«Nunzigame, Mukama Mana yanje,
kuko ari wewe musa nizeye.» Ni ayo majambo y'Izabuli yatanguje igisabisho
nyezina co kwinjira mu Nkuka ya Pasika. Kari akanyamuneza kuri uyu wa gatandatu
igenekerezo rya 20 Ndamukiza, aho muri Paruwase ya Muramvya abakristu
benshi cane bari bitavye igiteramo ca Pasika. Inyuma y'amashemezo y'ijoro rya
Pasika n'ibisomwa vyeranda, ururirimbo rw'abamarayika rwaciye rusamirana. Inkuka y'imisa yarongowe na
Mu nsiguro yatanze, Patiri MĂ©lance IRAMBONA yahamagariye abakristu bose ko bokwama bizigiye Umukama, kuko atayaga amasigaracicaro. Nkako, Kristu yari yarabivuze ko yategerezwa kubabara, hanyuma agapfa, haheze iminsi itatu akazuka. Ni na kwo vyagenze.
Uwo musaserdoti yaranamenyesheje kandi ko hariho ibintu bidasanzwe vyabaye mu kwerekana ko Inkuru Nziza y'izuka rya Yezu Kristu yabayeho koko, aho n'abapfasoni babishingiye intahe, kuko ari na bo bayimenyeshejwe ubwa mbere. Nko kuva Yezu agira aze kwisi, Bikira Mariya ngo ni we yatanguye kumenyeshwa iyo Nkuru Nziza. Eka n'igihe yazuka, vyamenyekanye biciye kuri Mariya Madalena, n'uwundi Mariya. Aba bagore ngo bazindutse ku ruhafu, batwaye ibimoga neza, gusiga ikiziga ca Yezu. Ngo bagarutse kubwira Simoni Petero na Yohani, n'ubwo bobo babivuze mu yandi majambo, kuko bababwiye ko babuze Umukama, ko batazi iyo bamutwaye. Igitangaje ngo ni uko mu bayahudi bo muri ico gihe abagore bafatwa nk'abantu batagira ijambo.atamuntu abumviriza.
Ni muri ico giteramo ca Pasika, abakatekumene bangana 437 bakirwa mu muryango w'abakristu mu kuronka isakramentu ry'ibatisimu. Aba ni abari bamaze igihe bavyitegurira. Muri abo nyene, harimwo ingo zingana 17 zaciye zironka isakramentu ry'ukwubaka rukristu. Muri iyo Nkuka y'Imisa nyene harakiriwe abakristu 10 bahora basengera mu yandi madini, bamwe muri bo bakaba ari na ho bari baranabatirijwe. Aba baciye basubiramwo indagano zabo mu kugaragaza ukwemera bagiye kuzohora bisunga, ari na kwo kw'Ekleziya Katolika.
Ico giteramo cagiye gusozerwa n'indirimbo zo gukengurukira Imana mu kwigina akanyamuneza k'ukwigina intsinzi ya Pasika, n'umuhezagiro w'icese watanzwe n'umusaserdoti yahereje Inkuka ya Misa. Icibonekeje ni uko abari bitavye igiteramo ca Pasika bari benshi.
Tharcisse KANTUNGEKO, Paruwase Muramvya
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»