Bavukanyi, kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza, ni umusi wa Pasika. Ni umusi duhimbazako izuka rya Kristu ava mu bapfuye. Yisubije muzima, yatsinze urupfu. Aruguruye umuryango ku bana b'abantu, arabaye uwa mbere mu bapfuye. Urupfu ntirwashoboye kumugumya. Urupfu si iherezo ry'ubuzima. Inyuma yarwo hari ubuzima nyabwo, ubuzima bw'uwatsinze, bw'uwahamvye ku ruhafu rwa Kristu ingeso mbi ziwe. Ibisomwa vyeranda vy'uyu musi tubisanga mu gitabu c'Ibikorwa vy'Abatumwa (Ibik.10,34.37-43), mw'Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi (Kol.3,1-4), be no muNkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Yohani (Yoh.20,1-9).
«Igituma murondera umuzima mu bapfuye ni iki? Ntakiri ngaha, yazutse!» Ngiyi inkuru nyamukuru y'uyu musi. Kristu ntakiri mu bapfuye, ni Muzima. Yari yarabimenyesheje abigishwa biwe agashika gatatu kose n'aho bo batabitegera. Tweho, uyu musi, abitumenyesheje aciye muri ibi bisomwa vyerana. Nituvyumvirize, maze iyi Pasika iheze isubire ivyure muri twebwe ka karanga k'abana bacungujwe amaraso y'igiciro ntangere y'Umwana w'Imana.
«Twebwe twarafunguye, turanywa
hamwe na We amaze kuzuka mu bapfuye»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Ibikorwa
vy'Abatumwa
Petero ngo ashike i Sezareya kwa
Korneliyo, asoma ijambo ati: «Murazi neza ivyabaye mu Buyudeha bwose, uhereye
mu Bugalile kuva muri ca gihe Yohani yigisha ibatisimu. Murazi ingene Yezu w'i
Nazareti yaronse Mutima-Mweranda be n'inganji y'Imana, hanyuma akagendura
igihugu cose agira ineza aho aciye hose, abohora abari mu ngoyi za shetani;
kanatsinda yari yuzuye Imana.
Twebwe rero, turi ivyabona vy'ivyo
yakoze mu gihugu c'Abayahudi be n'i Yeruzalemu. Ni we bahavuye bica, bamumanika
ku giti c'umusalaba. Ariko Imana
yaramuzuye ku musi ugira gatatu, imuha n'ububasha bwo kwibonekeza. Ntiyabonekeye
igihugu cose, yabonekeye ivyabona Imana yari yaratoye, twebwe twafunguye,
tukanywa hamwe na We amaze kuzuka mu bapfuye. Kandi yadutegereje kwigisha
igihugu n'ukwemeza ko ari we Imana yahaye intahe ngo acire urubanza abazima
n'abapfuye. Ni we abahanuzi bayaze, aho bavuga ko uwuzomwemera wese azoronka,
ku bw'izina ryiwe, ikigongwe c'ibicumuro yakoze.»
«Nimwaba mwazutse hamwe na Kristu
nimurondere ivy'ijuru»: Ivyo dusoma mw'Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye
Abakolosi
Ncuti zanje, nimwaba mwazutse
hamwe na Kristu nimurondere ivy'ijuru, aho Kristu avyagiye iburyo bw'Imana; nimwamize
agatima ku vy'ijuru, mureke kwumira ku vy'isi. Koko, mwasangiye urupfu na
Kristu, kandi ubuzima bwanyu buracahishijwe hamwe na we mu Mana. Aho Kristu
azoserukira, We buzima bwanyu, ni ho namwe muzoserukana na we mu buninahazwa.
Yezu
yabwirizwa kuzuka mu bapfuye (Yoh.20,1-9)
Alleluya! Alleluya! Alleluya! Kristu ni muzima, Kristu yizuye mu bapfuye, yatweretse natwe ko tuzozuka! Alleluya!
Umusi wa mbere w'indwi, Mariya wa
Magdala yagiye ku ruhafu mu gitondo kare, bugihwibiriye, araheza abona ko ibuye
barikuye ku ruhafu. Ariruka asanga Simoni Petero na wa mwigishwa Yezu yakunda,
ababwira ati: «Bakuye Umukama mu ruhafu, kandi ntituzi iyo bamushize.» Petero
rero aca aragenda, ajana na wa mwigishwa wundi, baja ku ruhafu. Bompi bagenda
bariruka, ariko wa mwigisha wundi arasiga Petero, amutanga ku ruhafu. Arunama
rero abona za mpuzu ziri hasi, ariko ntiyinjira.
Simoni Petero aje amukurikira
arashika na We. Yinjira mu ruhafu, abona za mpuzu ziri hasi n'ikiremo cari
kimupfutse ku mutwe; ico kiremo nticari kumwe n'izindi mpuzu, cari kizingiye
ukwaco. Wa mwigishwa wundi yari yamutanze abona na we kwinjira mu ruhafu;
araraba, aremera. Agasangwa ntibari bwategere ko, nk'uko vyanditswe, Yezu
yabwirizwa kuzuka mu bapfuye.
Binjiye, ntibabona ikiziga c'Umukama
Yezu. Abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera baraseruka babwira ba bagore bati:
«igituma murondera umuzima mu bapfuye ni iki? Ntakiri ngaha, yazutse! Ibuke uko
yababwiye akiri i Bugalile, ati: «Umwana w'umuntu ategerezwa kugwa mu minwe
y'ababisha, abambwe ku musaraba, azozuke ku musi ugira gatatu». Muvukanyi
dusangiye aka kanyamuneza ka Pasika, ng'iyo rero inkuru nyamukuru y'uyu musi.
Kristu ntakiri mu bapfuye, ni Muzima. Yari yarabimenyesheje abigishwa biwe
agashika gatatu kose n'aho bo batabitegera.
Yezu ni umwana w'Imana, Imana
yarungitse ngo acungure abantu bacumuye. Yezu yaje kw'isi ngo ahe ubuzima abo
igicumuro cari carakuye ubuzima bw'umutima, ntibabe bagicuditse n'Imana. Kenshi
Yezu yari yarabwiye abantu ko «ataje gukorerwa, yaje riho gukora n'ukwitanga
ngo abantu baronke ubuzima, kandi ubuzima bwuzuye» (Yoh.10,10).
Yezu amaze kubona neza ko
abatumwa biwe bamuzi (igihe bemeza ko ari Kristu, Umweranda w'Imana), ni ho
yaca abamenyesha ubwa mbere ko ategerezwa kugwa mu minwe y'ababisha,
bazomugirira nabi bakamwica, agapfa, agahambwa, ariko akazozuka ku musi ugira
gatatu. Iryavuzwe rero riratashe. Ku musi wa gatanu mweranda twese twari
twatuntujwe n'umubabaro w'uko Umwami wacu bamwishe. Twatashe tugira ngo
bamwishe, yahambwe; ko vyose biheze. Ariko, imbere y'ugucikana yaravuze ati: «Vyose
birarangiye», ni ukuvuga ko igikorwa camuzanye hano kw'isi, igikorwa
c'ugucungura abantu, mu kubitangirako inkuka ku musaraba, ari co cari
kirangutse. None uyu musi turiko turigina Yezu Kristu yazutse.
Kristu yazutse, yatsinze igicumuro
n'urupfu ruterwa na co. Abakenyezi beranda bagiye ku ruhapfu basanga nta kiziga
ca Yezu kiriyo. Abantu babiri bambaye ivyambarwa bikayangana, twemeza ko ari
abamarayika bababwiye bati: «Ntakiri ngaha, yazutse.
Iyo nkuru y'izuka imenyeshejwe
ubwa mbere n'abantu atari abatumwa, kandi batari basanzwe bagendana n'abigishwa
ba Yezu, batari no mu mugwi w'abigishwa. Abakenyezi beranda bari bazindutse
baja ku ruhapfu bajanywe n'urukundo n'icubahiro bari bafitiye Yezu ngo baze
kurangura umugirwa batari bashoboye kugira w'ugufubana iteka Yezu nk'uko
imigenzo yabitegeka, ni bo babaye aba mbere mu gushikirizwa inkuru y'izuka ngo
na bo bace baba abamenyesha iyo Nkuru Nziza y'izuka. Mu nyuma, kuri uyo musi
nyene, Yezu yarabonekeye n'abigishwa biwe, abonekera kandi n'abatumwa biwe.
Mbega iyo Yezu Kristu ataba
yarazutse, ukwemera kwacu kuba guhagaze hehe, tuba tucigisha iki, ukwizigira
kwacu kuba gushingiye kuki? Kira noneho, Yezu ni muzima, yarazutse. Ahubwo
nimuze tube natwe abamenyesha izuka. Ko Kristu yazutse, ubuzima bwacu
ntibubandanye bukukumba mu vy'isi. Umutima wacu nuhaguruke, uhange ijuru, ukabure
ico uzorihabwamwo, ari bwo buzima budahera.
Intahe y'izuka yarashinzwe
n'abatumwa ba Yezu Kristu, bagirako barayipfira, natwe tube abashingira intahe
izuka mu buzima bwacu. Pawulo mweranda yatwibukije ko nitwaba twazukanye na
Kristu tworondera ivyiza vy'ijuru, aho Kristu avyagiye, iburyo bw'Imana; ngo
twamize agatima ku vyiza vy'ijuru, tureke kwumira ku vy'isi, ni ho rero aho
Kristu azoserukira we Buzima bwacu, tuzoserukana na we mu buninahazwa.
Ntituzokwigera tuzukana na Kristu
nitwishinga kwumira ku vy'isi. Nituraramure umutwe duhange ijuru. Ariko twebwe
abantu dukunda riho guhunamira mu vy'isi, umwitwarariko wacu ukajana
n'ukurondera kwiberaho neza, ukurondera kwikenura mu vy'isi dukoresheje
n'inzira zidatunganye. Uwazukanye na Kristu aca aba uwitwararika ineza
y'abandi, akarondera gukingira ubuzima bw'abandi, akabwubaha kandi
akabwubahiriza, akamenya ayo bene wabo bagowe, ntaze aravuga ngo ni amahirwe
aho abantu barara bubitse umutima ku kirago.
Uwazukanye na Kristu ni urya
ababazwa n'ukubona abantu batashize hamwe mu mwumvikano, agaheza akavuga
amahoro aho abantu batumva ko batekaniwe. Ni urya kandi yitwararika
kubungabunga isi, ngo abantu babe heza, babe mw'iterambere bose hamwe, atari
iterambere rya bamwe bamwe nk'uku kubona umuntu yubaka inzu zine zitanu ku
giciro kidaharurika kandi ari kumwe n'abatagira n'agakingo bakingisha imbeho,
aho nyene tuzi ko ivyo Imana yatatse isi vyagenewe bose, ata kuvyigungirako. Uzoba
wazukanye na Kristu niwapfundurura iminwe ugatuma umukene amwenyura,
ugahanagura amosozi y'uwishwe n'intimba y'ukuba karadoga kuko atagira kiraba.
Ese Pasika y'Umukama wacu
yotugira bashasha koko, tugahindura ivyiyumviro, tugakera bose ata gukumirana
bifatiye ku migwi abantu baza barishiriraho kugira ngo ivy'Imana yageneye bose
bitahe iwabo gusa, canke bigirire akamaro bo nyene. Ukaba wazukanye na Kristu
rero, nube intumwa y'akanyamuneza n'amahoro mu rugo rwawe, mu babanyi, aho
ukorera n'aho ugendera, ufise umwitwarariko wuko mwese hamwe mwoshobora
kuzoshikira ubuzima nyabuzima, ari bwo Yezu ashaka ko tubanamwo na We.
Pasika nziza mwese, bakunzi ba Kristu yazutse, none ari Muzima, ubu n'imyaka yose.
Patiri Ildephonse MISIGARO
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â