Urwaruka rushika 80
rwiga muri za Kaminuza ruhurikiye mu muhari w'Abasaveri rwarakoraniye mw'ikambi
ntoyi y'inyigisho n'ukwinagura, kuva kw'igenekerezo rya 19 gushika
kw'igenekerezo rya 21, mu nyubakwa z'ishure ry'akarorero riri mu Ngagara, mu
ntumbero y'ugukomeza inyigisho z'umuhari, inyigisho ndoramana, hamwe
n'inyigisho zerekeye ingene bokwitunganiriza ibikorwa vy'ukwiteza imbere.
Ni akamenyero kuri urwo rwaruka ko rimwe mu mwaka, mu gihe c'ici, bakoranira hamwe, bagasubira kwinagura mu nyigisho zerekeye umuhari wabo, na rirya basanzwe baronka akanya gato ko gutsimbataza ivyigwa vyerekeye umuhari, kuko bamara igihe kinini bari mu vyigwa vyabo, mu mashure ya Kaminuza basanzwe bigamwo.
Nk'uko Yohani Batista NDAYIRAGIJE arongoye umuhari w'Abasaveri
mu gisata c'abanyeshure biga muri za Kaminuza
yabivuze, ibikorwa bihuza Abasaveri
biga mu ma Kaminuza
babitanguye kuva mu mwaka w'i 2012,
ivyo bikorwa ngo bikaba bibafitiye
akamaro kanini, kuko ngo izo nyigisho zituma iyo bamaze kuva muri za Kaminuza,
bakaja mu mirimo itandukanye, bagumiza agatima ku muhari, gutyo bakabera
akarorero keza n'imboneza abandi bakristu.
Iyo kambi y'umwinaguro kandi yari yitabwe n'Abasaveri bahoze mu ma Kaminuza ariko ubu bamaze kuramurwa, mu ntumbero y'ugushigikira barumuna babo. Abandi baziteye iteka ni urwaruka rwo mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.
Mu nyigisho baharonkeye zari zigizwe n'inyigisho zerekeye ubuhinga butandukanye bujanye n'ugutuma tumanako amakuru, ibimeneyetso ndanganzira, ivyigwa vyerekeye ukwitunganiriza imigambi n'inyigisho zerekeye amasabamana. Dieudonné NDIKURIYO, umusaveri yahoze yiga muri Kaminuza akaba ari no mu bari batunganije iyo kambi, yamenyesheje ko ibikorwa nk'ivyo bifise akamaro kanini ababikurikirana.
Ku bwiwe, ako kanya bafata bariko barinagura karafasha benshi, na cane cane iyo bamaze gusohoka muri Kaminuza. Ngo kaba ari akaryo ko kunoganza inyigisho za nkenerwa bataba bararonse. Aha agirako anashinga intahe ko inyigisho nk'izo zamugiriye akamaro, haba mu bikorwa vy'umuhari, eka mbere no mu bindi bikorwa vyo mu buzima bwa misi yose. Na we nyene akaba yemeza ko inyigisho nk'izo zamugiriye akamaro mu buzima bwiwe, ivyo vyose ngo akaba abikesha inyigisho yaronkeye mu basaveri. Nk'uko yabandanije abivuga, nk'umwe mubatunganije akongera akitaba izo nyigisho, ngo yiteze ko abitavye izo nyigisho bazosohoka ari imboneza z'abandi.
Mu bari bitavye izo nyigisho harimwo Muganga Ezechiel NZUWONSABA, umusaveri amaze imyaka 19 muri uwo muhari, akaba asanzwe arongoye Ibitaro vy'i FOTA. Amenyesha ko kuba yaritavye izo nyigisho ari uko zimufitiye akamaro mu buzima, eka mbere no mu bikorwa vyiwe vya misi yose. Atanga akarorero k'ubuhinga bwerekeye ubutabazi bwa mbere («Secourisme» mu rurimi rw'igifaransa) yigiye mu muhari w'abasaveri, ariko atigeze yiga mw'ishure, ngo bikaba bimufasha cane cane mu bikorwa vy'akazi kiwe ka misi yose. Muganga Ezechiel NZUWONSABA ahamagarira bagenzi biwe gukurikirana neza izo nyigisho, kuko ngo ari ngirakamaro. Vyongeye kandi, ahamagariye abigeze kuba bari mu mihari, ariko ubu batacitaba ubutumwa bw'imihari, ko bogaruka mu ruhongore, gutyo bagaha akarorero keza batoyi babo.
Ivyo bikorwa vy'iyo kambi vyasozerewe ku Nkuka y'Imisa y'ugukengurukira Imana, aho mbere hari n'abasaveri icenda bateye intambwe y'ukugira indagano mu gisata c'intwararumuri. Tubamenyeshe ko uwo musi habaye n'ibirori vy'ugusozera, bikaba vyari vyatewe iteka n'umukuru w'umuhari ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Umushingantahe Antoine NDIKUMWAMI.
Gonzalve NTASHIMIKIRO, kw'ishure ry'akarorero ryo mu Ngagara, mu muhari w'Abasaveri
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â