Ku w'Imana
igenekerezo rya 23 Ruheshi, abakristu bo muri Paruwase yitiriwe umweranda
Augustino yo mu Buyenzi barahimbaje umusi mukuri w'Isakramentu Ryeranda. Mu
birori vy'uwo harabaye Inkuka ya Misa, hongera haraba kandi n'urugendo rweranda.
Inkuka y'imisa yaherejwe kw'isaha zine n'igice (10h30), irongowe na Patiri
Mukuru wa Paruwase, Patiri Marc Nsanzurwimo, afatikanije na Patiri DĂ©sire Niyibizi.
Mu nyigisho
yatanzwe na Patiri Marc Nsanzurwimo, yavuze ko umusi mukuru w'Isakramentu
ryeranda ari umwe mu misi mikuru ikurikira Pasika. Inyuma ya Pentekote, ngo
hari imisi mukuru itatu, ari yo: umusi mukuru w'Ubutatu bweranda, umusi mukuru
w'Isakaramentu ryeranda, n'umusi mukuru
w'Umushaha Mweranda wa Yezu, kandi ko Isakaramentu ryeranda ry'Ukarisiya
ari ryo sakaramentu-shimikiro ry'ukwemera kw'abakristu.
Tubamenyeshe
ko mu rugendo rwabo rwo kugendanira Yezu Kristu mw'Isakaramentu ryeranda ry'Ukaristiya,
abakristu bo muri Paruwase yo mu Buyenzi bavuye kw'isengero badugana ibarabara rija
kuri Zone ya Buyenzi. Bageze kuri Zone, baciye babandanya n'irija mu Gisagara
hagati, bageze ku rija ku bitaro «Prince Régent Charles» baca bamanukana iryo
nyene, ari na ryo ryaciye ribashikana kw'isengero, aho baronkeye umuhezagiro
usozera ibirori.
Alexis Niyonkuru, Paruwase
BUYENZI
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â