Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi yisunze ko ari ngombwa kwubahiriza amategeko ya
liturjiya imbere y'amakosa yibonekeza
INTANGAMARARA
Inama Nkuru ya Vatikano ya kabiri yaratangaje icese ko Inkuka y'Imisa ari « isoko n'amerekero y'ubuzima rukristu buwose » (raba Inyigisho Ekleziya umuco w'amakungu « Lumen gentium »). Harashinzwe amategeko bose babwirizwa gukurikiza, yaba aya liturjiya, yaba ayagenga Ekleziya, kugira hatomorwe akaranga k'iryo sakaramentu ry'Ukaristiya, uruhara rukuru rwaryo mu buzima bw'Ekleziya no mu bw'umukristu, hamwe n'ingene iryo sakaramentu ribwirizwa guhimbazanywa iteka.
Ayo mategeko yashinzwe mu ntumbero y'ukuzigama iteka ry'iryo sakaramentu no kugira ngo abakristu barihimbaze bivuye ku mutima, batabaye abarorerezi kandi n'umutima
w'ubuyobokamana. Iyo mw'ihimbazwa ry'iryo sakaramentu hagiyemwo amakosa, iyo Ekleziya nyene iributsa kutadohoka ku amategeko yayo. Ni co gituma, imbere y'amakosa amwe amwe ya liturjiya yibonekeza iki gihe mu guhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya mu ma maparuwase y'amadiyoseze yo mu Burundi, Inama y'Abepiskopi ibwirizwa kwibutsa abakristu bayo bose muri rusangi no ku buryo bwihariye abasaserdoti, amategeko amwe amwe ya liturjiya kugira ngo hubahirizwe iteka ry'uguhimbaza isakaramentu ry'Ukaristiya, kandi igashinga ingingo zibereye.
I. UKWIBUTSA AMATEGEKO AMWE AMWE MU BIJANYE NA LITURJIYA
1. « Isakaramentu rifise iteka risumbirije ni Ukaristiya Nyeranda rwose kuko muri yo niho Kristu Umukama we nyene avyagiye, yihereza akongera akakirwa ; kandi kubw'iryo sakaramentu Ekleziya ibaho ikongera igakura ubudahengeshanya. Inkuka y'imisa, icibutso c'urupfu n'izuka ry'Umukama, muri yo inkuka yo ku musaraba ibandanya iherezwa imyaka n'imyaka, ni amerekero ikongera ikaba isoko ry'ibisabisho vyose n'ubuzima rukristu bwose, ku bwayo haribonekeza kandi hakaranguka ubumwe bw'igihugu c'Imana kandi hakaranguka inyubakwa y'Umubiri wa Kristu. Kukaba nkako, ayandi masakaramentu hamwe n'ibikorwa vyose vy'ubutumwa bw'Ekleziya birafatanye cane n'Isakaramentu ryeranda rwose ry'Ukaristiya kandi vyerekeza kuri ryo » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 897).
2. Muri Diyoseze, Umwepiskopi ni we ajejwe guteza imbere amategeko asangiwe n'Ekleziya yose kandi, kubera ico, niwe ajejwe kuraba ko amategeko yose y'Ekleziya akurikizwa. Gurtyo rero, « Abwirizwa kwitwararika ko ata makosa yohava ajamwo mw'ikurikizwa ry'amategeko y'Ekleziya, cyane cane mu vyerekeye ubutumwa bw'ukwigisha Ijambo ry'Imana, uguhimbaza amasakaramentu n'amasakaramentari, ugusenga Imana n'ukuninahaza aberanda, hamwe no mw'ikoreshwa ry'amatungo y'Ekleziya » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 392).
3. Muri paruwase, patiri mukuru niwe abwirizwa, kw'izina ry'Umwepiskopi wa Diyoseze, kuraba ko amategeko ya liturjiya yubahirizwa mu guhimbaza amasakaramentu muri rusangi no ku buryo bwihariye, mu guhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya. « Patiri mukuru abwirizwa gucungera ko Ukaristiya nyeranda rwose iba ishingiro ry'ikoraniro ry'abakristu ba paruwase, abwirizwa kwihata kuraba ko abakristu bayoborwa kandi bakomezwa n'uguhimbazanya umutima w'ugusenga amasakaramentu, na cane cane akaraba ko bohurumbira kenshi isakaramentu ry'Ukaristiya nyeranda rwose hamwe n'isakaramentu ry'ikigongwe ; abwirizwa kandi kwihata kuberekeza ku gisabisho, gushika mbere no mu muryango, kandi yongere yihatire kubafasha guhimbaza bivuye ku mutima kandi batabaye abarorerezi, liturjiya nyeranda Patiri mukuru, kw'izina ry'Umwepiskopi wa Diyoseze abwirizwa kuyobora muri paruwase yiwe kandi abwirizwa gucungera ko hatojamwo ikosa na rimwe » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 528, § 2).
4. Mu guhimbaza Ukaristiya, abakristu si abarorerezi ariko barabifisemwo nabo nyene uruhara. « Ekleziya kandi iritwararika kubona ko abakristu batoba muri ico kinyegezwa c'ukwemera nk'abarorerezi ataco babinezweko kandi b'ibiragi, ariko ko mu gutegera neza ico kinyegezwa mu migirwa yaco no mu bisabisho vyaco, boja muri ico gikorwa ceranda bazi ico bakora, n'umutima w'ugusenga kandi bakabigiramwo uruhara, bakigishwa Ijambo ry'Imana, bagafungura ku meza y'Umubiri w'Umukama, bagakengurukira Imana » (Inyigisho ya Vatikano ya kabiri yerekeye Liturjiya « Sacrosanctum concilium », n. 48).
5. Inyigisho yitwa « Isakaramentu ry'icungurwa » (Redemptionis sacramentum), yashikirijwe ku wa 25 Ntwarante 2004 n'Urwego rw'i Roma rushinzwe Liturjiya n'ukubahiriza ingene amasakaramentu atunganijwe, ivuga ngo : « Ku neza y'umuryango no kuy'Ekleziya y'Imana yose, birakwiye kandi biratunganye ko mu bakristu balayike, bamwe barangura, nk'uko biri mu ruhererekane rw'Ekleziya, ibikorwa bimwe bimwe mu guhimbaza Liturjiya nyeranda » (n. 43).
6. Ingingo ya 230, § 2 y'Amategeko y'Ekleziya, irerekana ko abalayike, iyo babiherewe
uruhusha mu kiringo gitegekanijwe, bashobora kurangura igikorwa c'umusomyi w'Ijambo ry'Imana mu bikorwa vya liturjiya, kandi, abalayike bose barashobora kurangura hisunzwe amategeko, ibikorwa vy' umusiguzi, vy'umuririmvyi canke ibindi bikorwa.
7. Ikigabane ca Miseli citwa Ugushikiriza ibiri mu Miseli ya Roma vyose (Introduction
Générale du Missel Romain), kiratomora kandi ibikorwa abakristu balayike bashobora
kurangura mu guhimbaza liturjiya. Hambavu y'umukorezi n'umusomyi babiherewe
ubutumwa, hariho umusangizi, umunyezaburi, umugwi w'abaririmvyi, umuririmvyi canke umukuru w'abaririmbiramana, Umunyesakristiya, Umusiguzi, Abakira amashikanwa mw'isengero, Mu ntara zimwe zimwe, abakirira abemera ku miryango y'isengero bakabashikana mu kibanza bakwiye, ari naho babatondesha mu rugendo, umufasha canke umuyobozi w'ivya liturjiya cane cane mu masengero makuru no mu yandi masengero ahambaye (Ugushikiriza ibiri mu Miseli ya Roma vyose, nn. 104-107).
8. Kugira ngo umulayike arangure igikorwa muri ivyo duhejeje kudondagura, abwirizwa kuba yarabihamagariwe canke akabihererwa uruhusha n'uwubifitiye ububasha. Nta n'umwe yiyadukiza. Gurtyo, « umukristu mulayike ahamagariwe gufasha mu guhimbaza liturjiya, abwirizwa kuba yiteguye neza kandi akaba ari rurangiranwa mu buzima rukristu bwiwe, mu kwemera kwiwe, mu nyifato runtu yiwe no mu kutadohoka ku nyigisho z'Ekleziya. Birabereye ko yoba yararonse inyigisho ya liturjiya ihuye n'imyaka yiwe, n'imibereho yiwe, n'ubuzima bwiwe hamwe n'urugero rwiwe rw'ukumenya Imana. Nta numwe azotorwa mu gihe igenwa ryiwe ryohava ritirimutsa abakristu » (Isakaramentu ry'icungurwa, n. 46).
II. AMAKOSA AMWE AMWE MURI LITURJIYA AKWIYE KURANDURANWA N'IMIZI
1. Mw'ihimbazwa ryose rya liturjiya, hariho igitabu c'imigirwa itegekanijwe kandi itomoye uwuyoboye liturjiya hamwe n'abakristu babwirizwa kwisunga bose. Birababaje kubona hari abayobora liturjiya ugasanga ariko n'aho bazi neza uruhara bafise rwo kwubaha no kwubahiriza amategeko ya liturjiya, barafashe akamenyero ko guha uruhusha rwo kuvuga ijambo abakristu bamwe bamwe canke abandi bantu baciye ngaho birenganira, kandi ivyo bidategekanijwe n'igitabu c'imigirwa y'imisa.
2. Mu maparuwase amwe amwe, abapatiri bagira ivyo bitwaje ingabire baronse, bemerewe canke biteze kuronka, canke mbere kubera ubucuti bukomeye bafitaniye n'abo bantu ku buryo babona ko batobirengagiza ; gurtyo bikabanka mu nda kubera ubwoba bagaca barenga amategeko ya liturjiya.
3. Hariho kandi abakristu balayike canke abandi bantu bishimikiza igihagararo bafise mu gihugu, bagaca bibaza ko bafise uburenganzira bw'ugufata ijambo mw'isengero iyo bagiye mu misa, nk'uko umengo imisa yoshobora kwitiranywa n'irindi koraniro ry'igisabisho iryo ari ryo ryose. Ivyo birajuragiza abakristu kandi bigashira umuzimagiza mu kwemera kugororotse no mu nyigisho gatolika zerekeye Isakaramentu ry'Ukaristiya.
4. Ivyo tuvuze ngaha vyerekeye ikosa ryo gutanga ijambo mu kudakurikiza igitabu c'imigirwa y'imisa, biraba kandi Ibihimbazo vy'Ijambo ry'Imana bisanzwe birekuwe mu Burundi, bibera ku mashure canke ahandi hantu iyo ata musaseredoti yabonetse.
III. INGINGO ZISHINZWE
Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi, yisunze ko ari ngombwa kwubahiriza amategeko ya liturjiya, gurtyo hakubahirizwa iteka ry'uguhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya, ishinze ingingo zikurikira :
1. Umusaseredoti wese ahamagariwe kwubaha atadohoka amategeko ya liturjiya mu
guhimbaza inkuka y'imisa. Kukaba nkako, ayo mategeko « Agaragaza mu buryo buboneka akaranga nyako k'Ekleziya k'Ukaristiya ; iyo niyo nsiguro nyayo yayo. Liturjiya ntiyigera iba icibare ca kanaka, yaba uwuyirongoye, yaba umuryango w'abakristu Ibinyegezwa bihimbarizwamwo. Umutumwa Paulo yabwirijwe gushikiriza amajambo akaze umuryango w'Abanyakorenti kugira yiyamirize amakosa akomeye yakorwa mu guhimbaza Inkuka y'imisa, amakosa yari yatumye haduka amacakubiri n'utudumbidumbi (raba 1Abanyakorenti 11,17-34). [...] Umusaseredoti ahereza bikwiye Imisa akurikije amategeko ya liturjiya hamwe n'umuryango w'abakristu uyakurikiza, bagaragaza mu gacerere ariko ku buryo bwumvikana, urukundo bafitiye Ekleziya » [Papa Yohani Paulo wa kabiri mweranda, Inyigisho yerekeye Ukaristiya, « Ecclesia de Eucharistia » (17/04/2003), n. 52].
2. Dufatiye ku mategeko ya liturjiya duhejeje kwibutsa, ntibirekuwe ko umusaserdoti ahereza Inkuka y'imisa aha ijambo umukristu mulayike canke uwundi muntu, mu gihe
bidategekanijwe n'igitabu c'imigirwa y'uguhimbaza ukaristiya. Ivyo kandi biraba n'uwo
wese yahawe uruhusha rwo kuyobora igihimbazo c'Ijambo ry'Imana.
3. Muri rusangi, kuva ubu birabujijwe kuvugira amajambo mu misa. « Babonye bikenewe ko umulayike agira ico ashikiriza abakristu bakoraniye mw'isengero cerekeye amakuru canke ugushinga intahe y'ubuzima rukristu ; muri rusangi vyoba vyiza ko ivyo bigirwa inyuma y'imisa. Ariko, hari impamvu zikomeye, birarekuwe ko amakuru bene ayo canke intahe bene izo, bitangwa mu gihe umusaseredoti yahejeje kuvuga igisabisho c'ugusozera imisa. Mugabo ivyo ntibibwirizwa kuba akamenyero. Vyongeye, ayo makuru n'izo ntahe ntibibwirizwa kuba bimeze nk'uko vyohava vyitiranwa n'inyigisho yo mu misa [...] » (Isakaramentu ry'icungurwa, n. 74). Mu bihe bimwe bimwe, nko ku minsi mikuru y'ubusaseredoti, y'indagano z'abihebeyimana, y'amayubire, bahejeje kuvuga igisabisho co gusozera imisa, nyen'umunsi mukuru wenyene, canke uwubaserukira mu gihe ari benshi, azofata ijambo kugira ngo ashinge intahe canke agaragaze ubukengurutsi.
4. Mu kiringo c'misa, ijambo ryonyene rivugwa risanzwe rifatanye n'imisa, ni inyigisho, iyo na yo ntawushobora kuyitanga wundi atari abahawe isakaramentu ry'ubusaseredoti (raba Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 767, §2), bakayitanga bisunze amategeko agenga bene iyo nyigisho nk'amwe Papa Fransisiko yatwibutsa (raba Inyigisho ya Papa Fransisiko, Akanyamuneza k'Inkuru Nziza, n. 135-144). Kubera ico, birabujijwe ko hagira umuntu n'umwe atahawe isakaramentu ry'ubusaseredoti gutanga inyigisho mu misa. Vyongeye, Inyigisho z'Abepiskopi zigenewe abakristu kugira zisomwe icese mu misa canke mu gihimbazo c'Ijambo ry'Imana, zibwirizwa kwakirwa kandi zigategerwa muri iyo ntumbero, kuko zama zitegekanywa kugira zikomeze ukwemera kw'abakristu kandi zimurikire impande z'ubuzima bwabo basanze barimwo. Ni itegeko rero ko abasaseredoti canke abayoboye igihimbazo c'Ijambo ry'Imana bazisomera umurava abo zigenewe.
5. Nk'uko abisabwa n'Amategeko y'Ekleziya (raba Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 528, §2), patiri mukuru abwirizwa gucungera ko izi ngingo zikurikizwa akadome ku kandi muri paruwase yiwe yose kugira ngo hubahirizwe uguhimbazanya iteka Isakaramentu Ryeranda rwose.
6. Izi ngingo zizoja mu ngiro kuva kw'igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2019, ku Munsi wa Kane Mweranda.
Bigiriwe i Ngozi, ku wa 09 Ntwarante 2019.
ABUNGERE B'EKLEZIYA KATOLIKA Y'I BURUNDI
1) Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n'Umukuru w'Inama y'abepiskopi Katolika b'i Burundi ;
2) Musenyeri Bonaventura NAHIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana, akaba n'icegera c'Umukuru w'Inama ;
3) Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ;
4) Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, akaba n'Umwepiskopi ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Ngozi ;
5) Musenyeri Yohani NTAGWARARA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza ;
6) Musenyeri Venansi BACINONI, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bururi ;
7) Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi ;
8) Musenyeri oriji BIZIMANA, Umwepiskopi samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza