Agahimbare muri Paruwase Bukwavu k'uguhimbaza ibirori vy'iyatirwa mu mabanga y'ubusaserdoti n'ubudiyakoni
Itariki: 21/7/2019Ababisomye 1587 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Uwatiwe mu busaserdoti abwirizwa kwubaka Ubwami bw'Imana, ariko abanje gusenyura ibikorwa vya sekibi (Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa)

Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro, ni ho yahimbaza ibirori vy'ukwatira mw'ibanga ry'ubusaserdoti abadiyakoni baviteguriye, hongera haratangwa n'ibindi bice bigana ubusaserdoti. Inkuka ya Misa yabereyemwo ivyo birori yaherejwe muri Paruwase Bukwavu, mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya, neza na neza muri Komine Rusaka, mu ntara ya Mwaro. Ivyo birori vyari birongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru w'iyo Diyoseze, ari kumwe n'umwepiskopi w'inararibonye, Musenyeri Evariste Ngoyagoye, kumwe n'icegera c'Umwepiskopi Mukuru, Musenyeri Anatole Ruberinyange, abakuru b'intara z'ubutumwa zigize iyo Diyoseze uko ari zitatu, be n'abasaserdoti batandukanye barangurira ubutumwa muri Diyoseze.


Ivyo birori vyari vyitabwe kandi n'abakristu isinzi baje bava mu mihingo itandukanye no mu ma Paruwase agize iyo Diyoseze. Twovuga nk'abihebeye Imana (abafurere n'ababikira), abakristu b'abalaayike, harimwo n'abanyavyubahiro batandukanye basanzwe bafise amabanga ahambaye mu buzima bw'igihugu. Ijambo ry'ikaze ryashikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase Bukwavu. Amaze kwakira abashitsi no kubashikisha mu vyicaro, yaciye abanza kumenyesha ubwaguke bwa Paruwase aho bugera, yongera aravuga no kuri kahise kayo kuva ivutse mu mwaka w'1987, haba mu vy'ubutumwa, eka mbere no mu vy'ukuramurira Ekleziya mw'iyatirwa ry'abasaserdoti, kuva mu mwaka w'1993. Yaciye akenguruka kw'iteka ryatewe iyo Paruwase, ubona ko ngo bwari bubaye ubugira kabiri, kuko ubuherutse ngo hari mu mwaka w'2013.


Muri iyo Nkuka ya Misa reo, ari na yo amabanga atandukanye y'ukwatira mu busaserdoti (kuri bamwe) no mu bindi bice bigana ubusaserdoti (nkubudiyakoni, ubukorezi n'ubusomyi) ku bandi, abatiwe bose bakiriwe bongera bahezagirwa n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Bujumbura ubwiwe. Nyenicubahiro Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, imbere y'ukwatira abo badiyakoni n'abarondera ibindi bice bigana ubusaserdoti, yabanje gusigura ibisomwa vyamurikiye urwo rubanza, harimwo n'Inkuru Nziza ya Yezu kristu nk'uko yanditswe na Luka (Luk.4,16-21). Ni ibisomwa bishikiriza ubutumwa bw'Umusaserdoti Mukuru, Kristu, ariko kandi buza nk'imburi z'ubutumwa bw'abayoboke ba Yezu n'abasubirizi b'abatumwa, nk'uko bisigurwa n'uwo Mwepiskopi.


Nyenicubahiro Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, mu nsiguro yashikirije abari bitavye ivyo birori, yabanje gukeza umuryango wose wa Diyoseze ku ngabanwa y'abasaserdoti bagira baronke, na cane cane imiryango y'amaraso bakomokamwo, maze abasaba kubigina: «Bakristu, Bakunzi b'Imana, turahimbawe n'ivyiza Imana yashimye kutugirira uyu musi, ngaha muri Paruwase ya Bukwavu; Nimunezerwe, muhimbarwe, Paruwase ya Bukwavu, kumwe n'ayandi ma paruwase aduhaye, uyu musi, ibi vyiza turiko turigina!»


Yabandanije avuga ko mu gutora abo bahungu mu miryango yabo ari bo yashimye gutora, nka kurya umwanditsi w'Imana avuga aroresha ku ntara ya Yuda, ati: «Nturi muto mu zindi ntara, kuko Umukiza azokwamuka iwawe». Yabagereranije rero n'abo bo mu ntara ya Yuda mu kubamenyesha ko Imana yabagomwe, igashima ko urukiza rw'Imana rwoca mu bahungu bavuka mu miryango yabo. Yaciye abasaba rero kwama bakengurukira Imana kuri iryo teka ibateye.


Uwo Mwepiskopi ariko yaranagize ico avuga ku karanga kadasanzwe k'ibanga ryubusaserdoti, ko ari ibanga rihambaye cane, ari na co gituma uwaritorewe abanza gusigwa, ngo anywane bunywane n'uwamutoye, ari we Kristu, kuko ngo ari we aheza akamukomeza mu butumwa amuhaye. Ku bw'uwo Mwepiskopi, ngo uwo ahawe iryo banga ntatorwa ku gutorwa gusa, ahubwo ngo aca ahabwa n'ubutumwa, ari bwo ugutagatifuza igihugu c'Imana ngo kibe ceranda; ngo ntatorwa ngo yitagatifuze gusa, ahubwo ngo abwirizwa no gutagatifuza abandi, ngo babeho mu rukundo muri iyi si, bazoheze batorane ubuhirwe bw'ijuru. Ivyo rero kugira ngo bishoboke, ngo abwirizwa kwubaka Ubwami bw'Imana, ariko abanje gusenyura ibikorwa vya sekibi.


Umwanya w'ugutanga isakramentu ry'ubusaserdoti ugeze, abari baje kwatirwa bose bahamagarwa n'icegera c'Umwepiskopi mukuru, ari na we ahagarariye ibikorwavy'intara z'ubutumwa za Diyoseze, uko ari zitatu, havuyemwo uwo mu muryango w'abamisiyonari ba Afrika yabanje gusigurwa n'uwaserukiye uwo muryango. Baba abaronkejwe isakramentu ry'ubusaserdoti, baba abaronkejwe ibice vyaryo, bose bahamagarwa na Musenyeri Anatole Ruberinyange, umwe umwe mw'izina ryiwe, na bo bakishura bati: «Ndarengutse!», agaca yegera Umwepiskopi Mukuru ngo amwatire.


Uwo ahagarariye intara zose z'ubutumwa za Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yaca amenyesha Umwepiskopi Mukuru ko abo ahamagaye basaba kwatirwa, ngo baronswe ubutumwa bw'uguhereza Inkuka ya Misa. Uyu na we yaca abaza ko boba baravyiteguriye neza, maze uwo mukuru w'intara z'ubutumwa akavyemeza. Umwepiskpi yaciye yemeza ko abatoreye rero ibanga ry'ubusaserdoti. Mu nyuma, umwe umwe wese mu batirwa yaca yegera, agapfukama imbere yiwe, agashira ibiganza vyiwe mu vy'umwepiskopi. Yaca amuraganira ubugamburutsi, we n'abazomusubirira, be n'isangiramutima na bagenzi biwe bagiye gusangira ubutumwa. Yaca amwipfuriza rero ko Imana yatanguye iciza muri we yocuhirira. Haciye hakurikira umugirwa w'ukububikako ibiganza ngo bakomezwe muri iryo banga, n'ukubasengera.


Mu kimenyetso c'ukubashungururirako ubukomezi bwa Mutima-Mweranda, Umwepiskopi n'abandi bose bamaze kwatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti naja barubika ibiganza kuri buri musaserdoti, bakaguma bamanitse ukuboko kwabo, bashikiriza n'igisabisho co mu gacerere, gushika abasaserdoti bose baheture umugirwa. Ico kimenyetso ngo cerekana ko ubwo bubasha bugenda burahanahanwa, uko urunganwe rw'abaherezankuka rwagiye rurakurikirana, kuva kuri Kristu, kubandanya ku batumwa biwe n'abasubirizi babo, gushika no ku wuba ariko yatirwa ubu. Iyatirwa ryasozererwa ku gisabisho nyamukuru c'Umwepiskopi.

Inyuma y'iyo migirwa yose, abatiwe baciye bashikirizwa ibimenyetso bizoberekana hose ko ari abaherezankuka. Isitole baciye bayibatumberereza neza hejuru y'ikanzu, barenzako umutamana (chasuble mu gifaransa), maze baca baregera Umwepiskopi ngo abasige amavuta ya Krisma mu biganza, babe abasizwe amavuta y'ubutore bwa Mutima-Mweranda abakomeza, ngo baze batagatifuze Ekleziya. Ikimenyetso ca nyuma baronkejwe cabaye ukubashikiriza Ipatene n'ikalisi bazokenera mu guhereza Inkuka y'Ukaristiya, vyarimwo Umukate n'umuvinyu, maz basaba kwigana Uwo bakiriye.


Abatiwe rero, mu mwambaro mushasha w'ubusaserdoti, baciye bakezwa n'Umwepiskopi na bene wabo basangiye ibanga, be n'imiryango yabo, maze baraheza baduga kuri Altari gusangira igice gikurikira c'ihereza, ari co c'ikonsekratiyo, kanatsinda bari bamaze kuba abasaserdoti mu bandi. Vyagiye guhera mbere batanze n'umuhezagiro ku bakristu ubwa mbere mu buzima bwabo, ka busaserdoti, mu mpera ya Misa, hanyuma Misa yasohotse, ku mukristu uwo ari we wese yaba avyisabiye ku giti ciwe.


Itangazamakuru rya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, CEDICOM, ryashatse kumenya uko uwatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti aba yiyumva, maze ryegera umwe muri bo. Patiri Prosper NSIMIRIMANA ni Umusaserdoti mushasha yari ahejeje kwatirwa, akaba avuka muri Paruwase Mayuyu; yatanguye atwiganira ivy'ihamagarwa ryiwe ukuntu ryamujemwo. Ubwa mbere hoho, ngo ntiyahora asengera muri Ekleziya Katolika. Aho asabiye ibatisimu, akabatizwa, akaronka n'ayandi masakramentu y'intango, ngo yaciye yinjira mu muhari w'abasaveriyano, ari na ho ngo yahavuye aronkako Umweranda Fransisko Xaveri nk'icitegererezo ciwe, bikamutuma abadanya n'umuhamagaro wiwe. Ku bwiwe rero, ngo ni akanyamuneza kubona ivyari umuhamagaro bihavuye biranguka.


Twaregereye kandi n'umwe mu bari mu ruhande rw'abavyeyi b'abo batiwe mu busaserdoti. N'ubwo uwo yari yaherekeje ngo atari umwana wiwe bwite, ariko ngo asa na we, kuko Patiri Renauld Sixte NTUNGICIMPAYE, muri Paruwase Kinindo, kuva aho aburiye umuvyeyi wiwe w'amaraso yaciye arerwa na GĂ©rard NDENZAKO, yatuyagiye ka buvyeyi. Ku bwiwe rero ngo ni akanyamuneza kubona ukwicisha bugufi n'ugukurira mu bukristu kw'umwana wabo kwagumye gutera imbere, gushika kumushikane kuri ukwo kwatirwa mu busaserdoti. Na none ngo yatanguye gukorera Umukama kuva akiri muto, aho yarangura ubutumwa kuri Altali nk'umukorezi, ubu na ho ngo akaba ahubwo aduze ku ntambwe isumbirije, akaba umuherezankuka.


Ibanga ry'ubusaserdoti rero ni igice nyamukuru mu bice vy'ubusaserdoti umuntu yatirwamwo mu minwe y'Umwepiskopi mu guhabwa isakramentu ry'ubusaserdoti, aho uwatirwa aronka ikimenyetso c'intahava kanti kitazimangana, nka kurya kw'isakramentu ry'ibatisimu, kuko hose bijana n'ugusigwa amavuta y'ubutore. Uwatiwe rero mu busaserdoti aca yinjira kuva ubwo nyene mu muryango w'abaherezankuka no mw'isangiramutima, n'ubugamburutsi aheza akagirira Umwepiskopi akukira.

 

Tubamenyeshe ko aho i Bukwavu, abadiyakoni 7 ari bo batiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti, na bo abakorezi 10 bagahabwa igice c'ubudiyakoni. Tubamenyeshe kandi ko hanatanzwe n'ibice vy'ubusomyi n'ubuherezi bigana ubusaserdoti. Ama Paruwase yatewe iteka na yo akaba ari Paruwase za Bukwavu, Karinzi, Rugazi, Mayuyu na Kinindo.


Michel NIBITANGA, CEDICOM, muri Paruwase Bukwavu

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 171
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI