Mu kwerekana mw'isengero icese abitegurira Isakramentu ry'ibatisimu rizotangwa mu giteramo ca Pasika cimirije, igice c'isigwa ry'amavuta gihabwa abakatekumeni caratanzwe ku w'Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, mu Nkuka y'Imisa yaherejwe na Patiri Mukuru wa Paruwase RUSHUBI, Patiri Piyo RWAMIYE. Ivyo vyabaye mu gihe uwo musaserdoti yari arangije insiguro y'ijambo ry'Imana ry'uwo musi.
Abahawe igice c'isigwa
ry'amavuta y'abakatekumeni ni abahejeje inyigisho ndoramana z'ikatigisimu
zibafasha kwitegurira Isakramentu ry'ibatisimu, bakaba bazobatizwa mw'ijoro
ry'uwa gatandatu mweranda, mu giteramo ca Pasika. Aba rero, imbere y'ukubasiga
ayo mavuta, Patiri Piyo RWAMIYE yatanguye
ababwira insiguro y'uwo mugirwa w'ugusigwa amavuta y'abakatekumeni n'akamaro
k'ayo mavuta.
Uwo musaserdoti, mu
gusigura uwo mugirwa, yafatiye ku kuntu kuva muri kahise k'Abarundi amavuta
yamye agereranywa n'umuti winjira mu rukoba, akanonora umubiri. Eka mbere ngo
n'uwugoyagirika, canke umuntu agira afate urugendo, ngo yarisiga amavuta kugira
ngo agire inguvu. No ku Bayahudi rero ngo vyari ukwo; umuntu arwaye,
yakomeretse, canke arushe, ngo baramusiga amavuta. Ku ngenzi na zo, umuntu
ashitse aho asaba indaro, babanza kumuzanira amazi n'amavuta. Kandi bukeye,
imbere y'uko abandanya urugendo rwiwe, baramwongera amavuta ngo ntaze kuruha
gose.
Aroresha iyo nsiguro
ku kimenyetso yagira agirire abakatekumeni, yaciye yongerako ati: «Kuri twebwe
natwe abemera, turazi ko turi ku rugendo, kandi umutima wacu urakeneye
amavuta yo kuwunonora». Yaciye anibutsa ya mavuta umunya samaliya w'ikigongwe
yasiga wa muntu yasanze abagizi ba nabi bavunaguye bakamusiga ari intere, maze
amenyesha ko mu gusigwa amavuta kw'abo bakatekumeni, Yezu amera nk'umunya
Samaliya w'ikigongwe, maze agakomeza imitima y'abasigwa.
Aho abakatekumeni
basigwa amavuta mu gikiriza, ngo ivyo ni ibigirwa ku mubiri, ariko kandi ari
ikimenyetso c'ibigirwa ku mutima, ivyo umuntu atari ngombwa ngo abibone n'amaso
yiwe. Iyindi nsiguro Patiri Piyo
RWAMIYE yatanze, ngo abakatekumeni basigwa amavuta kugira ngo bashobore
gukurikira Umukama badasubira inyuma. Ahejeje iyo nsiguro, yaciye atanga icese
ikimenyetso c'uwo musi, ari co c'ugusiga amavuta abo bakatekumeni.
Tubamenyeshe ko abahawe
igice c'isigwa ry'amavuta babaye abakatekumeni ijana na mirongo itanu na
batandatu, muri bo hakaba harimwo umwe azobatirizwa muri Paruwase ya BUHONGA.
Tubamenyeshe kandi ko uyu mwaka igitigiri c'abakatekumeni basizwe ngo biteguriye
kwakira isakramentu ry'ibatisimu congerekanye tugereranije n'abasizwe amavuta
mu mwaka uheze, kuko hoho bangana na mirongo umunani na batatu.
Bernard NDABINENGESERE,
Paruwase RUSHUBI
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»