Aho hari ku musi wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro, muri Paruwase yitiriwe umweranda Petero Karaveri yo mu Kivoga, aho abakiristu bavyiteguriye bahabwa isakaramentu ry'ugukomezwa muri Mutima-Mweranda. Inkuka y'imisa yari yatewe iteka n'icegera c'Umwepisikopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole RUBERINYANGE, afadikanije n'abasaseredoti basanzwe barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.
Imbere y'ugutanga iryo sakramentu ry'ugukomezwa muri
mutima-Mweranda, Musenyeri Anatole RUBERINYANGE yarabanje gutanga insiguro yaryo,
yishimikije ijambo ry'Imana riri mw'ikete umutumwa Paulo yandikiye abanyagalati
(Gal.5,22-23), yaravuze bimwe bimwe mu biranga abaronse Mutima-Mweranda. Ngo baragira
amahoro muri bo, bakavuga bumvikana hagati yabo, kandi bakagira n'ubumwe. Eka mbere
ngo nta n'amacakubiri bagira, kandi ngo bavuga bahanahana. Yarangije insiguro akeza
abagira bahabwe iryo sakaramentu.
Ahejeje insiguro y'uwo mugirwa w'ugukomezwa muri Mutima-Mweranda, haciye hakurikira igikorwa nyezina c'ugutanga iryo sakramentu. Mu mpera y'Inkuka y'imisa, umwe muri abo bari bahejeje gukomezwa muri Mutima-Mweranda yarafashe ijambo ry'ukugaragaza umunezero; Jules NITUNGA ni we yaserukiye abandi. Mw'ijambo ryiwe, akaba yarashimiye icegera c'Umwepisikopi Mukuru wa Diyoseze kw'iteka ntangere yabateye mu kwemera kuza kubashikiriza iryo sakramentu. Abandi yashimiye ni abasaseredoti n'abigisha babafashije kwitegura ngo bashikire iyo ntambwe.
Eka, na Patiri mukuru wa Paruwase Paruwase Kivoga na we nyene yaragize ico avuga. Kw'izina rya Paruwase arongoye, Patiri Clément NIYONKURU akaba yarashimiye cane Umwepisikopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ku kuntu adahengeshanya kubigorera, na we nyene yongera arashimira n'intumwa yiwe, Musenyeri Anatole Ruberinyange, kw'iteka yaje kubatera mu gushikiriza iryo sakramentu. Yarangije akeza abo baronse iryo banga ridasanzwe, yongera aranashimira n'ababateguye.
Twahavuye twegera bamwe mu bigisha basanzwe bafasha abitegurira amasakramentu, maze baratwiganira zimwe mu ntambamyi bakunda guhura na zo iyo bariko bategura abasaba iryo sakramentu. Intambamyi nyamukuru bahura na yo ngo ni uko rimwe na rimwe muri bo hari abo usanga batwawe n'inyosha mbi ya shetani, bakagwa mu vyaha bitandukanye.
Batubwiye ko iyo hagize uwumenyekanye ngo haheza hagakorwa amatohoza, ari na yo afatirwako, maze Patiri mukuru wa Paruwase, afadikanije n'abasanzwe babategura, bagaheza bagafata ingingo y'ukumuhagarika. Ivyo ngo bikorwa mu ntumbero y'ugukinga, kugira ngo iryo sakramentu rihabwe ababikwiye koko, kandi babibereye.
Ivyo birori n'ubwo vyafashe umwanya utari muto kuko Inkuka y'imisa yatanguye kw'isaha zitanu zibura iminota icumi n'itanu, ikaja kurangira kw'isaha umunani, vyaribonekeza ko akanyamuneza kari kose ku bari aho, bari bagwiriyemwo abakomejwe n'imiryango yabo, incuti n'abagenzi, ubona ko hanakomejwe abatari bake, abakiristu bashika 926, bagizwe n'urwaruka n'abakuze.
Donatien TUYISABE, Paruwase Kivoga
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»