IBIBAZO VY'INAMA Y'UMURYANGO
Itariki: 05/01/2018Ababisomye 1167
DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA
INAMA Y'UMURYANGO WA DIYOSEZE
B.P. 690 bUJUMBURA
IBIBAZO BISHIKIRIJWE ABAKRITU BOSE NGO BATERERE IVYIYUMVIRO INAMA Y'UMURYANGO WA DIYOSEZE YACU MU NGENDO YO GUSUBIZA HAMWE.
Menya neza
Inama y'umuryango isabwe guterera ivyiyumviro kugira ngo abakristu (n'abandi bose) binjire bongere batsimbataze ingendo yo gusubiza hamwe. Ibibazo bikurikira vyateguwe ngo bifashe abari mu nama guhanahana ivyiyumviro. Uwurongoye inama yobanza kubitegura neza, akarimbura umwanya wokoreshwa kugira bashikire ijambo basangiye. Bahejeje inama, icegeranyo corungikwa mu biro vy'inama y'umuryango (secrétariat du synode diocésain).
I.UGUSUBIZA HAMWE N'IMANA
1. Mu bucuti bw'Imana n'abantu, dushira imbere uguhinduka ku mutima n'ukwuzura n'Imana. None ubucuti mfitaniye n'Imana buramurikira koko impande zose z'ubuzima bwanje (Mu muryango, mu babanyi, ku kazi, kw'ishure, mu mvugo no mu ngiro)? Sigura.
2. « Vyose biva ku Mana yatwuzurije na yo ku bwa Kristu, ikaduha kuba abasuku bakorera ubwo bwuzure » (2 Abak 5, 18). Ubwo abarundi boshobora kurekuriranira n'ugusubiza hamwe batabifashijemwo n'Imana ? Ku bwawe, uruhara rw'Imana mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe rwoba uruhe ? Hokorwa iki ngo duhe ikibanza Imana muri iyo ngendo ?
3. Mu Burundi abakristu ni bo benshi (abakatolika n'abaprotestanti), kandi abarongoye Ekleziya bagumye bakora, ariko ntivyabujije ko abarundi bacanamwo bakicana akatari gake. None mu butumwa bwabo :
- Ivyiza abarongoye Ekleziya badushikanyeko ni ibihe ?
- Ivyo abarongoye Ekleziya batakoze ni ibihe ? Vyavuye kuki ?
- Ivyo abakristu b'ibanga badushikanyeko ni ibihe ?
- Ivyo abakristu batakoze ni ibihe ? Vyavuye kuki ?
4. Ijambo ry'Imana ni ryo rituma abantu bahinduka, rikanagura ukwemera, rigatuma umuntu asubiza hamwe n'Imana n'abavukanyi. Habuze iki kugira ngo ivyo biranguke ? hokorwa iki ?
5. Amasakramentu cane cane iry' Ibatisimu, iry'Ikigongwe n'iry'Ukaristiya aradufasha gusubiza hamwe n'Imana n'abantu. Twokora iki kugira ngo ntabe umugirwa gusa ahubwo atubere akaryo nyako ko gusubiza hamwe n'ukunywana vy'ukuri n'Imana, n'abantu n'ukwiyunga ?
6. Mbega ukudasangira amadini birashobora gutuma abantu bacanamwo? Ni ibiki bishobora gutera uko gucanamwo ? Aho iwanyu vyifashe gute ? Hokorwa iki kugira abadasangiye idini babane mu mwumvikano mu miryango, mu mashure, mu mibano no mu gihugu?
7. Ekleziya Katolika n'ayandi madini, bofashanya gute kugira ngo ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe bibe ingendo n'umwitwarariko w'abemera Imana bose kugira ngo dushike ku mahoro arama?
II.UKUREKURIRANIRA N'UGUSUBIZA HAMWE HAGATI Y'UMURUNDI N'ABANDI BARUNDI CANKE ABANDI BANTU
8. Iyo tuvuze ugusubiza hamwe, birumvikana ko ari ugusubira kugira imigenderanire myiza hagati y'abantu canke imirwi y'abantu baba bacanyemwo. Vuga abantu canke imirwi y'abantu bikenewe ko basubiza hamwe mu gihugu cacu ? Bapfuye iki?
9. Ku vyerekeye ubwicanyi bwabaye mu Burundi:
- Ivyakubabaje ni ibihe ? Vyatewe na bande ?
- Bo ivyababaje ni ibihe ?
10. Ufatiye aho uherereye, mu mibano mito mito, ku mitumba, muri kartiye (quartier), mu mashure, ku kazi, mu makambi y'abasirikare n'abapolisi, hokorwa iki ngo abantu babane batinubana kandi badatinyana?
11. Abakristu b'Abalayike n'abihebeye Imana hari ivyo bapfa vyatumye binubana ? Abihebeye Imana hagati yabo bo, hari ibibacanishamwo ? Bosubiza hamwe gute?
12. Ugusubiza hamwe ni ingendo ica ku ntambwe nyinshi. Twisunze Ijambo ry'Imana, erekana ivyokorwa kugira ngo ushobore gusubiza hamwe :
o N'uwakugiriye nabi
o N'uwo wagiriye nabi
(kugira ibiganiro bituma abantu bamenya neza ico bapfa kandi umwe wese akamenya umubabaro w'uwundi; kugira ishaka ryo gusubiza hamwe; ukurekura no kurekuriranira; gutangura ubucuti bushasha,?)
13. Birashika ko haba ibicumuro bikorwa kenshi, bigakorwa na benshi mu gihugu, n'ababikoze ntibabe bakibona ko bacumuye, bikaba ibisanzwe kandi biriko birasambura ubuzima bw'igihugu. Nivyo bihava bikitwa ibicumuro rusangi (péché social). None, ibicumuro rusangi ubona vyimonogoje mu gihugu cacu bikakibuza gutera imbere canke bishobora kubangamira amahoro n'ugusubiza hamwe n'ibihe? Twokora iki ngo tugwanye ivyo bicumuro rusangi ?
14. Turazi ko tudashobora gushikira ukurekuriranira no gusubiza hamwe tutishimikije inkingi z'amahoro arizo ukuri, ubutungane, urukundo n'ikigongwe.
- Erekana ingene imwe imwe yose muri izi nkingi : ukuri, ubutungane, urukundo n'ikigongwe yodufasha gusubiza hamwe.
- Umuryango w'abakristu woterera iki ?
15. Abarundi baratase bagiriranira amabi y'agahomerabunwa. None ubutungane bw'amasentare burikwiye mu gusubiza hamwe abatase? Hokorwa iki?
16. Umuntu yoshobora kurekurira abamugiriye nabi batabanje kumusaba imbabazi ? Canke hari uworekurira uwo atazi? Wewe uhagaze he?
17. Umuntu arashobora kurekurira abamugiriye nabi ubutungane butabanje gukora? Wewe uhagaze he?
18. Ku bwawe, umukristu yoshobora guhabuza agateka kiwe abicishije mu gikenye canke mu kwihanira (kwihora)? Kubera iki ? Tanga akarorero.
19. Erekana uruhara rw'umuryango (la famille) mu ngendo yo gusubiza hamwe.
20. Umuryango w'abakristu wofasha iki ngo abarundi barekuriranire bimwe bivuye ku mutima?
21. Mbe kubwawe, imico n'imigenzo y'abarundi ifasha mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe ni iyihe ? Iyidafasha ni iyihe ?
22. Mu gitabu c'Amamuko Imana ivuga iti: ?Ni murondoke kandi murwire, mwuzure isi muteko muyiganze. Ni mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere n'ibikoko vyose binyogomba kw'isi? (Gn 1, 28). Kugaba isi n'ukuyiganza bisigura kugaba ibidukikije.
- Mbega ibidukikije tujejwe, tubibungabunga gute?
- Mbega ibidukikije tujejwe, tuvyonona gute?
- Ukwonona ibidukikije bibangamira ubuzima n'amahoro gute?
- Mbega none, ukwonona ibidukikije vyoba ari igicumuro? Sigura.
III.URUHARA RWA EKLEZIYA MU GUFASHA ABANYEPOLITIKE N'ABARI MU NTWARO NGO BAKOMEZE INGENDO YO GUSUBIZA HAMWE
23. Umukristu ari mu ntwaro canke muri politike, yofasha gute mu ngendo yo gusubiza hamwe haba mu buzima bwiwe bwa minsi yose canke mu mirimo ajejwe?
24. Ibintu biboneka Leta ikwiye gukora ngo ifashe abarundi kurekuriranira no gusubiza hamwe ni ibihe?
25. Mu ntwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, ingeso nziza zoranga igihugu kugira ngo amahoro arama atsimbatare ni izihe? Abanyamigambwe boterera iki mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe?
26. Papa Paulo VI avuga ati: ?Iterambere nyaryo ni ryo zina rishasha ry'amahoro?. Na none inkuru nziza ibwirizwa gufasha abantu gutera imbere mu mpande zose, kuko ?ininahazwa ry'Imana ari umuntu abaho mw'iteka? (Saint Irené de Lyon). Intambamyi z'iterambere mu Burundi ubona ari izihe? Ziva kuki? Abari mu ntwaro n'abanyepolitique wobasaba iki?
27. Mu ntumbero yo gukiza ibikomere vyo ku mutima, ubona bikenewe ko abahitanywe n'intambara bafubanwa iteka? Ubona bikenewe ko mu Burundi haba icibutso kimwe canke ivyibutso vyinshi vy'abagandaguwe kugira akahise kabi kamenyekane, umurundi wese yihane yirinde ubwicanyi? Ibindi Ekleziya yoterera ni ibihe ?
28. Mu ntumbero nyene yo gukira ibikomere vy'umutima no gutunganiriza bose, ubona ari ngombwa ko ababuze ababo n'ivyabo bosubizwa ivyo bonenewe canke bagashumbushwa mu bundi buryo? Vyogenda gute?
29. Ekleziya irimwo imirwi myinshi (abasaserdoti, abihebeye Imana, abamenyeshamana, abanyamihari n'abandi bakristu b'abalayike). Erekana uruhara rw'umwe umwe mu butumwa ashinzwe ngo abe vy'ukuri indemeshamahoro mu kurekuriranira no gusubiza hamwe.
30. Hoba hari ivyipfizo bindi ushaka gushikiriza inama y'umuryango wa diyoseze? Vuga bitatu.
RUSAMA 2011
Ibiro vy'inama y'umuryango
wa Diyoseze yacu
Ivyiyumviro