IBIBAZO VY'INAMA Y'UMURYANGO
Itariki: 05/01/2018Ababisomye 1167
DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA
INAMA Y'UMURYANGO WA DIYOSEZE
B.P. 690 bUJUMBURA


IBIBAZO BISHIKIRIJWE ABAKRITU BOSE NGO BATERERE IVYIYUMVIRO INAMA Y'UMURYANGO WA DIYOSEZE YACU MU NGENDO YO GUSUBIZA HAMWE.

Menya neza

Inama y'umuryango isabwe guterera ivyiyumviro kugira ngo abakristu (n'abandi bose) binjire bongere batsimbataze ingendo yo gusubiza hamwe. Ibibazo bikurikira vyateguwe ngo bifashe abari mu nama guhanahana ivyiyumviro. Uwurongoye inama yobanza kubitegura neza, akarimbura umwanya wokoreshwa kugira bashikire ijambo basangiye. Bahejeje inama, icegeranyo corungikwa mu biro vy'inama y'umuryango (secrétariat du synode diocésain).

I.UGUSUBIZA HAMWE N'IMANA

1. Mu bucuti bw'Imana n'abantu, dushira imbere uguhinduka ku mutima n'ukwuzura n'Imana. None ubucuti mfitaniye n'Imana buramurikira koko impande zose z'ubuzima bwanje (Mu muryango, mu babanyi, ku kazi, kw'ishure, mu mvugo no mu ngiro)? Sigura.

2. « Vyose biva ku Mana yatwuzurije na yo ku bwa Kristu, ikaduha kuba abasuku bakorera ubwo bwuzure » (2 Abak 5, 18). Ubwo abarundi boshobora kurekuriranira n'ugusubiza hamwe batabifashijemwo n'Imana ? Ku bwawe, uruhara rw'Imana mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe rwoba uruhe ? Hokorwa iki ngo duhe ikibanza Imana muri iyo ngendo ?

3. Mu Burundi abakristu ni bo benshi (abakatolika n'abaprotestanti), kandi abarongoye Ekleziya bagumye bakora, ariko ntivyabujije ko abarundi bacanamwo bakicana akatari gake. None mu butumwa bwabo :

- Ivyiza abarongoye Ekleziya badushikanyeko ni ibihe ?
- Ivyo abarongoye Ekleziya batakoze ni ibihe ? Vyavuye kuki ?
- Ivyo abakristu b'ibanga badushikanyeko ni ibihe ?
- Ivyo abakristu batakoze ni ibihe ? Vyavuye kuki ?

4. Ijambo ry'Imana ni ryo rituma abantu bahinduka, rikanagura ukwemera, rigatuma umuntu asubiza hamwe n'Imana n'abavukanyi. Habuze iki kugira ngo ivyo biranguke ? hokorwa iki ?

5. Amasakramentu cane cane iry' Ibatisimu, iry'Ikigongwe n'iry'Ukaristiya aradufasha gusubiza hamwe n'Imana n'abantu. Twokora iki kugira ngo ntabe umugirwa gusa ahubwo atubere akaryo nyako ko gusubiza hamwe n'ukunywana vy'ukuri n'Imana, n'abantu n'ukwiyunga ?

6. Mbega ukudasangira amadini birashobora gutuma abantu bacanamwo? Ni ibiki bishobora gutera uko gucanamwo ? Aho iwanyu vyifashe gute ? Hokorwa iki kugira abadasangiye idini babane mu mwumvikano mu miryango, mu mashure, mu mibano no mu gihugu?

7. Ekleziya Katolika n'ayandi madini, bofashanya gute kugira ngo ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe bibe ingendo n'umwitwarariko w'abemera Imana bose kugira ngo dushike ku mahoro arama?

II.UKUREKURIRANIRA N'UGUSUBIZA HAMWE HAGATI Y'UMURUNDI N'ABANDI BARUNDI CANKE ABANDI BANTU

8. Iyo tuvuze ugusubiza hamwe, birumvikana ko ari ugusubira kugira imigenderanire myiza hagati y'abantu canke imirwi y'abantu baba bacanyemwo. Vuga abantu canke imirwi y'abantu bikenewe ko basubiza hamwe mu gihugu cacu ? Bapfuye iki?

9. Ku vyerekeye ubwicanyi bwabaye mu Burundi:

- Ivyakubabaje ni ibihe ? Vyatewe na bande ?
- Bo ivyababaje ni ibihe ?

10. Ufatiye aho uherereye, mu mibano mito mito, ku mitumba, muri kartiye (quartier), mu mashure, ku kazi, mu makambi y'abasirikare n'abapolisi, hokorwa iki ngo abantu babane batinubana kandi badatinyana?

11. Abakristu b'Abalayike n'abihebeye Imana hari ivyo bapfa vyatumye binubana ? Abihebeye Imana hagati yabo bo, hari ibibacanishamwo ? Bosubiza hamwe gute?

12. Ugusubiza hamwe ni ingendo ica ku ntambwe nyinshi. Twisunze Ijambo ry'Imana, erekana ivyokorwa kugira ngo ushobore gusubiza hamwe :
o N'uwakugiriye nabi
o N'uwo wagiriye nabi

(kugira ibiganiro bituma abantu bamenya neza ico bapfa kandi umwe wese akamenya umubabaro w'uwundi; kugira ishaka ryo gusubiza hamwe; ukurekura no kurekuriranira; gutangura ubucuti bushasha,?)

13. Birashika ko haba ibicumuro bikorwa kenshi, bigakorwa na benshi mu gihugu, n'ababikoze ntibabe bakibona ko bacumuye, bikaba ibisanzwe kandi biriko birasambura ubuzima bw'igihugu. Nivyo bihava bikitwa ibicumuro rusangi (péché social). None, ibicumuro rusangi ubona vyimonogoje mu gihugu cacu bikakibuza gutera imbere canke bishobora kubangamira amahoro n'ugusubiza hamwe n'ibihe? Twokora iki ngo tugwanye ivyo bicumuro rusangi ?

14. Turazi ko tudashobora gushikira ukurekuriranira no gusubiza hamwe tutishimikije inkingi z'amahoro arizo ukuri, ubutungane, urukundo n'ikigongwe.

- Erekana ingene imwe imwe yose muri izi nkingi : ukuri, ubutungane, urukundo n'ikigongwe yodufasha gusubiza hamwe.
- Umuryango w'abakristu woterera iki ?

15. Abarundi baratase bagiriranira amabi y'agahomerabunwa. None ubutungane bw'amasentare burikwiye mu gusubiza hamwe abatase? Hokorwa iki?

16. Umuntu yoshobora kurekurira abamugiriye nabi batabanje kumusaba imbabazi ? Canke hari uworekurira uwo atazi? Wewe uhagaze he?

17. Umuntu arashobora kurekurira abamugiriye nabi ubutungane butabanje gukora? Wewe uhagaze he?

18. Ku bwawe, umukristu yoshobora guhabuza agateka kiwe abicishije mu gikenye canke mu kwihanira (kwihora)? Kubera iki ? Tanga akarorero.

19. Erekana uruhara rw'umuryango (la famille) mu ngendo yo gusubiza hamwe.

20. Umuryango w'abakristu wofasha iki ngo abarundi barekuriranire bimwe bivuye ku mutima?

21. Mbe kubwawe, imico n'imigenzo y'abarundi ifasha mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe ni iyihe ? Iyidafasha ni iyihe ?

22. Mu gitabu c'Amamuko Imana ivuga iti: ?Ni murondoke kandi murwire, mwuzure isi muteko muyiganze. Ni mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere n'ibikoko vyose binyogomba kw'isi? (Gn 1, 28). Kugaba isi n'ukuyiganza bisigura kugaba ibidukikije.

- Mbega ibidukikije tujejwe, tubibungabunga gute?
- Mbega ibidukikije tujejwe, tuvyonona gute?
- Ukwonona ibidukikije bibangamira ubuzima n'amahoro gute?
- Mbega none, ukwonona ibidukikije vyoba ari igicumuro? Sigura.


III.URUHARA RWA EKLEZIYA MU GUFASHA ABANYEPOLITIKE N'ABARI MU NTWARO NGO BAKOMEZE INGENDO YO GUSUBIZA HAMWE

23. Umukristu ari mu ntwaro canke muri politike, yofasha gute mu ngendo yo gusubiza hamwe haba mu buzima bwiwe bwa minsi yose canke mu mirimo ajejwe?

24. Ibintu biboneka Leta ikwiye gukora ngo ifashe abarundi kurekuriranira no gusubiza hamwe ni ibihe?

25. Mu ntwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, ingeso nziza zoranga igihugu kugira ngo amahoro arama atsimbatare ni izihe? Abanyamigambwe boterera iki mu ngendo yo kurekuriranira no gusubiza hamwe?

26. Papa Paulo VI avuga ati: ?Iterambere nyaryo ni ryo zina rishasha ry'amahoro?. Na none inkuru nziza ibwirizwa gufasha abantu gutera imbere mu mpande zose, kuko ?ininahazwa ry'Imana ari umuntu abaho mw'iteka? (Saint Irené de Lyon). Intambamyi z'iterambere mu Burundi ubona ari izihe? Ziva kuki? Abari mu ntwaro n'abanyepolitique wobasaba iki?

27. Mu ntumbero yo gukiza ibikomere vyo ku mutima, ubona bikenewe ko abahitanywe n'intambara bafubanwa iteka? Ubona bikenewe ko mu Burundi haba icibutso kimwe canke ivyibutso vyinshi vy'abagandaguwe kugira akahise kabi kamenyekane, umurundi wese yihane yirinde ubwicanyi? Ibindi Ekleziya yoterera ni ibihe ?

28. Mu ntumbero nyene yo gukira ibikomere vy'umutima no gutunganiriza bose, ubona ari ngombwa ko ababuze ababo n'ivyabo bosubizwa ivyo bonenewe canke bagashumbushwa mu bundi buryo? Vyogenda gute?

29. Ekleziya irimwo imirwi myinshi (abasaserdoti, abihebeye Imana, abamenyeshamana, abanyamihari n'abandi bakristu b'abalayike). Erekana uruhara rw'umwe umwe mu butumwa ashinzwe ngo abe vy'ukuri indemeshamahoro mu kurekuriranira no gusubiza hamwe.

30. Hoba hari ivyipfizo bindi ushaka gushikiriza inama y'umuryango wa diyoseze? Vuga bitatu.




RUSAMA 2011
Ibiro vy'inama y'umuryango
wa Diyoseze yacu
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 215
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI