Ekleziya y'i Bujumbura yarifatanije n'urwaruka rugitohoza umuhamagaro warwo be n'abihebeye Imana mu guhimbaza umusi mpuzamakungu w'itorwa
Itariki: 13/5/2019Ababisomye 9123 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Musenyeri Gerevazi banshimiyubusa yaragaye inyifato mbi y'abantu baburizamwo ubuzima bw'abandi, kuko ngo ukugira ibintu nk'ivyo kuba ari ukwifatira mu gahanga Imana iba yagomba kubatuma

Ni kw'idominika yahariwe Yezu Umwungere Mwiza, ku w'Imana igenekerezo rya 12 Rusama, umusi Ekleziya ihimbazako umusi mpunzamakungu wo gusabira itorwa, aho urwaruka ruri mu mugwi w'itorwa rwari rwaje ruva mu maparuwase atandukanye yo muri Diyoseze Bujumbura ngo ruzirikane ku muhamagaro warwo. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ari na we yarongoye Inkuka ya Misa, ari kumwe n'uwaserukiye abamisiyonari, Patiri Ruben MACIAS, be n'abihebeye Imana batandukanye, bikaba vyabereye muri Paruwase Kanyosha.

 

Ihimbazwa nyezina ry'uwo musi ryatanguye ku wa gatandatu igenekerezo rya 11 Rusama, ku nyigisho z'imisi ibiri zari zategekanirijwe urwo rwaruka, aho rwashikirijwe urutonde rw'imiryango y'abihebeye Imana irangurira ubutumwa muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, bukeye na ho, ku w'imana, rugasomerwa ijambo rya Nyenubweranda Papa Fransisko ry'uwo musi.

 

Itangazamakuru rya CEDICOM ryaregereye rumwe mu rwaruka rwari rwaje muri izo nyigisho be n'iryo himbazwa ry'uwo musi mpuzamakungu w'itorwa. Ku bwa Olivier NSENGIMANA, yaje ava muri Paruwase Munanira, ngo bahungukiye vyinshi: «Turatahura ko umuhamagaro wacu, ubwa mbere ari uwo kuba beranda, hanyuma ubwa kabiri kumwitaba, haba mu kwinjira mu buzima bwihevyi, haba mu kwubaka ingo rukristu, ingo nyeranda».

 

Urwo rwaruka rwaremeje kandi ko uwo musi wari ukenewe cane, kuko ngo bahungukiye n'abagenzi benshi bava mu maparuwase atandukanye, co kimwe n'imiryango yabakiriye, bagaheza bagaterana intege. Na bo abagenzi babo batashoboye gushika mu nyigisho, ngo bagiye kubasabikaniriza ku vyo bigishijwe. Ngo baragerageje kwandika ivyo bigishijwe, bakaba bazobibasigurira nk'uko babironse.

 

Twararonse kandi n'ivyiyumviro vy'abamaze guhamagarwa, bakongera bakitaba; abo twaganiriye ni Furera Elvis HAKIZIMANA wo mu muryango w'abafurera bene Paulo, na Mama Alice NDIZEYE wo mu muryango wa bene Bernadeta. Baratuyagiye igituma ari nkenerwa ko uwuhamagawe abanza gutohoza umuhamagaro wiwe, kuko kenshi usanga uwuhamagawe. Furera Elvis HAKIZIMANA avuga ko uwuhamagawe, ikibanza kumugora ari ukumenya ico uwumuhamagara, Umukama, amushakako.

 

Mama Alice NDIZEYE wewe yongerako ko itorwa rikenera kuvomererwa. Ku bwiwe ngo bica mu gisabisho, kugira ngo uwahamagawe agume yumva akajwi k'Umukama kamwongorera. Ngo araheza akabona buke buke itorwa ryiwe aho rihagaze. Uwo mubikira wewe ngo yatanguye kuja mu mugwi w'itorwa akiri moto, akiri mu mwaka wa gatanu w'amashure y'intango. Ngo ni ho yigiye ivy'ugutohoza ku muhamagaro wiwe. Ngo baranabona n'abihebeye Imana bava mu miryango itandukanye, ngo baguma baza kubasigurira ibijanye n'itorwa n'ukwinjira mu muhamagaro.

 

Baba abo bihebeye Imana, yaba Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, bose bagarutse ku ruhara rw'umuryango, haba mu kurerera abana mu buzima rukristu, haba kubakundisha igisabisho.

 

Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa wewe yarongeyeko ko ibibondo abavyeyi bafise ari umurima w'isangi basangiye n'Imana, ari na co gituma yabasavye ko umusi Imana yododora iwabo ngo ibasabe umutumwa mw'ibanga iryo ari ryo ryose, ngo ntibaze barote batambama imbere, ngo ntibahave bayibuza gukiza abo yokijije iciye kuri uwo mwana.

Ku rwaruka narwo, yararumenyesheje ko umwe wese afise ibanga Imana yamugeneye. Yagize ati: «Nta n'umwe yapfuye kuvuka gutyo gusa Imana itamuzi, umuntu wese yaje kuri iyi si Imana imufiseko umugambi». Yarashimitse cane ku bantu baburizamwo ubuzima bw'abandi, aho yamenyesheje mbere ko ukugira ibintu nk'ivyo kuba ari ukwifatira mu gahanga Imana iba yagomba kugira ico ibatumye. Ahubwo rero, urwaruka ngo rwotohoza riho kw'ibanga Imana yaruhamagariye, kugira ngo ntirujane nyabahururu, ruhave rwitaba nyaringa. Ngo ntibarabe amagara make, ahubwo rumenye ko Yezu Umwungere mwiza aruhamagara aruzi, azi ivyo umwe umwe wese ashoboye n'ivyo adashoboye.

 

Ekleziya y'i Bujumbura rero, kumwe n'iyo kw'isi yose, ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe itorwa ku ncuro igira 56 iri kumwe na Patiri Ruben MACIAS, umumisiyonari wo mu muryango w'abasaveriyano amaze imyaka 25 muri iryo banga na 18 mu butumwa mu Burundi, akaba asaba abakristu b'abarundi kugumya ibanga, n'ukwirinda abahanuzi b'ibinyoma, ahubwo ngo bahange amaso Imana n'umwana wayo Yezu Kristu, kuko Imana ari yo Nkuru. Ku vyerekeye urwaruka ruri mu mugwi w'itorwa, arusaba gutohoza ko itorwa ryabo atari indoto, ahubwo ari umuhamagaro.

 

Michel NIBITANGA, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 179
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI