Kugira ngo iryo shure ryubakwe, ngo hakenewe uburyo bw'amafaranga y'amarundi ashika imiriyoni amajana atatu, kuko ryubakwa ku buhinga bugezweho
Mu ntumbero y'ukwubaka gushasha Ishure shingiro rya Kivoga ya kabiri ryabomotse, Paruwase Kivoga yaratunganije inama z'ugushinga umugambi w'ukuryubaka mu buryo bugezweho kandi mu nyubakwa zikomeye. Patiri Clément NIYONKURU, ari na we Patiri mukuru wa Paruwase, akaba yaragirishije inama abagenzi ba Paruwase ngo bigire hamwe ukuntu uwo mugambi woshirwa mu ngiro.
Ishure shingiro rya Kivoga ya kabiri kera ryahoze ryitirirwa abakobwa, rikaba rikukira Ekleziya Katolika, muri paruwase Kivoga. Iryo shure ryari ryubatswe mu mwaka wa 1964, ryubakishijwe amabuye n'ivyondo ku mfashanyo umusaseredoti Mathias MURUMBA NZOGERA yari yasavye mu bihugu vy'abazungu. Aho rimariye gusaza, ryagiye rirabomoke buke buke. Mu mwaka wa 2017 hoho ryahavuye ribomoka burundu, uko ibirasi bishika bitandatu vyaryo biri.
Guhera ico gihe, abanyeshure bahora bahiga baciye batangura kugira ikibazo c'ukubura baba barigira mu kurindira ko iryo shure risubira kwubakwa. Paruwase yaciye iba irabatiza inyubakwa zahoze zitangirwamwo ivyigwa vya Katigisimu bita «Yaga Mukama», n'ubwo na zo nyene zishaje, zikaba na zo nyene zishobora kubomoka umwanya uwo ari wo wose, hatagize igikorwa mu maguru mashasha.
Rimaze kubomoka ryose, ni ho hatanguye kuvyuka iciyumviro c'uko iryo shure ryaramuriye igihugu imyaka itari mike ryokwubakwa. Ico gihe Patiri Clément NIYONKURU yaciye atangura kugirisha amanama atandukanye abagenzi ba Paruwase ngo bigire hamwe ukuntu boshinga umugambi wo gusubira kuryubaka. Vyabonekanye ko kugira ngo ryubakwe hakenewe uburyo bw'agaciro k'amafaranga y'amarundi ashika imiriyoni amajana atatu, kuko hipfujwe ko ryoca ryubakwe ku buhinga bugezweho.
Kuva ico gihe, ibikorwa bitari bike biramaze kukorwa. Eka mbere na Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yaremeye ko yoterera mu rwubako, ariko Paruwase na yo nyene igashiramwo uruhara. Paruwase isabwa gutereramwo amafaranga imiriyoni mirongo itandatu.
Kugira ngo ayo mahera Paruwase isabwa aboneke, Patiri mukuru yaciye akoranya abagenzi ba Paruwase, uhereye ku bavyeyi barereye kuri iryo shure be n'imvukira za Paruwase zirangurira ibikorwa vyazo vya misi yose i Bujumbura, kubandanya gushika ku bakozi ba Leta n'abadandaza basengera muri iyo Paruwase. Abakozi ba leta basabwe intererano y'ibihumbi bitanu kuri umwe umwe wese yoba yiyumvamwo guterera muri uwo mugambi, abadandaza na bo ibihumbi icumi. Abavyeyi basabwe ibihumbi bitatu n'amajana indwi na mirongo itanu yoharurwa ku mwana wese yiga kuri iryo shure. Hejuru y'izo ntererano zo mu buryo bw'amahera, abakristu bo muri iyo Paruwase ngo bazoshirako n'interarano z'amaboko ku bikorwa bizoba bikenewe.
Patiri Clément rero atera akamo abo bose bafise ico boterera, baba abigeze kwiga kuri iryo shure bari mu Burundi canke hanze y'igihugu, ubu bafise amikoro, ko bokwegera Paruwase bakayifasha muri uwo mugambi ufitiye akamaro Ekleziya n'igihugu. Mwomenya ko ibikorwa vya mbere vy'amaboko vyovyo vyamaze gutangura, ibigaragara bikaba ari ivy'ugufyatura amatafari.
David Niyongabo, Paruwase Kivoga