Imiryango ya ba Ntahonikora yatowe ngo ihabwe imfashanyo, kuri
uyu wa Mungu igenekerezo rya 7 Mukakaro, ni imiryango yo mu mibano mito mito yo
muri Paruwase Ngagara, imfashanyo baronkejwe na yo ikaba yari igizwe
n'ibifungurwa. Iyo mfashanyo yatanzwe n'abakenyezi bahurikiye mumugambi COSOPAX-Burundi,
bafashijwe n'igisata kijejwe ubutumwa bw'Ubutungane n'Amahoro, CDJP, ca Diyoseze
Nkuru ya Bujumbura.
Umugambi COSOPAX-Burundi ni umugambi uhuza abakenyezi bakora
urudandazwa ruto ruto, bakaba barangurira ibikorwa vyabo ngaha mu Burundi. Uwo mugambi
urimwo kandi n'abakora urudandazwa ruhuza ibihugu vy'Uburundi, Republika
iharanira demokrasi ya Kongo, n'Urwanda, mu gisata kijejwe ubutumwa bw'Ubutungane
n'Amahoro, CDJP-Bujumbura na ho bakaba bazwi nk'abakenyezi baharanira ugutsimbataza
amahoro n'ikibano ciza biciye muri ivyo bikorwa vyabo vya misi yose.
Ni muri iyo ntumbero nyene y'ugutsimbataza amahoro n'ikibano
ciza biyumviriye bongera barashira mu ngiro igikorwa c'urukundo c'ukugarukira
kuri abo ba Ntahonikora. Ico gikorwa catangujwe n'igisabisho c'Inkuka y'Imisa
yaherejwe mw'Isengero ya Paruwase Ngagara nyene, igihe c'isaha zine zo mu
gitondo. Inyuma y'iyo misa, abo bakenyezi bahavuye begera iyo miryango ya ba Ntahonikora
yari yatowe, baraheza babanza kwiginana, bongera babafasha kunezerwa mu kuririmba
no mu gutamba, bahayagiza Imana.
Umupfasoni Gisele ITERITEKA ni umwe mu ndongozi za COSOPAX-Burundi.
Uyu rero, afashe ikinyobwa c'ifanta, imwe mu zo bari babagemuriye abo ba Ntahonikora
ngo basangire, yamenyesheje ko ico gikorwa bagitunganije mu gufasha gutsimbataza
amahoro n'ikibano ciza, kuko nk'uko yabandanije abivuga ngo «Mu nda harara
inzara hakazinduka inzigo». Yaboneyeho kumenyesha ko utwo bagerageje kwegeranya,
n'ubwo we yavuga ko tutari twinshi, uko biri kose ngo tuzoheza tukabaramira.
Inyuma yiwe, uwusanzwe atwara igisata c'ibikorwa vy'urukundo,
CARITAS, muri Paruwase Ngagara, na we nyene yarafashe ijambo. Umupfasoni Primitive
NTAKIYIRUTA yarakengurukiye cane abo bakenyezi ku kuntu bashimye gusabikaniriza
abo ba Ntahonikora bo muri iyo Paruwase, aba na bo akaba yarabasavye kwakirano
umutima w'ubukengurutsi iyo mfashanyo baronkejwe.
Uwo atwara ico gisata CARITAS muri iyo Paruwase yaboneyeho no kubaremesha ko bokwama bizeye Imana, kuko ari yo ishobora vyose, kandi ko ari na yo yahaye umutima abo bakenyezi w'ukubiyumvirako. Yagize ati; «Mwame muyizeye [Imana] kandi muyikunde kuko na Yo nyene irabakunda.» Uwo mupfasoni yaranabasavye kandi kwama basabira abo bakenyezi, kugira ngo Imana ibasubirize mu nkoko aho bakuye.
Umupfasoni Primitive NTAKIYIRUTA ntiyadeshe no kwemeza
uruhara rw'amahoro muri ico gikorwa c'urukundo cari gihejeje kurangurwa.
Yabivuze muri aya majambo, ati: «ibi vyashobotse kubera hari ko amahoro.» Ni
kwo guheza agasaba bose ugufashanya n'igisata c'ubutumwa bw'Ubutungane n'Amahoro
mu kuyatsimbataza. Eka n'uwusanzwe atwara igisata c'ubutumwa bw'Ubutungane n'amahoro
muri iyo Paruwase, CPJP-Ngagara, yarafashe ijambo, na we nyene akaba yarakengurukiye
abo bakenyezi bo muri COSOPAX-Burundi.
N'ubwo abo ba Ntahonikora bari bagizwe ahanini n'abageze mu za bukuru, twobamenyesha ariko ko imyaka yabo itababujije gutamba. Akamwemwe karabanse mu nda, maze baraheza barahaguruka, baratamba, bashemeza Umukama kubera umunezero mwinshi bari bafise. Twobamenyesha kandi ko igikorwa nk'ico cari kimaze gutunganywa no mu yandi maparuwase atari make agize Diyoseze Nkur ya Bujumbura.
RĂ©novat NIYONSENGA-CDJP Bujumbura
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â