Mu ntumbero y'ugukomeza ubutumwa bw'imibano rukristu, Abakristu bagize
imibano rukristu yo muri Sikirisale Gisyo barahuriye hamwe mu gisabisho, kuri
uyu w'Imana igenekerezo rya 10 Ntwarante, ico gisabisho kikaba cabereye kw'ishule
shingiro ryitiriwe «Ishule ry'akazuba keza».
Sikirisale Gisyo ni imwe muri Sikirisale zigize Paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha, ikaba igizwe n'imibano itandatu, yose iba muri Karitiye Gisyo, muri zone Kanyosha. iyo na yo ni imibano yitiriwe aberanda Benoît, Mikaheli, Agata, Anyesi, Dominiko, na Rossello.
Mu gisabisho cahuje iyo mibano, karabaye n'akaryo k'uko Abakristu bari bacitavye baraharonkeye n'inyigisho. Izo nyigisho zavuga ku kamaro k'imibano rukristu n'ibikomeza umubano rukristu, zikaba zashikirijwe n'umuhinga mu vy'ingo n'imiryango, Gérard MANITANGA.
Muri uwo mwanya, Gérard MANITANGA yari yabazaniye inyigisho z'ugukomeza
imibano yabo, akaba yashimikiye ku gusengera hamwe, ugufashanya, n'ugusangira
ijambo ry'Imana nka bimwe mu vyamwa vy'ukuba mu mubano rukristu. Yarangije atera
intege abakristu bo muri sikirisale ya Gisyo kubandanya bitabira ubutumwa
n'igisabisho co mu mubano rukristu.
Inyigisho iheze, umukuru wa Sikirisale Gisyo, uyu na we akaba ari Rénovat NZEYIMANA, na we yaciye agira ico ashikirije, akaba yaratumiriye abo bakristu kugumana akariro k'Imana muri bo, be n'ukwama bagavye ngo ntibasamazwe n'imyitwarariko y'ivyubuzima, nyabuna ngo bihatire kurangura ibikorwa vyiza mu kubandanya bitegurira amaza y'Umukama.
Yaciye agirako abashikiriza ubutumwa bwaranguwe mu mwaka
uheze, aboneraho n'ukubipfuriza umwaka mwiza mu butumwa bwabo bwose.
Tubamenyeshe ko ibikorwa vy'uwo musi vyarangijwe n'ugusangirira hamwe.
Gonzalve NTASHIMIKIRO, Paruwase KANYOSHA
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»