Abigeme 9 n'imisore 11 bararonkejwe inyigisho zijanye n'ukwumviriza abagendana
ihahamuka be n'ugukira ibikomere vyo kumutima. Izo nyigisho zatunganijwe n'Igisata
c'Ubutungane n'Amahoro muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (CDJP-Bujumbura),
biciye mu mugambi «Dukire tubane». Izo inyigisho zamaze imisi itatu, zikaba
zatanguye kw'iginekerezo rya 20 gushika ku rya 22 Ntwarante.
Nk'uko twabimenyeshejwe n'uwariko atanga izo inyigisho, Annette NIYUGUSABA,
mu bituma ikibano cononekara ngo harimwo n'ugutanga inkuru zitari zo, kuko
zimwe muri zo zituma abantu bakomereka ku mutima. Ibindi bituma urwaruka rw'ubu
ruhahamuka, nk'uko tubimenyeshwa n'umushingantahe Yves KARIHANZE asanzwe
arongoye ibikorwa vy'ugufasha gutorera umuti ibibazo vy'ihahamuka muri CDJP-Bujumbura,
ngo ni ihohoterwa rifatiye ku gitsina, iryo na ryo ngo rikaba rifatiye kuri
vyinshi.
Icibonekeje kuri urwo rwaruka rwo mu Ngagara, ni uko urwo rwari rufise ishaka
ry'ukumenya gusumba ibijanye n'ihahamuka. Ivyo twabibwiwe na Godeliève WIMANA, asanzwe
ariko arafasha mw'itangwa ry'izo nyigisho. Godeliève WIMANA avuga ko izo
inyigisho zaje hageze, kuko ku bwiwe zituma urwaruka rugarukana akanyamuneza,
mu gihe abatari bake ngo bari baragatakaje.
Aho izo nyigisho zihurira n'ugukira kw'ibikomere vy oku mitima yabo na ho,
Godeliève WIMANA yatumenyesheje ko urwaruka barufasha kumenya kurengera ibituma
bakomereka ku mutima, gutyo bakiga kubaho banezerewe. Ikindi bafashisha
urwaruka ngo ni ukurwigisha ukuntu rwohitamwo umwizigirwa mu buzima kuko ngo
bituma umuntu yirinda kwigumizamwo ivyamubabaje, gutyo agakira ukuguma yigunze.
Ikindi kandi, «izo nyigisho ni ingirakamaro ku bantu bose», ivyo biri mu ntahe
twashingiwe na Godeliève WIMANA nyene. Yabisiguye muri aya majambo, ati: «Na
jewe ntanga izo inyigisho kuko nzi aho zankuye: kare nta muntu n'umwe nabwira ivyambabaje; vyarangumamwo,
bikambabaza, ariko kuva aho ndazironkeye, ubu iyo hari ikimbabaje, ndakivuga,
kandi birampa amahoro».
Izo nyigisho zaheze bamwe n'abandi bagize ico baterereye kugira ngo umwimbu uzivuyemwo uzogire ico ufashije ku buzima bwo mu mutima bwa bene Burundi. Mu gihe mu kibano cacu hari vyinshi bituma uwu canke uriya ahahamuka, Yves KARIHANZE yavuze ko igikenewe ari ugufasha biciye mu biganiro n'inyigisho nk'izo. Annette NIYUGUSABA na we, avuga ku bijanye n'ukwubaka ikibano ciza, yasavye ashimitse ko ugufasha abahahamutse bitohara. Ku ruhara rw'urwaruka na rwo, ngo rwokwirinda gukwiragiza inkuru z'ibinyoma. Tubamenyeshe ko bose bahurije kw'ijambo ko ukurwanya ihahamuka ku kurwaruka ari uguterera mw'iyubakwa ry'uburundi bwiza bw'ejo, kuko ngo urwaruka ni Uburudi bw'ejo.
RĂ©novat NIYONSENGA, CDJP-Bujumbura
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»