INGINGO NGENGABUTUMWA ZISHINZWE N'INAMA Y'ABEPISKOPI GATOLIKA B'I BURUNDI KUGIRA HUBAHIRIZWE ITEKA RY'UGUHIMBAZA ISAKARAMENTU RY'UKARISTIYA
Itariki: 20/4/2019Ababisomye 7786 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi yisunze ko ari ngombwa kwubahiriza amategeko ya liturjiya imbere y'amakosa yibonekeza

INTANGAMARARA

Inama Nkuru ya Vatikano ya kabiri yaratangaje icese ko Inkuka y'Imisa ari « isoko n'amerekero y'ubuzima rukristu buwose » (raba Inyigisho Ekleziya umuco w'amakungu « Lumen gentium »). Harashinzwe amategeko bose babwirizwa gukurikiza, yaba aya liturjiya, yaba ayagenga Ekleziya, kugira hatomorwe akaranga k'iryo sakaramentu ry'Ukaristiya, uruhara rukuru rwaryo mu buzima bw'Ekleziya no mu bw'umukristu, hamwe n'ingene iryo sakaramentu ribwirizwa guhimbazanywa iteka.

Ayo mategeko yashinzwe mu ntumbero y'ukuzigama iteka ry'iryo sakaramentu no kugira ngo abakristu barihimbaze bivuye ku mutima, batabaye abarorerezi kandi n'umutima 
w'ubuyobokamana. Iyo mw'ihimbazwa ry'iryo sakaramentu hagiyemwo amakosa, iyo Ekleziya nyene iributsa kutadohoka ku amategeko yayo. Ni co gituma, imbere y'amakosa amwe amwe ya liturjiya yibonekeza iki gihe mu guhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya mu ma maparuwase y'amadiyoseze yo mu Burundi, Inama y'Abepiskopi ibwirizwa kwibutsa abakristu bayo bose muri rusangi no ku buryo bwihariye abasaserdoti, amategeko amwe amwe ya liturjiya kugira ngo hubahirizwe iteka ry'uguhimbaza isakaramentu ry'Ukaristiya, kandi igashinga ingingo zibereye.

I. UKWIBUTSA AMATEGEKO AMWE AMWE MU BIJANYE NA LITURJIYA

1. « Isakaramentu rifise iteka risumbirije ni Ukaristiya Nyeranda rwose kuko muri yo niho Kristu Umukama we nyene avyagiye, yihereza akongera akakirwa ; kandi kubw'iryo sakaramentu Ekleziya ibaho ikongera igakura ubudahengeshanya. Inkuka y'imisa, icibutso c'urupfu n'izuka ry'Umukama, muri yo inkuka yo ku musaraba ibandanya iherezwa imyaka n'imyaka, ni amerekero ikongera ikaba isoko ry'ibisabisho vyose n'ubuzima rukristu bwose, ku bwayo haribonekeza kandi hakaranguka ubumwe bw'igihugu c'Imana kandi hakaranguka inyubakwa y'Umubiri wa Kristu. Kukaba nkako, ayandi masakaramentu hamwe n'ibikorwa vyose vy'ubutumwa bw'Ekleziya birafatanye cane n'Isakaramentu ryeranda rwose ry'Ukaristiya kandi vyerekeza kuri ryo » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 897).

2. Muri Diyoseze, Umwepiskopi ni we ajejwe guteza imbere amategeko asangiwe n'Ekleziya yose kandi, kubera ico, niwe ajejwe kuraba ko amategeko yose y'Ekleziya akurikizwa. Gurtyo rero, « Abwirizwa kwitwararika ko ata makosa yohava ajamwo mw'ikurikizwa ry'amategeko y'Ekleziya, cyane cane mu vyerekeye ubutumwa bw'ukwigisha Ijambo ry'Imana, uguhimbaza amasakaramentu n'amasakaramentari, ugusenga Imana n'ukuninahaza aberanda, hamwe no mw'ikoreshwa ry'amatungo y'Ekleziya » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 392).

3. Muri paruwase, patiri mukuru niwe abwirizwa, kw'izina ry'Umwepiskopi wa Diyoseze, kuraba ko amategeko ya liturjiya yubahirizwa mu guhimbaza amasakaramentu muri rusangi no ku buryo bwihariye, mu guhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya. « Patiri mukuru abwirizwa gucungera ko Ukaristiya nyeranda rwose iba ishingiro ry'ikoraniro ry'abakristu ba paruwase, abwirizwa kwihata kuraba ko abakristu bayoborwa kandi bakomezwa n'uguhimbazanya umutima w'ugusenga amasakaramentu, na cane cane akaraba ko bohurumbira kenshi isakaramentu ry'Ukaristiya nyeranda rwose hamwe n'isakaramentu ry'ikigongwe ; abwirizwa kandi kwihata kuberekeza ku gisabisho, gushika mbere no mu muryango, kandi yongere yihatire kubafasha guhimbaza bivuye ku mutima kandi batabaye abarorerezi, liturjiya nyeranda Patiri mukuru, kw'izina ry'Umwepiskopi wa Diyoseze abwirizwa kuyobora muri paruwase yiwe kandi abwirizwa gucungera ko hatojamwo ikosa na rimwe » (Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 528, § 2).

4. Mu guhimbaza Ukaristiya, abakristu si abarorerezi ariko barabifisemwo nabo nyene uruhara. « Ekleziya kandi iritwararika kubona ko abakristu batoba muri ico kinyegezwa c'ukwemera nk'abarorerezi ataco babinezweko kandi b'ibiragi, ariko ko mu gutegera neza ico kinyegezwa mu migirwa yaco no mu bisabisho vyaco, boja muri ico gikorwa ceranda bazi ico bakora, n'umutima w'ugusenga kandi bakabigiramwo uruhara, bakigishwa Ijambo ry'Imana, bagafungura ku meza y'Umubiri w'Umukama, bagakengurukira Imana » (Inyigisho ya Vatikano ya kabiri yerekeye Liturjiya « Sacrosanctum concilium », n. 48).

5. Inyigisho yitwa « Isakaramentu ry'icungurwa » (Redemptionis sacramentum), yashikirijwe ku wa 25 Ntwarante 2004 n'Urwego rw'i Roma rushinzwe Liturjiya n'ukubahiriza ingene amasakaramentu atunganijwe, ivuga ngo : « Ku neza y'umuryango no kuy'Ekleziya y'Imana yose, birakwiye kandi biratunganye ko mu bakristu balayike, bamwe barangura, nk'uko biri mu ruhererekane rw'Ekleziya, ibikorwa bimwe bimwe mu guhimbaza Liturjiya nyeranda » (n. 43).

6. Ingingo ya 230, § 2 y'Amategeko y'Ekleziya, irerekana ko abalayike, iyo babiherewe 
uruhusha mu kiringo gitegekanijwe, bashobora kurangura igikorwa c'umusomyi w'Ijambo ry'Imana mu bikorwa vya liturjiya, kandi, abalayike bose barashobora kurangura hisunzwe amategeko, ibikorwa vy' umusiguzi, vy'umuririmvyi canke ibindi bikorwa.

7. Ikigabane ca Miseli citwa Ugushikiriza ibiri mu Miseli ya Roma vyose (Introduction 
GĂ©nĂ©rale du Missel Romain), kiratomora kandi ibikorwa abakristu balayike bashobora 
kurangura mu guhimbaza liturjiya. Hambavu y'umukorezi n'umusomyi babiherewe 
ubutumwa, hariho umusangizi, umunyezaburi, umugwi w'abaririmvyi, umuririmvyi canke umukuru w'abaririmbiramana, Umunyesakristiya, Umusiguzi, Abakira amashikanwa mw'isengero, Mu ntara zimwe zimwe, abakirira abemera ku miryango y'isengero bakabashikana mu kibanza bakwiye, ari naho babatondesha mu rugendo, umufasha canke umuyobozi w'ivya liturjiya cane cane mu masengero makuru no mu yandi masengero ahambaye (Ugushikiriza ibiri mu Miseli ya Roma vyose, nn. 104-107).

8. Kugira ngo umulayike arangure igikorwa muri ivyo duhejeje kudondagura, abwirizwa kuba yarabihamagariwe canke akabihererwa uruhusha n'uwubifitiye ububasha. Nta n'umwe yiyadukiza. Gurtyo, « umukristu mulayike ahamagariwe gufasha mu guhimbaza liturjiya, abwirizwa kuba yiteguye neza kandi akaba ari rurangiranwa mu buzima rukristu bwiwe, mu kwemera kwiwe, mu nyifato runtu yiwe no mu kutadohoka ku nyigisho z'Ekleziya. Birabereye ko yoba yararonse inyigisho ya liturjiya ihuye n'imyaka yiwe, n'imibereho yiwe, n'ubuzima bwiwe hamwe n'urugero rwiwe rw'ukumenya Imana. Nta numwe azotorwa mu gihe igenwa ryiwe ryohava ritirimutsa abakristu » (Isakaramentu ry'icungurwa, n. 46).

II. AMAKOSA AMWE AMWE MURI LITURJIYA AKWIYE KURANDURANWA N'IMIZI

1. Mw'ihimbazwa ryose rya liturjiya, hariho igitabu c'imigirwa itegekanijwe kandi itomoye uwuyoboye liturjiya hamwe n'abakristu babwirizwa kwisunga bose. Birababaje kubona hari abayobora liturjiya ugasanga ariko n'aho bazi neza uruhara bafise rwo kwubaha no kwubahiriza amategeko ya liturjiya, barafashe akamenyero ko guha uruhusha rwo kuvuga ijambo abakristu bamwe bamwe canke abandi bantu baciye ngaho birenganira, kandi ivyo bidategekanijwe n'igitabu c'imigirwa y'imisa.

2. Mu maparuwase amwe amwe, abapatiri bagira ivyo bitwaje ingabire baronse, bemerewe canke biteze kuronka, canke mbere kubera ubucuti bukomeye bafitaniye n'abo bantu ku buryo babona ko batobirengagiza ; gurtyo bikabanka mu nda kubera ubwoba bagaca barenga amategeko ya liturjiya.

3. Hariho kandi abakristu balayike canke abandi bantu bishimikiza igihagararo bafise mu gihugu, bagaca bibaza ko bafise uburenganzira bw'ugufata ijambo mw'isengero iyo bagiye mu misa, nk'uko umengo imisa yoshobora kwitiranywa n'irindi koraniro ry'igisabisho iryo ari ryo ryose. Ivyo birajuragiza abakristu kandi bigashira umuzimagiza mu kwemera kugororotse no mu nyigisho gatolika zerekeye Isakaramentu ry'Ukaristiya.

4. Ivyo tuvuze ngaha vyerekeye ikosa ryo gutanga ijambo mu kudakurikiza igitabu c'imigirwa y'imisa, biraba kandi Ibihimbazo vy'Ijambo ry'Imana bisanzwe birekuwe mu Burundi, bibera ku mashure canke ahandi hantu iyo ata musaseredoti yabonetse.

III. INGINGO ZISHINZWE 

Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi, yisunze ko ari ngombwa kwubahiriza amategeko ya liturjiya, gurtyo hakubahirizwa iteka ry'uguhimbaza Isakaramentu ry'Ukaristiya, ishinze ingingo zikurikira : 

1. Umusaseredoti wese ahamagariwe kwubaha atadohoka amategeko ya liturjiya mu 
guhimbaza inkuka y'imisa. Kukaba nkako, ayo mategeko « Agaragaza mu buryo buboneka akaranga nyako k'Ekleziya k'Ukaristiya ; iyo niyo nsiguro nyayo yayo. Liturjiya ntiyigera iba icibare ca kanaka, yaba uwuyirongoye, yaba umuryango w'abakristu Ibinyegezwa bihimbarizwamwo. Umutumwa Paulo yabwirijwe gushikiriza amajambo akaze umuryango w'Abanyakorenti kugira yiyamirize amakosa akomeye yakorwa mu guhimbaza Inkuka y'imisa, amakosa yari yatumye haduka amacakubiri n'utudumbidumbi (raba 1Abanyakorenti 11,17-34). [...] Umusaseredoti ahereza bikwiye Imisa akurikije amategeko ya liturjiya hamwe n'umuryango w'abakristu uyakurikiza, bagaragaza mu gacerere ariko ku buryo bwumvikana, urukundo bafitiye Ekleziya » [Papa Yohani Paulo wa kabiri mweranda, Inyigisho yerekeye Ukaristiya, « Ecclesia de Eucharistia » (17/04/2003), n. 52].

2. Dufatiye ku mategeko ya liturjiya duhejeje kwibutsa, ntibirekuwe ko umusaserdoti ahereza Inkuka y'imisa aha ijambo umukristu mulayike canke uwundi muntu, mu gihe 
bidategekanijwe n'igitabu c'imigirwa y'uguhimbaza ukaristiya. Ivyo kandi biraba n'uwo 
wese yahawe uruhusha rwo kuyobora igihimbazo c'Ijambo ry'Imana.

3. Muri rusangi, kuva ubu birabujijwe kuvugira amajambo mu misa. « Babonye bikenewe ko umulayike agira ico ashikiriza abakristu bakoraniye mw'isengero cerekeye amakuru canke ugushinga intahe y'ubuzima rukristu ; muri rusangi vyoba vyiza ko ivyo bigirwa inyuma y'imisa. Ariko, hari impamvu zikomeye, birarekuwe ko amakuru bene ayo canke intahe bene izo, bitangwa mu gihe umusaseredoti yahejeje kuvuga igisabisho c'ugusozera imisa. Mugabo ivyo ntibibwirizwa kuba akamenyero. Vyongeye, ayo makuru n'izo ntahe ntibibwirizwa kuba bimeze nk'uko vyohava vyitiranwa n'inyigisho yo mu misa [...] » (Isakaramentu ry'icungurwa, n. 74). Mu bihe bimwe bimwe, nko ku minsi mikuru y'ubusaseredoti, y'indagano z'abihebeyimana, y'amayubire, bahejeje kuvuga igisabisho co gusozera imisa, nyen'umunsi mukuru wenyene, canke uwubaserukira mu gihe ari benshi, azofata ijambo kugira ngo ashinge intahe canke agaragaze ubukengurutsi.

4. Mu kiringo c'misa, ijambo ryonyene rivugwa risanzwe rifatanye n'imisa, ni inyigisho, iyo na yo ntawushobora kuyitanga wundi atari abahawe isakaramentu ry'ubusaseredoti (raba Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 767, §2), bakayitanga bisunze amategeko agenga bene iyo nyigisho nk'amwe Papa Fransisiko yatwibutsa (raba Inyigisho ya Papa Fransisiko, Akanyamuneza k'Inkuru Nziza, n. 135-144). Kubera ico, birabujijwe ko hagira umuntu n'umwe atahawe isakaramentu ry'ubusaseredoti gutanga inyigisho mu misa. Vyongeye, Inyigisho z'Abepiskopi zigenewe abakristu kugira zisomwe icese mu misa canke mu gihimbazo c'Ijambo ry'Imana, zibwirizwa kwakirwa kandi zigategerwa muri iyo ntumbero, kuko zama zitegekanywa kugira zikomeze ukwemera kw'abakristu kandi zimurikire impande z'ubuzima bwabo basanze barimwo. Ni itegeko rero ko abasaseredoti canke abayoboye igihimbazo c'Ijambo ry'Imana bazisomera umurava abo zigenewe.

5. Nk'uko abisabwa n'Amategeko y'Ekleziya (raba Amategeko y'Ekleziya, Ingingo ya 528, §2), patiri mukuru abwirizwa gucungera ko izi ngingo zikurikizwa akadome ku kandi muri paruwase yiwe yose kugira ngo hubahirizwe uguhimbazanya iteka Isakaramentu Ryeranda rwose.

6. Izi ngingo zizoja mu ngiro kuva kw'igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2019, ku Munsi wa Kane Mweranda.

Bigiriwe i Ngozi, ku wa 09 Ntwarante 2019.

ABUNGERE B'EKLEZIYA KATOLIKA Y'I BURUNDI

1) Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n'Umukuru w'Inama y'abepiskopi Katolika b'i Burundi ; 
2) Musenyeri Bonaventura NAHIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana, akaba n'icegera c'Umukuru w'Inama ; 
3) Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Gitega ; 
4) Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, akaba n'Umwepiskopi ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Ngozi ; 
5) Musenyeri Yohani NTAGWARARA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza ; 
6) Musenyeri Venansi BACINONI, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bururi ;
7) Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi ; 
8) Musenyeri oriji BIZIMANA, Umwepiskopi samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza

NDIZEYE ALFREDMurakoze cane kumategeko agenga amalutirgie kuko natwe vyatubabaza26/06/2019 isaha 11h27
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 176
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI