zashobora kuzimanganya akari gasigaye mw'isezerano ry'Imana. Yeremiya rero, ngo yatowe akiri muto, kandi atazi no kuvuga neza.
Ngaha, inyigisho Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa atanga ni iy'uko uwutowe atizigira imbere ya vyose amagara yiwe, ahubwo abwirijwe nyabuna kwama yizigiye uwamutoreye iryo banga n'ubutumwa, agashira ubwoba, akama yumva mu buzima bwiwe bwa misi yose iri jambo ryabariwe Yeremiya ngo «Ndi kumwe nawe, kandi nkaba Umuvunyi wawe», ngo aha ni ho hahagaze ukwemera n'ukwizigira kw'uwatorewe ibanga, bigaca bimutuma agumana urukundo mu buzima bwiwe no mu kurangura ubutumwa bwiwe. Ngo birakenewe ko uwatowe aguma amenya ko yamana n'Imana, kandi ko Imana iguma ari umuvunyi wiwe mu bihe vyose; ngo akaguma avyemera, abishigikiza n'igisabisho yama ariko arahereza.
Inyigisho ya gatatu, ngo ni uko umutumwa atokwitega ko azokwama yakirwa neza hose. Yeremiya wewe ngo yari yavyongorewe kuva agitorwa, ngo «Kenyera zigume [...] bazokurwanya, ariko ntibazoshobora kugutsinda». Ibintu nk'ivyo ngo na Yezu ubwiwe vyaramushikiye, aho yarwanyijwe mbere n'ab'iwabo, bitwaza ngo basanze umwigisha aserutse ari uwo batari biteze, kuko bo bibwira ngo ni mwene Yozefu gusa aserutse. Mbere, abo bantu ngo bahavuye banigwa n'ishavu, bamuhindira inyuma y'igisagara, bagomba kuhamwicira. Mugabo kandi, ngo harabaye ikintu gihambaye kuri we, kuko yabaciye hagati akigira.
Inyigisho Yezu ngo aduhaye ni uko kenshi abantu tugomba intsinzi, ariko tutaranarwana. Ngo hari bamwe bamwe mu batowe, iyo bahuye n'ingorane, aho borwanye baca bagomba ko ya Mana yabatoye yobaha intsinzi ubwo nyene. Ngo ubutumwa bw'ugushikiriza Inkuru Nziza ni urugamba, kandi urugamba rushobora no kumara igihe kitari gito, rero ngo uwatowe ategerezwa kwemera akarurwana. Ngo ku wizigiye Imana, akabandanya ayigumanira urukundo mu gukunda abo yiremeye, iyo Mana ngo iramuha intsinzi, n'aho vyoteba.
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yarangije insiguro atera akamo abihebeye Imana ko batokwigera batinya kugendera ibanga ryabo ry'ubutumwa batorewe, n'aho boba babarwanya. Bokwirinda na cane cane kuba ba Ntambirakaje bahindura ukuri kw'Imana ibinyoma, bagomba kuryohera abo kwokijijie kugumye ari ukuri. Ngo bokwirinda guhemukira Imana mu kuyikorera ubutumwa itabatumye. Ngo bagumije umutima nka Yeremiya, nka Paulo, nka Yezu, ngo n'aho abaterekwa Yezu bobacira icobo Imana iraheza ikabacira icanzo mu kubashikana mu buzima bwamaho.
Nk'uko uwo musi abihebeye Imana bari baramutse bahimbaza ibanga batorewe, karabaye akaryo nta ngere k'ugutura Umukama ibisabisho vyabo. Barasabiye Ekleziya kw'isi yose ngo Imana ikomeze abo yitoreye mu butumwa yabashinze, bongera basabira n'imiryango yose y'abihebeye Imana n'abagitohoza umuhamagaro wabo.
Abo bihebeye Imana baranahereje Imana kandi n'amashikanwa yabo, aya na yo akaba yari agizwe n'ibimenyetso bitandukanye: Bibiliya yerekana ijambo ry'Imana bavomamwo ubutumwa bashinzwe, Umubumbe w'isi werekana ko bakwiza Inkuru Nziza kw'isi yose, ivyimburwa vyerekana ko bakenguruka ku vyo Imana ibaha ngo bibatungire umubiri, be n'ihostiya n'umuvinyu vyakoreshejwe mu Nkuka ya misa nk'ikimenyetso ca Kristu we yitanzeko Inkuka yuzuriza abantu bose mu bunywanyi bwa Mana Data, nk'ikimenyetso kandi c'uwo bavomako ubukomezi mu butumwa bwabo.
Hashitse umwanya w'amajambo, abanyacubahiro batandukanye baragize ico bavuga ku bijanye n'ihimbazwa ry'uwo musi mukuru, haba ku rwego rwa Ekleziya yose, haba no ku rwego rwa Diyoseze. Aha twovuga nk'umufurera yaserukiye urwego rw'ihuriro ry'abarngoye abakuru b'imiryango y'abihebeye Imana, aho mw'ijambo ryiwe yasiguye amamuko y'uwo musi mukuru, akavuga kandi n'ico abihebeye Imana baterera igihugu c'Imana mu butumwa bwabo, be n'ico basaba abandi bakristu.
Umusi wahariwe uguhimbaza ibanga ry'ukwihebera Imana ngo watanguye kw'igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1997, utangujwe na Papa Yohani Paulo wa kabiri. Ngo hari ku muisi wo kwibuka iherezwa ry'Umukama wacu Yezu kristu mw'isengero ry'i Nazareti. Ngo kuri iri sabukuru ry'imyaka 23 iheze bahimbaza uwo musi mukuru wabahariwe, abihebeye Imana ngo bawuhimbaje bararonse akanya gakwiye k'ukuwitegurira, kuko bagize igisabisho c'imisi icenda, kumwe n'urwaruka, barufasha gutohoza umuhamagaro warwo. Yasozereye akengurukira Abungere ba Diyoseze ingene babama hafi, abakristu bose babashigikira, na cane cane abo muri Paruwase ya gatumba babemereye guhimbariza umusi mukuru iwabo.
Inkuka ya misa yarangiriye ku muhezagiro w'Umukama washikirijwe n'Umwungere wa Diyoseze nyene, ari kumwe n'abo basangiye ubutumwa bw'ihereza, maze ibirori bica bibandanyiriza ku gice ca kabiri c'umusi mukuru. Indirimbo z'itorwa be n'intambo n'udukino dutandukanye vyibutsa umuhamagaro w'abihebeye Imana ni vyo vyaranze ico gice c'ihimbazwa nyezina ry'umusi mpuzamakungu wahariwe ubuzima bw'abihebeye Imana. Aha ni na kwo abihebeye Imana baguma basangira utwo bategekanirije urubanza rwabo, nka kumwe kw'abatumwa ba mbere nyene.
Uyu mwaka w'2019, abihebeye Imana bahimbaje umusi ugira uwa 23 wahariwe ubuzima bw'abihebeye Imana. Mu gihe mu mwaka uheze bari bawuhimbarije muri Paruwase Kinama, uyu mwaka bashimye kuwuhimbariza muri Paruwase Gatumba ku civugo ngo "Kumwe n'urwaruka, dushikane Inkuru Nziza kuri bose", icivugo cashinzwe na Papa Fransisko ku musi mpuzamakungu wahariwe urwaruka.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â