Diyoseze
Nkuru ya Bujumbura, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro, ni ho
yahimbaza ibirori vy'ukwatira mw'ibanga ry'ubusaserdoti abadiyakoni
baviteguriye, hongera haratangwa n'ibindi bice bigana ubusaserdoti. Inkuka ya
Misa yabereyemwo ivyo birori yaherejwe muri Paruwase Bukwavu, mu ntara y'ubutumwa
ya Muramvya, neza na neza muri Komine Rusaka, mu ntara ya Mwaro. Ivyo birori
vyari birongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, Umwepiskopi
Mukuru w'iyo Diyoseze, ari kumwe n'umwepiskopi w'inararibonye, Musenyeri
Evariste Ngoyagoye, kumwe n'icegera c'Umwepiskopi Mukuru, Musenyeri Anatole
Ruberinyange, abakuru b'intara z'ubutumwa zigize iyo Diyoseze uko ari zitatu,
be n'abasaserdoti batandukanye barangurira ubutumwa muri Diyoseze.
Ivyo
birori vyari vyitabwe kandi n'abakristu isinzi baje bava mu mihingo itandukanye
no mu ma Paruwase agize iyo Diyoseze. Twovuga nk'abihebeye Imana (abafurere n'ababikira),
abakristu b'abalaayike, harimwo n'abanyavyubahiro batandukanye basanzwe bafise
amabanga ahambaye mu buzima bw'igihugu. Ijambo ry'ikaze ryashikirijwe na Patiri
mukuru wa Paruwase Bukwavu. Amaze kwakira abashitsi no kubashikisha mu vyicaro,
yaciye abanza kumenyesha ubwaguke bwa Paruwase aho bugera, yongera aravuga no
kuri kahise kayo kuva ivutse mu mwaka w'1987, haba mu vy'ubutumwa, eka mbere no
mu vy'ukuramurira Ekleziya mw'iyatirwa ry'abasaserdoti, kuva mu mwaka w'1993. Yaciye
akenguruka kw'iteka ryatewe iyo Paruwase, ubona ko ngo bwari bubaye ubugira
kabiri, kuko ubuherutse ngo hari mu mwaka w'2013.
Muri
iyo Nkuka ya Misa reo, ari na yo amabanga atandukanye y'ukwatira mu busaserdoti
(kuri bamwe) no mu bindi bice bigana ubusaserdoti (nkubudiyakoni, ubukorezi n'ubusomyi)
ku bandi, abatiwe bose bakiriwe bongera bahezagirwa n'Umwepiskopi Mukuru wa
Diyoseze Bujumbura ubwiwe. Nyenicubahiro Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa,
imbere y'ukwatira abo badiyakoni n'abarondera ibindi bice bigana ubusaserdoti,
yabanje gusigura ibisomwa vyamurikiye urwo rubanza, harimwo n'Inkuru Nziza ya
Yezu kristu nk'uko yanditswe na Luka (Luk.4,16-21). Ni ibisomwa bishikiriza
ubutumwa bw'Umusaserdoti Mukuru, Kristu, ariko kandi buza nk'imburi z'ubutumwa
bw'abayoboke ba Yezu n'abasubirizi b'abatumwa, nk'uko bisigurwa n'uwo Mwepiskopi.
Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, mu nsiguro yashikirije abari bitavye ivyo
birori, yabanje gukeza umuryango wose wa Diyoseze ku ngabanwa y'abasaserdoti
bagira baronke, na cane cane imiryango y'amaraso bakomokamwo, maze abasaba
kubigina: «Bakristu, Bakunzi b'Imana, turahimbawe n'ivyiza Imana yashimye
kutugirira uyu musi, ngaha muri Paruwase ya Bukwavu; Nimunezerwe, muhimbarwe, Paruwase
ya Bukwavu, kumwe n'ayandi ma paruwase aduhaye, uyu musi, ibi vyiza turiko
turigina!»
Yabandanije
avuga ko mu gutora abo bahungu mu miryango yabo ari bo yashimye gutora, nka
kurya umwanditsi w'Imana avuga aroresha ku ntara ya Yuda, ati: «Nturi muto mu
zindi ntara, kuko Umukiza azokwamuka iwawe». Yabagereranije rero n'abo bo mu
ntara ya Yuda mu kubamenyesha ko Imana yabagomwe, igashima ko urukiza rw'Imana rwoca
mu bahungu bavuka mu miryango yabo. Yaciye abasaba rero kwama bakengurukira
Imana kuri iryo teka ibateye.
Uwo
Mwepiskopi ariko yaranagize ico avuga ku karanga kadasanzwe k'ibanga
ryubusaserdoti, ko ari ibanga rihambaye cane, ari na co gituma uwaritorewe
abanza gusigwa, ngo anywane bunywane n'uwamutoye, ari we Kristu, kuko ngo ari
we aheza akamukomeza mu butumwa amuhaye. Ku bw'uwo Mwepiskopi, ngo uwo ahawe
iryo banga ntatorwa ku gutorwa gusa, ahubwo ngo aca ahabwa n'ubutumwa, ari bwo ugutagatifuza
igihugu c'Imana ngo kibe ceranda; ngo ntatorwa ngo yitagatifuze gusa, ahubwo
ngo abwirizwa no gutagatifuza abandi, ngo babeho mu rukundo muri iyi si,
bazoheze batorane ubuhirwe bw'ijuru. Ivyo rero kugira ngo bishoboke, ngo
abwirizwa kwubaka Ubwami bw'Imana, ariko abanje gusenyura ibikorwa vya sekibi.
Umwanya
w'ugutanga isakramentu ry'ubusaserdoti ugeze, abari baje kwatirwa bose
bahamagarwa n'icegera c'Umwepiskopi mukuru, ari na we ahagarariye ibikorwavy'intara
z'ubutumwa za Diyoseze, uko ari zitatu, havuyemwo uwo mu muryango w'abamisiyonari
ba Afrika yabanje gusigurwa n'uwaserukiye uwo muryango. Baba abaronkejwe
isakramentu ry'ubusaserdoti, baba abaronkejwe ibice vyaryo, bose bahamagarwa na
Musenyeri Anatole Ruberinyange, umwe umwe mw'izina ryiwe, na bo bakishura bati:
«Ndarengutse!», agaca yegera Umwepiskopi Mukuru ngo amwatire.
Uwo
ahagarariye intara zose z'ubutumwa za Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yaca
amenyesha Umwepiskopi Mukuru ko abo ahamagaye basaba kwatirwa, ngo baronswe
ubutumwa bw'uguhereza Inkuka ya Misa. Uyu na we yaca abaza ko boba
baravyiteguriye neza, maze uwo mukuru w'intara z'ubutumwa akavyemeza. Umwepiskpi
yaciye yemeza ko abatoreye rero ibanga ry'ubusaserdoti. Mu nyuma, umwe umwe
wese mu batirwa yaca yegera, agapfukama imbere yiwe, agashira ibiganza vyiwe mu
vy'umwepiskopi. Yaca amuraganira ubugamburutsi, we n'abazomusubirira, be n'isangiramutima
na bagenzi biwe bagiye gusangira ubutumwa. Yaca amwipfuriza rero ko Imana
yatanguye iciza muri we yocuhirira. Haciye hakurikira umugirwa w'ukububikako
ibiganza ngo bakomezwe muri iryo banga, n'ukubasengera.
Mu kimenyetso c'ukubashungururirako ubukomezi bwa Mutima-Mweranda, Umwepiskopi n'abandi bose bamaze kwatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti naja barubika ibiganza kuri buri musaserdoti, bakaguma bamanitse ukuboko kwabo, bashikiriza n'igisabisho co mu gacerere, gushika abasaserdoti bose baheture umugirwa. Ico kimenyetso ngo cerekana ko ubwo bubasha bugenda burahanahanwa, uko urunganwe rw'abaherezankuka rwagiye rurakurikirana, kuva kuri Kristu, kubandanya ku batumwa biwe n'abasubirizi babo, gushika no ku wuba ariko yatirwa ubu. Iyatirwa ryasozererwa ku gisabisho nyamukuru c'Umwepiskopi.
Inyuma
y'iyo migirwa yose, abatiwe baciye bashikirizwa ibimenyetso bizoberekana hose
ko ari abaherezankuka. Isitole baciye bayibatumberereza neza hejuru y'ikanzu,
barenzako umutamana (chasuble mu gifaransa), maze baca baregera Umwepiskopi ngo
abasige amavuta ya Krisma mu biganza, babe abasizwe amavuta y'ubutore bwa
Mutima-Mweranda abakomeza, ngo baze batagatifuze Ekleziya. Ikimenyetso ca nyuma
baronkejwe cabaye ukubashikiriza Ipatene n'ikalisi bazokenera mu guhereza
Inkuka y'Ukaristiya, vyarimwo Umukate n'umuvinyu, maz basaba kwigana Uwo
bakiriye.
Abatiwe rero, mu mwambaro mushasha w'ubusaserdoti, baciye bakezwa n'Umwepiskopi na bene
wabo basangiye ibanga, be n'imiryango yabo, maze baraheza baduga kuri Altari
gusangira igice gikurikira c'ihereza, ari co c'ikonsekratiyo, kanatsinda bari
bamaze kuba abasaserdoti mu bandi. Vyagiye guhera mbere batanze n'umuhezagiro
ku bakristu ubwa mbere mu buzima bwabo, ka busaserdoti, mu mpera ya Misa,
hanyuma Misa yasohotse, ku mukristu uwo ari we wese yaba avyisabiye ku giti
ciwe.
Itangazamakuru
rya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, CEDICOM, ryashatse kumenya uko uwatiwe mw'ibanga
ry'ubusaserdoti aba yiyumva, maze ryegera umwe muri bo. Patiri Prosper NSIMIRIMANA
ni Umusaserdoti mushasha yari ahejeje kwatirwa, akaba avuka muri Paruwase Mayuyu; yatanguye atwiganira ivy'ihamagarwa ryiwe ukuntu
ryamujemwo. Ubwa mbere hoho, ngo ntiyahora asengera muri Ekleziya Katolika. Aho
asabiye ibatisimu, akabatizwa, akaronka n'ayandi masakramentu y'intango, ngo
yaciye yinjira mu muhari w'abasaveriyano, ari na ho ngo yahavuye aronkako
Umweranda Fransisko Xaveri nk'icitegererezo ciwe, bikamutuma abadanya n'umuhamagaro
wiwe. Ku bwiwe rero, ngo ni akanyamuneza kubona ivyari umuhamagaro bihavuye
biranguka.
Twaregereye
kandi n'umwe mu bari mu ruhande rw'abavyeyi b'abo batiwe mu busaserdoti. N'ubwo
uwo yari yaherekeje ngo atari umwana wiwe bwite, ariko ngo asa na we, kuko
Patiri Renauld Sixte NTUNGICIMPAYE, muri Paruwase Kinindo, kuva aho
aburiye umuvyeyi wiwe w'amaraso yaciye arerwa na GĂ©rard NDENZAKO, yatuyagiye ka
buvyeyi. Ku bwiwe rero ngo ni akanyamuneza kubona ukwicisha bugufi n'ugukurira
mu bukristu kw'umwana wabo kwagumye gutera imbere, gushika kumushikane kuri
ukwo kwatirwa mu busaserdoti. Na none ngo yatanguye gukorera Umukama kuva akiri
muto, aho yarangura ubutumwa kuri Altali nk'umukorezi, ubu na ho ngo akaba
ahubwo aduze ku ntambwe isumbirije, akaba umuherezankuka.
Ibanga
ry'ubusaserdoti rero ni igice nyamukuru mu bice vy'ubusaserdoti umuntu
yatirwamwo mu minwe y'Umwepiskopi mu guhabwa isakramentu ry'ubusaserdoti, aho
uwatirwa aronka ikimenyetso c'intahava kanti kitazimangana, nka kurya kw'isakramentu
ry'ibatisimu, kuko hose bijana n'ugusigwa amavuta y'ubutore. Uwatiwe rero mu
busaserdoti aca yinjira kuva ubwo nyene mu muryango w'abaherezankuka no mw'isangiramutima,
n'ubugamburutsi aheza akagirira Umwepiskopi akukira.
Tubamenyeshe
ko aho i Bukwavu, abadiyakoni 7 ari bo batiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti, na bo
abakorezi 10 bagahabwa igice c'ubudiyakoni. Tubamenyeshe kandi ko hanatanzwe n'ibice
vy'ubusomyi n'ubuherezi bigana ubusaserdoti. Ama Paruwase yatewe iteka na yo
akaba ari Paruwase za Bukwavu, Karinzi, Rugazi, Mayuyu na Kinindo.
Michel
NIBITANGA, CEDICOM, muri Paruwase Bukwavu
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â