Ku
wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ruheshi ni ho hugururwa inama nkarishabwenge ku bajejwe
ubutumwa bw'ingo n'imiryango bava mu ma paruwase yose agize Diyoseze Nkuru ya Bujumbura,
zisozerwa ku w'Imana igenekerezo rya 2. Iyo nama ikaba yabereye muri imwe mu
nyubakwa za Paruwase yitiriwe Mikaheli Mweranda bita «Cercle Saint Michel». Patiri
Pierre Nsengiyumva, ari mu basaseredoti bajejwe ubwo butumwa, ni we yayuguruye
icese.
Patiri Pierre Nsengiyumva yabanje gushikiriza ivyavuye mu nama yatunganijwe n'igisata kijejwe ukumenyesha Inkuru Nziza mu nama y'Abepisikopi Katorika b'i Burundi, ivyo na vyo ngo bikaba vyari bishimikiye ku nyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisiko ishimikiye ku kanyamaneza k'urukundo. Iyo nyigisho ngo iri mu gitabu yanditse, igitabo ciswe «Amorisi Laétitia». Muri izo nyigisho, abo bajejwe ubwo butumwa bamenyeshejwe ko babwirizwa guherekeza ingo n'umutima w'ikigongwe.
Mu
vyabaye ku rutonde rw'ivyizwe muri iyo nama navyo, harabayemwo ukuntu ingo zose
ziri mu bihe bitoroshe zokwiyegerezwa gusumba, n'aho zoba ziri mu gicumuro.
Haratanzwe kandi n'icegeranyo c'ubutumwa abajejwe ingo n'imiryango baranguye mu
ma paruwase baje bavamwo, hongera haratangwa inyigisho ku kuntu abajejwe
ubutumwa bw'ingo n'imiryango bokwitunganyiriza imigambi mito mito, kugira ngo bashobore
gutegurira kazoza imiryango yabo. Muri iyo nama, karabaye n'akaryo k'ugushikiriza
ibikorwa nyamukuru vyoshimikirwako muri uyu mwaka w'2019.
Ku bijanye n'ukwiyegereza gusumba ingo ziri mu bihe bitoroshe be n'iziri mu gicumuro, hari ikintu kitari kimenyerewe Patiri Pierre Nsengiyumva yamenyeshejwe: ni umugwi w'abana abantu bakunze kwita «abana b'inda z'indaro» bemerewe, nk'abandi bana bose, kuzohora baronswa isakaramentu ry'ibatisimu bakiri bato. Ivyo vyaratangaje abari muri iyo nama, kuko bamwe babona ko kwoba ari ukwubahura n'abatarazitwara.
Kuri
ayo makenga, uwo musaserdoti yabishuye ko umwana ubwiwe ataba yahisemwo kuvuka
muri ubwo buryo, ko rero atohanirwa ikosa ryakozwe n'abavyeyi biwe. Yabandanije
atanga umuco mu kumenyesha ko umwana nk'uwo azohagarikirwa n'umuhagarikizi
afise ukwemera gukwiye, kuko ari we ngo yoshobora gufasha abo bavyeyi n'uwo
mwana. Mu gihe na ho ngo vyoboneka ko abo bavyeyi bategereye cane Imana, umwana
wabo ngo azoheza abatizwe ari kumwe n'umuhagarikizi wiwe gusa, abavyeyi b'amaraso
bobo bagume mu kibanza.
Ku bw'uwo musaserdoti, ngo ingo zose ziri mu bihe bitoroshe zikwiye kwiyegerezwa n'aho zoba ziri mu gicumuro. Ngo ni ho zoheza zigafashwa guhinduka. Mu nsiguro yiwe yageze n'aho yibutsa ko Imana ari yo yarondeye Adamu na Eva igihe bari mu gicumuro. Ico ni co catumye uwo musasrdoti avuga ati: «namwe musabwe kubiyegereza».
Abari aho bahavuye batanga icegeranyo c'ubutumwa baranguye mu ma paruwase baje bavamwo. Muri ico cegeraranyo, vyaribonekeje ko ubutumwa burangurwa neza muri rusangi naho hari ibibagora nko muma paruwase ya ruguru aho usanga abigishwa ari benshi ariko abigisha bake kandi bakagira ingendo ndende hamwe n'uko abagabo bitaba inyigisho aba ari bake. Na ho ku ma paruwase ari mu gisagara, haribonekeje ko ababa muri ayo ma paruwase bataguma hamwe bivanye n'uko bashobora kwimuka umwanya n'umwanya, ahandi na ho ugasanga abigishwa ari benshi gusumba abigisha.
Bukeye bwaho, inama yarabandanije, ibikorwa bikaba vyatangujwe n'Inkuka ya misa. Imisa iheze, haciye hakurikira ugutanga icegeranyo c'ubutumwa bw'abajejwe ingo n'imiryango ku ma paruwase atari yashikirije ico cegeranyo. Muri iyo nama, n'abajejwe kugenzura ubutumwa bw'irondoka ryisunga umugambi w'Imana hakoreshejwe uburyo kama na bo nyene baratanze icegeranyo c'ubutumwa bwabo.
Kuri uwo musi, ibikorwa nyamukuru vyabaye ugushikirizwa inyigisho n'ibikorwa nyamukuru vyoshimikirwako muri uyu mwaka w'2019. Bimwe mu bizoshimikirwako bikaba bizoba ugukomeza umugwi ujejwe ubutumwa bw'ingo n'imiryango, uhereye mu mibano mito mito, ku mashure y'itabariro, be no muri paruwase. Ikindi cavuzwe ni indero y'abana ngo igiye kwitabwaho kuva bakiri bato.
Inyigisho
ku rukundo n'ubuzima ndangagitsina mu rwaruka na zo ngo mu vyashizwe mu bizokorwa
muri uyu mwaka. Urwaruka ngo ruzoheza rwigishwe uburyo bwo kwizigama gushika rushikire
umusi w'ubugeni bwarwo, na rirya muri iki gihe ngo hari ibisamaza urwaruka
vyinshi kandi bishobora gutuma bamwe batakari, abandi bagakomereka. Ikindi kizokorwa
ngo ni inyigisho z'ugutunganya urugo n'ugukinga amatati mu ngo.
Inama
yasozewe mu kanyamuneza, aho abari bayitavye basangiriye hamwe inzimano bari
bateguriwe kuri uyo musi. Bamwe mubari bitavye iyo nama twashoboye kuvugana bakaba
barashimye cane ko ibunguye vyinshi ku butumwa bwabo.
Eloge
NIYONGABO, Igisata c'ubutumwa bw'ingo n'imiryango
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»