Ku
wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi haributswe ku ncuro ya 24 ubwicanyi
bw'agahomerabunwa bwakozwe mw'ijoro ryo ku wa 11 rishira uwa 12 Ruheshi 1995, ubwicanyi
bwakorewe abanyeshure biga ico gihe muri Kaminuza y'Uburundi. Ibikorwa vyo kwibuka
ubwo bwicanyi vyari vyahuje abacikacumu bahurikiye mw'ishirahamwe bise
«Zirikana UB 95», bafatanije n'uburongozi bw'iyo Kaminuza, bakaba bari bashigikiwe
na bamwe mu bagize Reta y'Uburundi, inama nshingamateka na nkenguzamateka, Abanyeshure
bayigako, indongozi mu vya politike n'imibano, eka mbere n'abaserukira ibihugu
vyabo mu Burundi.
Ivyo
bikorwa vyabaye ahanini mu mwanya w'umuhingamo ushira umugoroba, bitangujwe n'Inkuka
ya Misa yarongowe n'Umwepiskopi samuragwa wa Dioseze Bubanza, Musenyeri Georges
Bizimana. Vyaciye bibandanyiriza ku gushira ingori z'amashurwe mu bibaza bibiri
vy'ivyibutso. Icibutso ca mbere cagenwe ahazokwubakwa inzu y'ukwibuka abazize
ubwo bwicanyi, ica kabiri ni icibutso c'abagandaguwe nyene.
Mu
gihe hariko haraherezwa Inkuka ya Misa, Musenyeri Georges Bizimana, abanje guca
ku mayange icakoranije abari ngaho, ko baje kwibuka no gusabira abanyeshure
bagandaguriwe mu kigo ca Kaminuza y'Uburundi, yavuze igituma Ekleziya yifatanya
n'ababa babuze ababo: «Turarengutse hano, tuzanye umutima w'ukwemera ko
agapfuye katabazwa ivu, umutima w'ikwemera n'ukwizigira yuko abadutanze
tuzosubira guhura.» Yamenyesheje rero ko baje gusabira abo bagandaguwe ngo
Umukama abakirane igishika mu bwami bwiwe, bongera basabira n'ababagandaguye
kugira ngo bagarure agatima ku mana, babwire Imana ko bihenze, maze baheze
bayisabe ikigongwe. Abandi basabiwe ni abacitse kw'icumu n'abahaburiye ababo
ngo Umukama abahe umutima w'ugutanga ikigogwe.
Ico
kigongwe nyene ni co cahavuye gihinduka inyigiso nyamukuru yashikirijwe n'uwo
mwepiskopi. Yabanje gutangarira abantu biyumvira kwica n'ukwomora abo
badasangiye umuryango, ubwoko, intara canke ivyiyumviro, ico avuga ko ari
ikimenyetso cerekana ko abantu baba bageze kure mu kwimenyera mu kibi, bigahava
bikazana urusobangane rw'ibindi vyaha, ivyamya bivyamukako na vyo ngo bikaba
urwanko, inzigo, amacakubiri, ugukumirana, akarenganyo, ubwicanyi n'ayandi mabi.
Ikimutangaza cane ni ukwo kuntu muri Kaminuza ari ahantu baronkera umuco wobwirijwe
kumurikira n'abandi, kuko hari incabwenge, ariko hakaba ari ho hakorewe ikibi
kibishe nk'ico. Ngo ni ikimenyetso c'uko bari bageze mw'ishano ry'akamaramaza.
N'ubwo
biri ukwo, Musenyeri Georges Bizimana aremeza ko bishoboka ko abarundi bokira ugukora
ikibi: ngo ni ugushika imbere ingendo y'urukundo, gushika mbere no ku rugero rw'ugukunda
n'umwansi. Urwo rukundo ngo ni rwo rutuma uwakorewe ikibi aheza akarekurira
uwakimugiriye, ngo ni ho yoba atsindishije ikibi iciza, ahandi ho ngo ukwihora
kwoba kubaye ukugwiza ikibi incuro zibiri. Na kwo ukurekuriranira ngo ni yo
nzira y'ukwubaka amahoro arama. N'ubwo yabivuze ukwo, ngo arazirikana ko
ukurekuriranira bidasigura ukwibagira n'ukwiyobagiza icaha umuntu aba
yarakorewe, kandi ngo ntibibuza ibikorwa vy'ubutungane. Ku bwiwe ngo
ukurekuriranira harimwo cane cane ukwigira inama y'ukutazigera yihora.
Insiguro
y'Ijambo ry'Imana yunganiwe n'ibisabisho. Abaserukiye abandi mu gushikiriza igisabisho
rusangi barasavye Umukama ko, ku bubasha bw'Inkuka nyeranda bahereza,
yobaremesha, yobahoza intuntu n'amarira no kubaronsa ingabirano y'ugutanga n'ugusaba
ikigongwe ku vyo bononye vyose, kandi ahumanure igihugu c'Uburundi, akironse
amahoro yiwe. Muri ico gisabisho baratuye Imana kandi n'abishe bene wabo ngo
ibiyereke, bamenye ko ari yo nsa itanga ubuzima ikanabusubirako. Baranasabiye abavyeyi
bahekuriwe mu bigo vya Kaminuza, ntibabone n'aho ibibondo vyabo babitaye, be n'abacitse
kw'icumu ngo ntibaze bagire agatima k'ukwihora, ahubwo bategere riho ko uguhora
ari ukw'Imana.
Amajambo nyezina y'ukwibuka abo banyeshure bagandaguwe yahavuye avugwa, uhereye ku muyobozi wa Kaminuza y'uburundi yaje amenyesha ko kaminuza y'Uburundi yemera ko ubwicanyi buyivugwamwo bwabaye koko, maze mu gutanga ikaze muri ico kibanza agaheza agasaba abari aho ko bofata umwanya w'ukwunama ngo bibuke ababo bapfuye. Yaranamenyesheje kandi umugambi w'ukwubaka ivyibutso vy'ubwo bwicanyi mu kigo ca kaminuza co ku Mutanga.
Uwo arongoye Kaminuza y'Uburundi yaciye yunganirwa n'uwuserukiye abanyeshure bakiri ku kivi, uwu na we akaba
yarasavye bagenzi biwe ko bokwama bafatanye mu nda, bakima amatwi abosubira
kurondera kubaryanisha. N'uwaserukiye abacitse kw'icumu mu gihe c'ubwo bwicanyi
na we nyene yaragiize ico avuga, ubona ko ahanini ari bo bari bafise vyinshi
bibuka, akaba yaranaserukiye n'abavyeyi b'abatakarije ubuzima bwabo muri ubwo
bwicanyi. Uwasozereye amajambo yabaye umushikiranganji w'inyigisho za kaminuza
n'ubushakashatsi.
Mu
majambo yose yavugiwe aho hantu, iryabonetse ko ryakoze ku mitima ya benshi ni
iryashikirijwe n'uwo yaserukiye abacikacumu, uravye ukuntu baritegeranye
ubwitonzi bwinshi n'ikibabarwe caboneka ku maso yabo. Uyu na we ni uwaserutse
mw'izina ry'abahurikiye muri rya shirahamwe ry'abacikacumu «Zirikana UB 95»,
akaba yitwa Yozefu NKURUNZIZA. Ijambo ryiwe ahanini ryari nk'iry'ugushinga intahe
y'ivyabaye, aho yasubiyemwo imvugo yemeza ko yakoreshejwe n'abicanyi ngo ni «ugukubura
umwanda muri kaminuza».
Yozefu
NKURUNZIZA yamenyesheje ko ukuntu bakubuwe mw'ijoro ryo ku wa 11 rishira uwa 12
Ruheshi 1995 vyababereye nk'inzira y'umusalaba uremereye cane, na cane cane ku
banyeshure bari mu bwoko bwariko buhigwa buhongo, aho yemeza ko abarenga 100 bose
bagandaguwe, gushirako mbere n'umwigisha yahavuye yicirwa mu biro mu nyuma gato.
Aribuka ukuntu muri iryo joro batashobora kuronka n'aho bahungira, kuko ngo
ibigo vyose vya Kaminuza vyari bikikujwe n'abasirikare, ababahiga na bon go bakaba
bari bafise ibirwanisho, ku buryo uwagira ngo aracarutse baca bamurasa. Ngo nta
kindi bari basigaje atari ukurindira ko ruza kwiyanurira mu mazu babamwo.
Ariko
rero ngo «Ntirumarira Imana», abo Imana yiterekeye bobo ntibabuze, ari bo b'abo
bavuga ko bacitse kw'icumu. Babonye bukeye bagihema, Imana ngo yarabaciriye
icanzo, maze bereka inzira ubworo bw'ikirenge. Abagarukiye hafi bahungiye mu
mihana iri hirya cane y'uburaro bwo mu bigo vya kaminuza. Ahavuzwe cane ni mu
kamenge, mu Nyambuye no mu Gishingano, n'ubwo na ho nyene ngo hari abasanzweyo
bagahohosherezwayo, abandi na bo bagafata inzira y'ishamba ngo biyunge n'imigwi
y'abarwanya igihugu, abandi bagahungira mu mahanga. N'ubwo babonye ayo yose, kuri
bo ngo ukuvyibuka si ukuzura akaboze, eka mbere ngo nta n'agatima k'ukwihora
bafise na mba; ahubwo ngo bashaka ko abarundi bohakura icigwa, ibintu nk'ivyo
ntibize bisubire mu gihugu.
Muri
wa mwanya w'ugushira ingori z'amashurwe n'amashashara yaka kuri vya vyibutso bibiri
na ho, haciye haba urugendo rwashikanye abari aho kuri ivyo bibanza. Kumwe n'abo
bacitse kw'icumu, hari n'abanyavyubahiro batandukanye, harimwo Umushikiranganji
w'inyigisho za kaminuza n'ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona, yaserukiye
reta. Hariho kandi n'abaserikiye umugwi w'ukuvugana ukuri n'ukunywanisha
abarundi (CVR), umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina munt (CNIDH), uwahoze
ari Umukuru w'igihugu, Nyakwubahwa Sylvestre Ntibantunganya, abanyeshure biga
muri za kaminuza, abari mu nzego zitandukanye z'igihugu, abarongoye imigambwe
ikorera mu gihugu, hamwe kandi n'abanyamahanga baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Igishasha
cabonetse ni uko Ubuyobozi bwa kaminuza bwari bwifatanije n'abacikacumu mu
guhimbaza uwo musi, mu gihe mu myaka iheze wahora uhimbazwa n'abacikacumu gusa,
babifashijwemwo n'ishirahamwe ritegamiye Reta ryitwa AMEPCI Gira ubuntu. Ikindi
gishasha ni uko abacitse kw'icumu muri ubwo bwicanyi bahimbaje umwaka ugira uwa
24 w'ubwo bwicanyi bafise ishirahamwe ryabo bwite, Ishirahamwe «Girubuntu UB
95».
Michel
NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»