«Twese hamwe twubake Paruasse yacu, dutere imbere ku mutima no ku mubiri», ico ni co cari icivugo c'uwo musi w'Imana igenekerezo rya 7 Ndamukiza, aho muri Paruwase Gatumba hari hasubiye igikorwa c'ukwegeranya uburyo bwo kwubaka ingoro y'Imana nshasha y'igisata ca Kinyinya. Ico gikorwa catangujwe n'igisabisho c'Inkuka y'imisa yaherejwe igihe c'isaha zine n'igice, yari irongowe na Patiri mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Jacques NDAYISENGA. Ibisata vyitavye ico gikorwa ni ibisanzwe bigize iyo paruwase, ari vyo Kinyinya, Rukaramu, Vugizo na Warubondo.
Mu nsiguro yiwe, Patiri Jacques NDAYISENGA
yashikirije ko ivyo dukora vyose twobishiramwo umutima w'ubwenge n'urukundo,
kuko bitwibutsa urukundo Imana yadukunze, kandi n'ivyo turimwo vyose bibi
twovyiyambura kugira ngo tuzoshike ku musi mukuru wa Pasika amatara yacu
akicaka.
Mu gihe c'ugukenguruka ni ho habaye igikorwa nyezina c'uguterera uburyo kugira ngo hubakwe iyo ngoro y'Imana nshasha y'igisata ca Kinyinya. Iyo ntererano ikaba yatanzwe n'imibano rukristu yose, abari mu mihari n'imigwi y'ubutumwa, abajenama, n'abashitsi bari basengeye ngaho uwo musi. Harabonetse kandi n'abagize ico biyemeza.
Abazanye amashikanwa bose warabona ko baje buzuye umutima w'urukundo n'akanyamuneza ko kurangura ico gikorwa c'Imana. Inkuka y'imisa ikaba yasozerewe n'umuhezagiro watanzwe na Patiri mukuru nyene.
Tubibutse ko isengero yahahora yari yubatswe mu mwaka w'1999. Ico gihe yari igenewe kwakira abakristu 150 kuko ari bo bari bitezwe. Ubu na ho biboneka ko isigaye yaga, kuko usanga itumberwa n'abagera 2000.
Alain-Berthin IRAKOZE na Antoinette BATUNGWANAYO, Paruwase Gatumba
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»