Ukwibuka imyaka 24 iheze habaye ubwicanyi bwagiriwe abanyeshuri bo kuri kaminuza y'Uburundi
Itariki: 13/6/2019Ababisomye 6613 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ico uyu mwaka wisangije ni ishirwaho ry'ishirahamwe «Girubuntu UB 95» rihurikiyemwo abacikacumu b'ubwo bwicanyi

Ku wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi haributswe ku ncuro ya 24 ubwicanyi bw'agahomerabunwa bwakozwe mw'ijoro ryo ku wa 11 rishira uwa 12 Ruheshi 1995, ubwicanyi bwakorewe abanyeshure biga ico gihe muri Kaminuza y'Uburundi. Ibikorwa vyo kwibuka ubwo bwicanyi vyari vyahuje abacikacumu bahurikiye mw'ishirahamwe bise «Zirikana UB 95», bafatanije n'uburongozi bw'iyo Kaminuza, bakaba bari bashigikiwe na bamwe mu bagize Reta y'Uburundi, inama nshingamateka na nkenguzamateka, Abanyeshure bayigako, indongozi mu vya politike n'imibano, eka mbere n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

 

Ivyo bikorwa vyabaye ahanini mu mwanya w'umuhingamo ushira umugoroba, bitangujwe n'Inkuka ya Misa yarongowe n'Umwepiskopi samuragwa wa Dioseze Bubanza, Musenyeri Georges Bizimana. Vyaciye bibandanyiriza ku gushira ingori z'amashurwe mu bibaza bibiri vy'ivyibutso. Icibutso ca mbere cagenwe ahazokwubakwa inzu y'ukwibuka abazize ubwo bwicanyi, ica kabiri ni icibutso c'abagandaguwe nyene.

 

Mu gihe hariko haraherezwa Inkuka ya Misa, Musenyeri Georges Bizimana, abanje guca ku mayange icakoranije abari ngaho, ko baje kwibuka no gusabira abanyeshure bagandaguriwe mu kigo ca Kaminuza y'Uburundi, yavuze igituma Ekleziya yifatanya n'ababa babuze ababo: «Turarengutse hano, tuzanye umutima w'ukwemera ko agapfuye katabazwa ivu, umutima w'ikwemera n'ukwizigira yuko abadutanze tuzosubira guhura.» Yamenyesheje rero ko baje gusabira abo bagandaguwe ngo Umukama abakirane igishika mu bwami bwiwe, bongera basabira n'ababagandaguye kugira ngo bagarure agatima ku mana, babwire Imana ko bihenze, maze baheze bayisabe ikigongwe. Abandi basabiwe ni abacitse kw'icumu n'abahaburiye ababo ngo Umukama abahe umutima w'ugutanga ikigogwe.

 

Ico kigongwe nyene ni co cahavuye gihinduka inyigiso nyamukuru yashikirijwe n'uwo mwepiskopi. Yabanje gutangarira abantu biyumvira kwica n'ukwomora abo badasangiye umuryango, ubwoko, intara canke ivyiyumviro, ico avuga ko ari ikimenyetso cerekana ko abantu baba bageze kure mu kwimenyera mu kibi, bigahava bikazana urusobangane rw'ibindi vyaha, ivyamya bivyamukako na vyo ngo bikaba urwanko, inzigo, amacakubiri, ugukumirana, akarenganyo, ubwicanyi n'ayandi mabi. Ikimutangaza cane ni ukwo kuntu muri Kaminuza ari ahantu baronkera umuco wobwirijwe kumurikira n'abandi, kuko hari incabwenge, ariko hakaba ari ho hakorewe ikibi kibishe nk'ico. Ngo ni ikimenyetso c'uko bari bageze mw'ishano ry'akamaramaza.

 

N'ubwo biri ukwo, Musenyeri Georges Bizimana aremeza ko bishoboka ko abarundi bokira ugukora ikibi: ngo ni ugushika imbere ingendo y'urukundo, gushika mbere no ku rugero rw'ugukunda n'umwansi. Urwo rukundo ngo ni rwo rutuma uwakorewe ikibi aheza akarekurira uwakimugiriye, ngo ni ho yoba atsindishije ikibi iciza, ahandi ho ngo ukwihora kwoba kubaye ukugwiza ikibi incuro zibiri. Na kwo ukurekuriranira ngo ni yo nzira y'ukwubaka amahoro arama. N'ubwo yabivuze ukwo, ngo arazirikana ko ukurekuriranira bidasigura ukwibagira n'ukwiyobagiza icaha umuntu aba yarakorewe, kandi ngo ntibibuza ibikorwa vy'ubutungane. Ku bwiwe ngo ukurekuriranira harimwo cane cane ukwigira inama y'ukutazigera yihora.

 

Insiguro y'Ijambo ry'Imana yunganiwe n'ibisabisho. Abaserukiye abandi mu gushikiriza igisabisho rusangi barasavye Umukama ko, ku bubasha bw'Inkuka nyeranda bahereza, yobaremesha, yobahoza intuntu n'amarira no kubaronsa ingabirano y'ugutanga n'ugusaba ikigongwe ku vyo bononye vyose, kandi ahumanure igihugu c'Uburundi, akironse amahoro yiwe. Muri ico gisabisho baratuye Imana kandi n'abishe bene wabo ngo ibiyereke, bamenye ko ari yo nsa itanga ubuzima ikanabusubirako. Baranasabiye abavyeyi bahekuriwe mu bigo vya Kaminuza, ntibabone n'aho ibibondo vyabo babitaye, be n'abacitse kw'icumu ngo ntibaze bagire agatima k'ukwihora, ahubwo bategere riho ko uguhora ari ukw'Imana.

 

Amajambo nyezina y'ukwibuka abo banyeshure bagandaguwe yahavuye avugwa, uhereye ku muyobozi wa Kaminuza y'uburundi yaje amenyesha ko kaminuza y'Uburundi yemera ko ubwicanyi buyivugwamwo bwabaye koko, maze mu gutanga ikaze muri ico kibanza agaheza agasaba abari aho ko bofata umwanya w'ukwunama ngo bibuke ababo bapfuye. Yaranamenyesheje kandi umugambi w'ukwubaka ivyibutso vy'ubwo bwicanyi mu kigo ca kaminuza co ku Mutanga.


Uwo arongoye Kaminuza y'Uburundi yaciye yunganirwa n'uwuserukiye abanyeshure bakiri ku kivi, uwu na we akaba yarasavye bagenzi biwe ko bokwama bafatanye mu nda, bakima amatwi abosubira kurondera kubaryanisha. N'uwaserukiye abacitse kw'icumu mu gihe c'ubwo bwicanyi na we nyene yaragiize ico avuga, ubona ko ahanini ari bo bari bafise vyinshi bibuka, akaba yaranaserukiye n'abavyeyi b'abatakarije ubuzima bwabo muri ubwo bwicanyi. Uwasozereye amajambo yabaye umushikiranganji w'inyigisho za kaminuza n'ubushakashatsi.

 

Mu majambo yose yavugiwe aho hantu, iryabonetse ko ryakoze ku mitima ya benshi ni iryashikirijwe n'uwo yaserukiye abacikacumu, uravye ukuntu baritegeranye ubwitonzi bwinshi n'ikibabarwe caboneka ku maso yabo. Uyu na we ni uwaserutse mw'izina ry'abahurikiye muri rya shirahamwe ry'abacikacumu «Zirikana UB 95», akaba yitwa Yozefu NKURUNZIZA. Ijambo ryiwe ahanini ryari nk'iry'ugushinga intahe y'ivyabaye, aho yasubiyemwo imvugo yemeza ko yakoreshejwe n'abicanyi ngo ni «ugukubura umwanda muri kaminuza».


Yozefu NKURUNZIZA yamenyesheje ko ukuntu bakubuwe mw'ijoro ryo ku wa 11 rishira uwa 12 Ruheshi 1995 vyababereye nk'inzira y'umusalaba uremereye cane, na cane cane ku banyeshure bari mu bwoko bwariko buhigwa buhongo, aho yemeza ko abarenga 100 bose bagandaguwe, gushirako mbere n'umwigisha yahavuye yicirwa mu biro mu nyuma gato. Aribuka ukuntu muri iryo joro batashobora kuronka n'aho bahungira, kuko ngo ibigo vyose vya Kaminuza vyari bikikujwe n'abasirikare, ababahiga na bon go bakaba bari bafise ibirwanisho, ku buryo uwagira ngo aracarutse baca bamurasa. Ngo nta kindi bari basigaje atari ukurindira ko ruza kwiyanurira mu mazu babamwo.

 

Ariko rero ngo «Ntirumarira Imana», abo Imana yiterekeye bobo ntibabuze, ari bo b'abo bavuga ko bacitse kw'icumu. Babonye bukeye bagihema, Imana ngo yarabaciriye icanzo, maze bereka inzira ubworo bw'ikirenge. Abagarukiye hafi bahungiye mu mihana iri hirya cane y'uburaro bwo mu bigo vya kaminuza. Ahavuzwe cane ni mu kamenge, mu Nyambuye no mu Gishingano, n'ubwo na ho nyene ngo hari abasanzweyo bagahohosherezwayo, abandi na bo bagafata inzira y'ishamba ngo biyunge n'imigwi y'abarwanya igihugu, abandi bagahungira mu mahanga. N'ubwo babonye ayo yose, kuri bo ngo ukuvyibuka si ukuzura akaboze, eka mbere ngo nta n'agatima k'ukwihora bafise na mba; ahubwo ngo bashaka ko abarundi bohakura icigwa, ibintu nk'ivyo ntibize bisubire mu gihugu.

 

Muri wa mwanya w'ugushira ingori z'amashurwe n'amashashara yaka kuri vya vyibutso bibiri na ho, haciye haba urugendo rwashikanye abari aho kuri ivyo bibanza. Kumwe n'abo bacitse kw'icumu, hari n'abanyavyubahiro batandukanye, harimwo Umushikiranganji w'inyigisho za kaminuza n'ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona, yaserukiye reta. Hariho kandi n'abaserikiye umugwi w'ukuvugana ukuri n'ukunywanisha abarundi (CVR), umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina munt (CNIDH), uwahoze ari Umukuru w'igihugu, Nyakwubahwa Sylvestre Ntibantunganya, abanyeshure biga muri za kaminuza, abari mu nzego zitandukanye z'igihugu, abarongoye imigambwe ikorera mu gihugu, hamwe kandi n'abanyamahanga baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

 

Igishasha cabonetse ni uko Ubuyobozi bwa kaminuza bwari bwifatanije n'abacikacumu mu guhimbaza uwo musi, mu gihe mu myaka iheze wahora uhimbazwa n'abacikacumu gusa, babifashijwemwo n'ishirahamwe ritegamiye Reta ryitwa AMEPCI Gira ubuntu. Ikindi gishasha ni uko abacitse kw'icumu muri ubwo bwicanyi bahimbaje umwaka ugira uwa 24 w'ubwo bwicanyi bafise ishirahamwe ryabo bwite, Ishirahamwe «Girubuntu UB 95».

 

Michel NIBITANGA, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 174
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI