«Ijwi risohotse riva mw'
iradiyo rishikira abantu benshi icarimwe», ivyo vyavuzwe na Patiri Désiré BIREHA,
Umwibutsamana wa Radiyo Mariya mu Burundi, ku wa Mungu igenekerezo rya 3
Ntwarante, mu nyubakwa y'inama iri muri Paruwase Ana Mweranda yo ku Musaga. Ubwo
butumwa bwatangiwe mu nama uwo musaserdoti-mwibutsamana yagirishije abagenzi
b'iyo nsamirizi y'umuvyeyi Bikira-Mariya muri Paruwase, mu ntumbero y'uguhimiriza
gukunda no gufasha iyo nsamirizi mu bikorwa no mu bisabisho, inama yamaze
amasaha abiri.
Patiri Désiré BIREHA yabanje
kwibutsa ihangiro ry'iyo nsamirizi, ko ari ukugira ngo ijwi ryayo ry'ukumenyesha Inkuru
Nziza ryishikire abantu benshi icarimwe. Patiri Mukuru wa Paruwase Ana Mweranda
na we yaciye amwunganira. Patiri Sept Désiré REMESHA yuhiyemwo ati: «Birashoboka
rwose ko dushikana Inkuru Nziza kure duciye ku buhinga ngurukanabumenyi, kuko
dufise Radiyo Mariya isanzwe ikorana mu bitari bike n'igisata ca Diyoseze Nkuru
ya Bujumbura co gutumatumanako amakuru (CEDICOM)».
Umukuru w'inama nkuru ya Paruwase
na we nyene yari mu bari bitavye iyo nama; yagize ati: «Sinogenda ntashimye
ibikorwa n'iciyumviro ciza mwagize c'uguhuza abagenzi ba Radiyo Mariya muri Paruwase
yacu -[aha yavuga uwo mwibutsamana wa Radiyo Mariya burundi]- natwe tugiye
kurushirizaho kugamburuka, haba mu kubasabira no mu gutanga uburyo bwa buri
kwezi, kugira ngo imigambi y'iyo nsamirizi iranguke».
Twobamenyesha ko umugwi
w'abagenzi ba Radiyo Mariya Burundi muri Paruwase Ana Mweranda wari usanzwe
uhari, ubu rero abawurongoye bakaba bariko baratumirira abandi boba bashaka
kuwinjiramwo. Ngo boba bimirije kandi n'amatora muri uwo mugwi, kugira ngo
bashireho indongozi nshasha, mu gihe izahahora ziriko zirasozera ikiringo cazo.
Jean Fleury Raoul MUGISHA
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»