Iyugururwa ry'umwaka wa yubire y'imyaka 25 muri Paruwase yo mu Kamenge
Itariki: 22/7/2019Ababisomye 18830 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Icivugo c'umwaka wa yubile kigira kiti: «Twishimikije ibatisimu twaronse, tumenyeshe hose inkuru nziza, dutsimbataze ukurekuriranira, dusubize hamwe n'abantu bose»

Ugufasha impfuvyi n'abapfakazi; ukuvuza abarwaye batishoboye; ukwubaka amasengero; ukwubaka imitima n'uguhimiriza abantu ngo bijukire amasakramentu, ivyo ni bimwe mu vyaranguwe na Paruwase yitiriwe umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge. Ni ko vyashikirijwe na Patiri Mukuru wa Paruwase Kamenge, Patiri Mario POLLUCINI, mu birori vy'ukwugurura icese Umwaka wa yubile y'imyaka 25 iheze iyo paruwase ibayeho. Ibirori vyabereye mu Nkuka ya misa igira kane yo kui uyi wa Mungu igenekerezo rya 21 Mukakaro, bikaba vyari vyatewe iteka n'Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, ari na we yarongoye iyo Inkuka ya Misa.

Mw'ijambo ryiwe, Patiri Mukuru wa Paruwase Guido Maria Conforti akaba yibukije uko Paruwa yavutse. Yavuze ko iyo Paruwase yavutse mu gihe kidasanzwe, kuko ngo ico igihe igihugu c'Uburundi cari mu ndyane zifatiye ku macakubiri y'ubwoko. Ni mu gihe ngo abanyagihugu bo mu Kamenge bari basanzaye, bameze nk'intama zitagira umwungere.

Yabandanije amenyesha ko indoto n'umugambi w'ugutanguza Paruwase Kamenge wari ufatanye n'ikigo c'urwaruka co mu Kamenge (Centres Jeunes Kamenge) cari catanguye indinganizo yaco mu mwaka w'1990. Yagize ati: «Vyari bibereye kwagura akarere k'ubutumwa bw'abamisiyonari muri ako gace kari mu bihe bigoye vy'intambara, igihe iciyumviro ca Paruwase cavuka, hari mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w'1994».

Muri iryo jambo ryiwe ry'ukwugurura uwo mwaka wa yubire, Patiri Mario POLLUCINI akaba yamenyesheje kandi ko muri iyi myaka 25, abasaserdoti b'abamisiyonari b'abasaveriyano, bari kumwe n'abakristu, bitanze mu kwubaka Paruwase biciye mu bikorwa bitandukanye. 

Muri uyu mwaka wa Yubile rero, ngo hakaba hagiye gushirwa imbere ibikorwa nk'ugutunganya inyigisho zitandukanye, cane cane izijanye n'umuvunyi wa Paruwase, iz'ukwitunganiriza Paruwase, izijanye n'ubutumwa bw'abamisiyonari, hamwe n'izo gusubiza hamwe n'ukurekuriranira. Ngo hazogwizwa kandi ibikorwa vy'iterambere muri Paruwase, abakristu bose badasigaye inyuma, kandi ngo bongere bahimirize abakristu kwijukira amasakramentu, cane cane ayo gusubiza hamwe n'Imana.

Urwaruka na rwo ngo ruzohimirizwa kwijukira imihari n'imigwi y'ubutumwa, hamwe n'ukwihebera Imana. Eka mbere n'abakristu bose ngo bazohimirizwa kugira  bitange mu gukora ibikorwa vy'urukundo n'ikigongwe mu kwitwararika ba ntahonikora. Patiri mukuru akaba yarangije akengurukira abakristu ku mwete bafise mu bikorwa vyiza vyubaka Paruwase yabo, nk'uko ngo bavyerekanye muri iyi myaka 25 iheze. «Twebwe abasaserdoti mwaratweretse ko tudatamba twirorera», ni ko yavuze.

Kw'igenekerezo rya 25 Ntwarante 1995, hari ku wa kane mweranda no ku musi mukuru w'iburwa ry'Umukama, ni ho Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, yari arongoye Diyoseze ya Bujumbura, yatanguza icese Paruwase Kamenge, aca ayiragiza abasaserdoti bo mu muryango w'abamisiyonari b'abasaveriyano ngo babe ari bo bayitunganya.

Paruwase yatanguriye mu buhungiro, mu kigo co kwa Legentil, aho abantu bari bahungiye. Mu mwaka w'1999 ni ho abantu bahunguka, basubira mu Kamenge, baja gusanura izabo. Muri uwo mwaka nyene w'1999 ni na ho bubaka isengero ya Paruwase Kamenge. Iyo sengero yahezagiwe kw'igenekerezo rya 10 Ntwarante 2000, ihezagirwa na Cardinal TONINI yari avuye mu gihugu c'Ubutaliyano.

Paruwase Kamenge yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti, uwo na we akaba yagizwe umweranda na Nyenubweranda Papa Benedicto wa 16 kw'igenekerezo rya 23 Gitugutu 2011. Iyo Paruwase yama ihimbaza umuvunyi wayo igenekerezo rya 5 Munyonyo uko umwaka utashe, kuko ari ho yarenguka i Bukama.

Audace NKENGURUTSE, Paruwase Kamenge

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « NÇgishije abantu icese;

nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 248
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI