Bikira Mariya w'i Karumeli yama ahimbazwa kw'igenekerezo rya 16 Mukakaro uko umwaka utashe, kuko vy'umwihariko ari kuri iyo tariki umuryango w'abihebeye Imana b'i Karumeli wiragije Bikira Mariya, umuvyeyi w'abitagatifurisha ugusenga.
Umusozi wa Karumeli uri mu gihugu ca Palesitina, hafi ya
Nazareti. Aho umuhanuzi Eliya yemereza icese Imana imwe rudende kandi ko
atazoyihemukira, yari kuri uwo musozi wa Karumeli. Abihevyi benshi baragomwe
uwo murambi, barawugererako, biberaho, bazirikana ubukuru n'ubuntu bw'Ubutatu
Bweranda.
Umwepisikopi mukuru w'i Yeruzalemu yitwa Alberto niwe yabaringanirije
amategeko boshobora gukurikiza, basangiye n'umubano. Anjelo mweranda ni we
yashiriye Papa Honoriyo wa gatatu ayo mategeko ngo ayihweze, arabe ko akwiye
gukurikizwa nk'uko bisanzwe bigirwa. Abo bihevyi bashaka kuduga umurambi
ubegereza Imana Data, ni ukuvuga Yezu-Kristu.
Nk'uko Umukarumeliti yitwa Yohani w'Umusalaba Mweranda
yahavuye avyandika, mu gitabu yataziriye «Ukuduga Karumeli», birakenewe guheba ivyo
vyose bitubuza kwunguka mu bumwe dufitaniye n'Imana kugira ngo tuduge, twegere
Imana Rudasumbwa.
Abihevyi bo kuri uwo musozi wa Karumeli bituye Bikira Mariya
ngo abafashe gushikira Imana itaboneka, irengeye vyose. Bikira Mariya ni we
karorero k'Abahanga-Mana, kuko yarushije abantu bose gusangira ubuzima na Yezu,
bagasangira ivyamushikiye vyose, ivyoroshe n'ibigoye itegera, kuva aho abungere
baza kumutera impundu akivuka, gushika apfe ku Musalaba: «Mariya, ivyo vyose
yabigumiza mu mutima, akama abizirikana» (Lka2,19).
Na twebwe nyene dutegerezwa kuzirikana ivyakozwe na Bikira
Mariya, tukamiza ku muzirikanyi akarorero keza yaduhaye, akarorero k'ukwemera,
ko kwizigira n'ugukunda, kugira ngo na twebwe tuduge umurambi utwegereza Imana.
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â