Umusi w'Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi wari
umusi mpuzamakungu ugira uwa 53 wahariwe ukumenyesha amakuru muri Eklieziya.
Uwo musi warahimbajwe, abahinga mu vy'ibinyamakuru b'i Bujumbura bakaba
bawuhimbaje vy'umwihariko mu kuzirikana umwuga wabo, bakoraniye muri imwe mu
nyubakwa z'ikinyamakuru «Ndongozi». Icivugo c'uwo musi cagira kiti: «Turi
ingingo z'umuryango umwe, bamwe ku bandi: Ukuva mw'ikoreshwa ry'ubuhinga
ngurukanabumenyi dusubira kuri ca kiyago kama cubaka imiryango», icivugo
gifatiye ku butumwa Nyenubweranda Papa Fransisko yarungikiye Ekleziya ku bw'uwo
musi. Abaje mu nyigisho bakaba baranaronkejwe umuhezagiro mu Nkuka ya Misa.
Ico civugo nyene carahinyanyuwemwo inyigisho zashikirijwe n'abahinga. Babiri muri bo ni abasaserdoti banonosoye ivy'ubuhinga bw'ukumenyesha amakuru, ari bo Patiri Dieudonné NIYIBIZI na Patiri Jean Noël NTIRANDEKURA, na we uwa gatatu akaba ari umulayiki ariko w'umuhinga mu gusesangura ivyerekeye imibano, Umwigisha Nicodème BUGWABARI. Abitavye inyigisho na bo bari abamenyeshamakuru, abakora mu buhinga bw'ivyuma, abahinga mu guhinyanyura imbuga ngurukanabumenyi, abanyeshure n'abigisha bo muri ivyo bisata, eka mbere n'abafashabutumwa.
Baba abashikirije inyigisho, baba abazitavye, intererano za bamwe n'abandi zerekana ko ibibazo bikwegwa n'ikoreshwa nabi ry'ubuhinga ngurukanabumenyi ribaraje ishinga benshi mu buzima bw'imibano. Uwa mbere yashikirije inyigisho yabaye nk'uwusigura umwitwarariko wa Papa ku kuntu ubuhinga ngurukanabumenyi butera bubangamira cane imibano y'abantu. Uwa kabiri na we yarasiguye ukuntu ubwo buhinga bushobora gukoreshwa neza bukagira akamaro, ariko akibaza nimba mu vy'ukuri bwoba bukoreshwa neza. Umusesanguzi na we yace yerekana ukuntu neza na neza ubwo buhinga bubangamiye imibano, maze araheza amenyesha inyifato abantu bogira imbere yabwo.
Ku bwa Patiri Dieudonné NIYIBIZI, ubutumwa nyamukuru buri mu rwandiko Papa Fransisko yarungikiye Ekleziya ngo ni ubw'ukujanisha ubuhinga bwa none bw'ugutumatumana amakuru na ya migenderanire kama y'abantu bayaga imbonankubone. Ngo umuntu yoheza akarengera ikiyago co ku kiyo (telefone canke mudasobwa), akegera hirya, agashikira umugenzi, bakayaga bari kumwe. Erega, ku kiyo ngo ntiyoshobora kuhabonera uko mugenzi wiwe amerewe. Eka mbere na kwa kuntu umuntu asanzwe aserurira inyiyumvo yiwe mu kugaragaza akanyamuneza canke umubabaro, ibigumbagumba canke ibishobisho, ivyo ngo ntawoshobora kubibonera k ukiyo, kandi ari vyo ahanini bikabura urukundo abantu bagiriranira, bagaheza bagafashanya.
Uwo musaserdoti yatanze uburorero bwinshi,
harimwo n'uko nk'uwugwaye canke uwabuze uwiwe ata woheza ngo amuremeshereze k
ukiyo ca telefone gusa, canke ca mudasobwa. Ngo vyokenera ko umwegera,
ukamuyagisha. Ni ho yaca amenyesha abitavye izo nyigisho ko ari akaryo kuri bo
k'ukugira ubwo butumwa ubwabo. Abamenyeshamakuru ngo ntibazogarukira mu
kumenyesha amakuru gusa, ahubwo bazotera iyindi ntambwe, baremeshe abo
babonyeko ibibazo.
Si abamenyeshamakuru gusa n'abakora mu buhinga
bw'ivyuma, ahubwo n'abahinga mu guhinyanyura imbuga ngurukanabumenyi bari
ngaho, na bo nyene ngo umwe umwe wese ubwo butumwa buramuraba. Aha ntiyibagiye
abigisha n'abanyeshure bo muri ivyo bisata bari ngaho, eka mbere
n'abafashabutumwa bari baje, kuko bose ngo ubwo butumwa bubaraba. «Turi ingingo
z'umubiri umwe, turengere ubuhinga ngurukanabumenyi, dusubire kuri ca kiyago
kama cubaka umuryango», ni ko yaguma ahimiriza, asubiramwo ubutumwa bwa Papa.
Inyigisho ya kabiri yagarutse ku kuntu ukuntu
ubuhinga ngurukanabumenyi iyo bukoreshejwe neza bugira akamaro. Patiri Jean
Noël NTIRANDEKURA avuga ko muri kamere y'umuntu, yaremwe ngo agiriranire
imigenderanire n'abandi, basangire utwo bategerezwa gusangira. Muri ibi bihe
vy'iterambere ry'ubuhinga ngurukanabumenyi na ho, arazirikana ko itumatumanako
amakuru rifasha cane mu guhanahana amakuru ahambaye ata kundi yari gushobora
guhanahanwa, kandi bikagirwa mu mwanya muto, ata n'uburyo burinze gusesagurika.
Ariko rero, uwo musaserdoti aragaruka akibaza
nimba mu vy'ukuri ubwo buhinga bwoba bukoreshwa neza. Agira ati: «Ni gute
dukoresha telefone zacu na za mudasobwa?» Aha abivuga yisunze ivyibonekeza irya
n'ino, aho ngo usanga hakiriho abantu babukoresha mu nzira zitabereye, harimwo
n'izibambika iceyi bo nyene. Uri abatangaza ububeshi bigakwega akarambaraye.
Hatanzwe akarorero nk'inkuru ngo yavuzwe cane mu buhinde, aho ngo hoba hari
abazimanganirijwe ubuzima bivuye kw'ihanahanwa ry'inkuru zibabeshera, maze ngo
abanyagihugu bakabatako ishavu, kandi babesherwa. Abandi ngo barakoresha iyo
nzira mu kubiba urwanko, amacakubiri n'iterabwoba, ivyo na vyo ngo bikaba
bisambura imibano. Ku bandi na ho ngo usanga ivyo batangaza vyuzuye ukwikunda
gusa.
Iciyumviro c'ingaruka ku mibano caciye
kibandanywa n'uwanonosoye ivy'imibano, umwigisha w'umulayike, Mwarimu Nicodème
BUGWABARI. Mu vy'imibano, yavuze ko ivyiza vyovyo bitabuze, kuko ngo isi
isigaye yarabaye nk'agasagara kegeranye, aho uwo ari we wese akenera uwundi
akamuronka bitagoranye. Ariko kandi ngo ubwo buhinga burasubira bugatandukanya
abategerezwa kwegerana. Aha aravuga nk'abageze mu za bukuru usanga basa
n'abahebewe mu mazu bonyene. Ariko kandi n'urwaruka na rwo nyene ngo rurabonekwako
ingaruka nyinshi kandi zikomeye.
Ku bijanye n'icokorwa, kuri we ngo nta kindi
abona atari ugukoresha neza agatima mpanuzi: «Nta kindi numva nobahanura atari
ugukoresha neza agatima mpanuzi kanyu. Ndabasavye, nimwemere muhindure ukuntu
mubona ibica ku mbuga ngurukanabumenyi n'ukuntu muzikoresha». Aha yashimikiye
ku kutayorora ivyo basanze kuri izo mbuga zose batabanje gushiramwo ubwenge. Ariko
na cane cane, yashize imbere ukwemera isoko nyaryo ry'ukuri, ari ryo Umukama,
kuko ngo ari We wenyene Kuri nyakwo. Yashize imbere cane ukuzirikana ko ivyo
umuntu yoshaka kwemera mu biri kuri ubwo buhinga vyoba bijanye n'ukuri
kw'Imana, hanyuma na ntaryo ko umuntu yokwama ashira imbere igisabisho ngo
amurikirwe na Mutima w'Imana, aheze amenye ikibereye yokora.
Ikiyago cagiye gushuha gose hageze ko abaje mu
nyigisho bashikiriza ibibazo vyabo be n'ico baziyumvirako. Tuvuge ko hari
nk'ababajije ukuntu umuntu yoshobora abantu b'imitima ihuha boshobora kwakira
ivyo babona ku mbuga ngurukanabumenyi kandi bamwe muri bo bibagora gutandukanya
ukuri n'ikinyoma. Abandi na bo ngo ntibategera ukuntu ivyo babona kuri izo
mbuga bozihindura izibubaka, uko zoba zimeze kwose, na rirya usanga zimwe zimwe
zikokeza, izindi ziryoherereza ku bintu bisanzwe atari vyiza na mba, hadasizwe
inyma izikokeza ubwicanyi mu ruyeri. Aba bashitse n'aho bavuga ko batabona
n'ukuntu amategeko yohagarika ibintu bibera kuri izo mbuga.
Ntitworeka kuvuga kuri bamwe bamwe mu bahinga
bahingura bene izo mbuga. Ku bwabo ngo bazihingurira abanywanyi babo mu
ntumbero y'iterambere, kandi ngo mu vy'ukuri zirakenewe, vyumvikana ko bobo
ikibazo batakibona ku mbuga ubwazo, ahubwo ku bazikoresha batiteguye mu mitwe
yabo. Bruce Mworoha ni umwe muri abo bahinga. Nguku uko avuga: «Nitureke gufata
imbuga ngurukanabumenyi nk'uko zo ubwazo ari zo nkwezi y'akarambaraye, ahubwo
nituzibone nka kuriya kw'uwukora ingendeshwa (imodoka), maze n'abatize
kuzigendesha bakazigura, bakazigendesha; muri ico gihe amasanganya vyokwega
ntiyobazwa ingendeshwa ubwazo, yobazwa abazigendesha batavyiteguriye». Mbere
yahavuye aja kure, avuga ko aravye iterambere riri muri ubwo buhinga, akari
inyuma gashobora kuba gahinda.
Ico bikoze, icomenyekana ni kimwe, ko Nyenubweranda Papa Fransisko ashaka ko abakristu iyo bava bakagera batoguma ari imbohe z'izo mbuga ngurukanabumenyi, kuko ico zishikako coco kimaze kwerekana ko kidahumuriza mu vy'imibano, kuko itera itituka, abantu bakononekara, imiryango na yo igasambuka. Wewe ashaka ko abantu bigarura muri kwa kuba ingingo z'umubiri umwe, Kristu, bakareka kuguma basambura ubumwe.
Mwomenya ko muri Diyoseze Nkuru ya bujumbura, uyu musi wari ubaye uwa mbere uhimbajwe biciye mu buryo bw'ukuwuhanahanako ivyiyumviro. Kuri uwo musi w'Imana bari abahinga b'ibinyamakuru, ariko kandi n'abihebeye Imana bari baraye bawuhimbaje, ku wa gatandatu, ku civugo kimwe nyene. Umuyobozi w'ikigo ca Diyoseze afise mu butumwa bwiwe ukumenyesha amakuru CEDICOM akaba yemerera igihugu c'Imana ko azokora ibishoboka vyose ngo akaryo nk'ako katoshobora gucika umuryango w'Imana uri muri iyo Diyoseze, muri ya ntumbero nyene y'ukwegeranya ingingo za Kristu mu bumwe bw'intacika, ashigikiwe n'ijuru n'umusubirizi wa Simoni Petero kw'isi.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)
Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni
S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;
hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Â
Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi
barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.
Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;
arabasanganira, ababwira ati:
Y: «Murondera nde?»
S:
Bamwishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S:
Ababwira ati:
Y: «Ni Jewe.»
S:Â Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.
Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati:
Y: «Murondera nde?»
S: Bishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S: Yezu abishura ati:
Y: «Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo
bigire.»
S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:
«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»
Simoni Petero yari afise inkota;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Malikusi.
Yezu yamara abwira Petero ati:
Y:
«Subiza inkota mu rwubati.
Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»
S: Wa
mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda
Bafata Yezu baramuboha.
Â
Yezu kwa Hana na Kayifa
Â
Babanza kumujana kwa Hana,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:
«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye
igihugu.»
Â
Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.
Uwo mwigishwa umuherezankuka mukuru
yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:
Ab: «Aho uri aho,
weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»
S: Ayishura ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S: Abasuku n’abarinzi bari
bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Â
Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati:
Y:
« NÇgishije abantu icese;
nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayuda bakoraniye;
nta co navugiye mu mpisho.
Umbariza iki?
Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»
S: Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:
Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»
S:
Yezu amwishura ati:
Y:
«Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»
S:
Hana amurungika uko yakaboshwe
ku muherezankuka mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati:
Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu
bigishwa biwe?»
S: Arabihakana ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S:
Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,
incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati:
Ab: «Sinakubonye muri kumwe
mw’itongo?»
S:
Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.
Â
Yezu kwa Pilato
Â
Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Â
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:
Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»
S:
Baramwishura bati:
Ab: «Iyo ataba yari inkozi
y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira.»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukurikize itegeko ryanyu.»
S: Abayuda baramwishura bati:
Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»
S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati:
Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»
S: Yezu aramwishura ati:
Y:
«Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»
S: Pilato amwishura ati:
Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?
Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki?»
S: Yezu asubiza ati:
Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi
si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayuda;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha
kw’isi.»
S: Pilato
amubwira ati:
Ab: «None ga, uri umwami?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»
S: Pilato aramubwira ati:
Ab: «Ukuri ni iki?»
S:
Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,
araheza arababwira ati:
Ab: «Nta co namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»
S:
Biha induru rero bati:
Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»
S:
Uwo Baraba yari umwambuzi.
Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati:
Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»
S:
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:
Ab: «Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»
S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye
rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;
araheza Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo wa muntu!»
S:
Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:
Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo nimumwibambire
mwebwe nyene,
jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»
S: Abayuda baramwishura
bati:
Ab: «Turi n’itegeko,
kandi turikurikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana.»
S:
Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:
Ab: «Uva he?»
S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati:
Ab: «Ntunyishura jewe!
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Ni co gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe.»
S:
Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;
Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:
Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»
S: Pilato ngo avyumve,
asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayuda ati :
Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»
S: Bo bavuza induru bati:
Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»
S: Pilato ababwira ati:
Ab: «Mbambe umwami wanyu!»
S:
Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:
Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»
S:
Araheza aramubaha ngo bamubambe.
Â
Yezu ku gasozi ka
Kalvariyo
Â
Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.
Â
Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya:
«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»
Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.
Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:
Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:
Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»
S:
Pilato arabishura ati:
Ab: «Ico nanditse canditswe.»
S:
Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati:
Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»
S:
Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:
«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.
Â
Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Klopasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati:
Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»
S: Abwira wa mwigishwa na we ati:
Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»
S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Ivyo biheze,
kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati:
Y:
«Ndanyotewe.»
S:
Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati:
Y: «Vyose birarangiye.»
S:
Araheza ajondamika umutwe, aracikana.
Â
Aha barapfukama, bakavuga
agasabisho gatoyi banumye
Â
Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye,
-
Abayuda rero basaba Pilato
ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze
babakureho
boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi
w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota
icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe
mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko
itahe:
«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;
ahandi na ho ngo:
«Bazokwihweza uwo
basogose.»
Â
Itongo
bahamvyemwo Yezu
Â
Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya,
umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na
Yezu mw’ijoro;
azana ikivange c’imira na alowe c’ingero
nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.