Muri Paruwase Mayuyu, ku musi w'Imana igekerezo rya 16 Ruheshi, abakristu bo kw'ishure ry'itabariro rya Kirinzi bari bafise
akanyamuneza ntangere kuko uwo musi bagabanye icese ingoro y'Imana. Ivyo birori
vyari vyatewe iteka n'icegera ca c'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya
Bujumbura, Musenyeri Anatole RUBERINYANGE, ari na we yahagarariye ibirori
vy'ukuyinjira icese mu guha urufunguzo Patiri mukuru wa Paruwase yabo, Patiri Tito
NDAYISHIMIYE, agaheza akanayibahezagirira.
Mu gihe intumwa y'Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru yari amaze gushika kw'isango, umuhinga yahagarariye urwubako rw'iyo Sengero yaciye amuhereza urufunguzo, ikimenyetso c'uko iyo ngoro yahejeje kwubakwa, kandi ishikirijwe icese Diyoseze.
Hanyuma Musenyeri Anatole RUBERINYANGE nawe yaciye
arushikiriza Patiri mukuru wa Paruwase, kuko ari we muhagarikizi w'Umwepiskopi
muri Paruwase ashinzwe. Yaciye anamuha ububasha bw'ukwugurura iyo icese sengero,
ikimenyetso c'uko yugururuye abakristu ngo bazohore bahaherereza ibisabisho
vyabo n'amashikanwa ku Mana, mu gihe umusaserdoti yaje na ho ahaherereze n'Inkuka
y'Ukaristiya.
Nk'uko biri muri Ekleziya, urubanza nk'urwo rwama
rujana n'uguhezagira ibimenyetso vyose biranga Ingoro y'Imana, Musenyeri
Anatole RUBERINYANGE rero akaba yaciye acucagira iyo Ngoro y'Imana n'amazi
ahezagiye, na Altari, n'ibimenyetso vyeranda biyirimwo. Eka mbere n'abakristu
bari bahari na bo nyene akaba yarabacucagiyeko ayo mazi nyene. Ibirori bikaba
vyabandanirije ku nkuka ya Misa.
Richard NDIKUMANA, Paroisse MAYUYU
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â