Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, yarakoranije inama ihuza bamwe mu basaserdoti, abihebeye Imana n'abakristu b'abalayike yatoye ngo barabire hamwe intumbero n'imigambi mikuru mikuru yorongora ubutumwa muri Dioseze Nkuru ya Bujumbura, mu kiringo c'imyaka itanu kuva 2020-2025 (plan stratégique). Iyo nama yabereye ku kirimba iwe, kuva kw'igenekerezo rya 26 Ruhuhuma kugeza ku rya 3 Ntwarante.
Bamaze guca irya n'ino ivyari vyategekanijwe kwigwa, abari muri iyo nama bapfunditse ko bagiye kubandanya mu migwi, kugira ngo banonosore ibikorwa bitandukanye, buri mugwi ukaba ugiye kubandanya wiga ivyo washinzwe, maze baze bashire hamwe ivyo bazoba bashitseko.
Iyo nama itegekanijwe kubandanya mu misi itari mike, nk'uko tubishikirizwa na Patiri Dieudonné NIYIBIZI ajejwe ubutumwa bwo kumenyesha amakuru muri Diyoseze, akaba ari mu bari muri iyo nama.
Michel NIBITANGA
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â