Nguku uko muri Komine Isare hahimbarijwe isabukuru igira iya 57 Uburundi bumaze buronse intahe y'ukwikukira
Itariki: 4/7/2019Ababisomye 4656 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ni ibirori ku rwego rw'intara ya Bujumbura rural, ibirori vyabereye ku murwa mukuru w'intara, bikaba vyatanguriye ku gisabisho, bibandanyiriza kuri Défilé n'utundi tugenegene

Abendera ariko araduzwa: irya Republika y'Uburundi, iry'ubumwe bw'Abarundi n'iry'umuryango w'ubumwe bwa Afrika yo mu buseruko©Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Isabukuru igira iya 57 Igihugu c'Uburundi kimaze cikukiye yarahimbajwe, ku wa mbere itariki ya 1 Mukakaro 2019. Mu ntara ya Bujumbura (intara izwi kw'izina rya Bujumbura Rural), ibirori vyabereye ku murwa mukuru w'iyo ntara, ku kibuga c'umupira kiri ku mutumba Bibare, muri Komine Isare. Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Buramatari w'Intara ya Bujumbura, Umupfasoni Nadine GACUTI, ari kumwe n'umucance wiwe, abarongoye igisirikare n'igipolisi mu ntara, n'abandi banyacubahiro barongoye ubuzi n'amashirahamwe bitandukanye.

Ibirori vy'uguhimbaza iyo sabukuru y'ukwikukira kw'Uburundi ku rwego rw'Intara ya Bujumbura vyatangujwe n'ugushira ingori z'amashurwe ku cibutso c'ukwikukira kiri ku cicaro c'iyo ntara. Ibendera ry'igihugu rimaze kuduzwa, haciye hakurikira igisabisho, hanyuma hakurikira urugendo rw'agakura bita Défilé mu rurimi rw'igifaransa.


Abasirikare bari kuri Délilé © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Mu bagize urwo rugendo, imbere hari abari mu muhari Gatolika wa CHIRO, hanyuma abaserukira ama Komine nka yose mu ntara ya Bujumbura, abarongoye ubuzi n'amashirahamwe atandukanye, amakoperative SAGWE yo ku mitumba yose igize Komine Isare ukwo ari 16, abigisha bari bashajije n'umwambaro mushasha, abari mu mugwi w'umupira w'amaguru uzwi kw'izina rya Wasps FC, abanyeshure bo mu mashure mato mato n'ayisumbuye, harimwo n'Ishure ryisumbuye rya Gahabwa ryabiryoheje, aho na Buramatari yarangije abaha agashimwe.

Abandi bari muri urwo rugendo ni abatwara amapikipiki, aho berekanye ubuhinga butari buke. Mu kugaragaza umunezero w'ukwigina intahe y'ukwikukira batwara amapikipiki mu bugenegene budasanzwe. Bamwe bayagirako bayahagazeko, abandi na bo bakayagirako bagerekeranye, n'utundi tugenegene tutari duke berekanye.


Bamwe mu bagendesha amapikipiki © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

DĂ©filĂ© y'abasirikare n'abapolisi ni yo yasozereye umwanya w'urugendo, aho wabona ko abenegihugu bayirorerana igishika cinshi kuko umugwi w'abasirikare n'abapolisi watambukana ubuhinga budasanzwe. Eka mbere barerekanye n'ubundi buhinga, nk'urukino rw'indwano rwitwa Karate. Iyo dĂ©filĂ© irangiye, abavuza ingoma ni bo baciye buguruye intambo n'utugenegene tw'inkino. Abavuza ingoma batamba berekana ubuhinga bwabo, nk'ugutambisha ingoma ntoyi na nini bazifatishije amenyo.


Abavuzi b'ingoma bo muri Komine ya Isare © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Musitanteri wa Komine Isare, ari na yo yari yakiriye ivyo birori, amaze kudondora ikomine arongoye, yarahaye ikaze abitavye urwo rubanza bose, agirako amenyesha ko abenegihugu arongoye bari ku kivi, kandi ko umutekano mw'ikomine arongoye ukwiye. Yaramenyesheje ariko ko intambamyi zitabuze. Intambamyi nyamukuru yashikirije ni uko ibarabara rishika ku murwa mukuru w'intara ritifashe neza.


Musitaneteri wa Komine Isare, Gilbert NIYONKURU, ariko atanga ikaze © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Twarashoboye kwumviriza intahe y'umwe mu babayeho mu gihe c'abakoloni, umutama yitwa Marcel. Uyu mutama ngo yariho igihe igihugu kitari bwikukire. Yavuze muri make uko igihugu casinzikajwe na ba Kavamahanga. Ngo barabategeka ibikorwa vy'akavunamafyigo, bakongera bakabakubita ibimoko. Ikindi, abo bazungu ngo baragatoza ku nguvu amagi, amasoro, ibitungwa bimeze neza, n'ibindi, bakaja kuvyifungurira ataco babahaye.

Ku bw'umutama Marcel, ngo n'ubwo abazungu baje bacanishamwo abenegihugu, bakagirako bakanabahekura mu kwica imboneza z'abarundi, nk'Umuganwa Ludoviko RWAGASORE n'izindi ncungu z'igihugu zagandaguwe ico gihe c'uguharanira intahe y'ukwikukira, abarundi bobo ngo bokwifatanira mu nda.


Umutama yariho mu gihe c'abakoloni © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Ijambo nyamukuru ry'uwo musi ryashikirijwe n'Umupfasoni Nadine GACUTI, Buramatari w'intara ya Bujumbura. Afatiye ku civugo c'uwo musi cavuga kiti: «Dutsimbataze intahe y'ukwikukira mu gushira mu ngiro ibwirizwa twitoreye», yasavye abenegihugu kubungabunga iyo ntahe y'ukwikukira bagabiwe n'Imana Mushoboravyose, abasaba kandi kwama bafatanye mu nda, ngo bibuke iyo bavuye.


Buramatari w'Intara ya Bujumbura, Nadine GACUTI, ashikiriza ijambo nyamukuru ry'uguhimbaza isabukuru ya 57 Uburundi bumaze buronse intahe y'ukwikukira Â© Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Yaragize n'ico avuga ku barongoye imigambwe, hejuru y'ugufatana mu nda nk'abasangiye igihugu, akaba yaranabasavye kwama bisunga amategeko, na cane cane ko bimirije amatora. Ba Musitanteri na bo yabasavye guhagarara magabo ngo amatora azogende neza cane. Atumirira abenegihugu kwitaba n'uguhimbaza imisi mikuru ibiri bimirije guhimbariza mu makomine, ari yo uw'ugufashanya n'ugushigikirana uzoba mu mpera z'ukwezi kwa Mukakaro, be n'uwahariwe iterambere ry'amakomine uzoba mu ntango za Myandagaro.

Yarangije atanga ubushimwe ku bitanze gusumvya abandi. Abahawe udushimwe ni umukuru wa zone Gatumba ku bw'integuro y'ivyo birori, ishure ryisumbuye rya Gahabwa muri Komine Isare be n'abatwara Sentare y'intara ya Bujumbura ku bwa défilé iteye igomwe bagize. Na we uwurongoye indero muri Komine Isare yahawe agashimwe kubw'uko abigisha arongoye bari bitavye défilé ku bwinshi, kandi bashonesheje umwambaro mushasha usa. Ntiyibagiye gushimira n'abasirikare n'abapolisi ku bw'uko baryoheje Défilé.

 

Abatwa bo mu mugwi ndangakaranga "TUZAMURANE" bariko bariginta intahe y'ukwikukira kw'igihugu cabo; aha bariko batambana na Buramatari © Ifoto na Bernard NDABINENGESERE

Ivyo birori vyarangiriye ku ntambo y'umugwi ndangakaranga «TUZAMURANE» w'abatwa aho Buramatari, Musitanteri wa Komine Isare n'uwurongoye Sentare y'Intara bakaba barabinezererewe cane gushika n'aho baja gutambana na bo. Izo ntambo ziheze, hakaba haciye haba ugufata ifoto y'umuryango y'abakorera mu biro vy'intara, ama Komine yose n'amazone bo mu ntara bari aho.

Bernard NDABINENGESERE, mw'Isare, ku bwa Paruwase Rushubi

Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 189
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI