Muri iki gisabwa co mu gisabisho ca «Dawe wa twese...!», tugomba tuzirikane ico dusaba mu gihe tuvuga tuti: «Ubwami bwawe nibukwire hose!», ko Ubwami bw'Imana bwaje mu rupfu n'Izuka vya Kristu, ko buri hagati muri twebwe mw'Ukaristiya no mu butumwa bwa Ekleziya mw'isi, ariko kandi ko bugira buze muri wa muzo wa nyuma w'Umukama mu buninahazwa.
Iyo dusenze tuvuga tuti: «Dawe wa twese...! Ubwami bwawe nibukwire hose!», ico tuba dusaba ni uko Ubwami bw'Imana buza. Ico gisabwa cari gisanzwe kiri mu Bwuzure bwa kera. Cavugwa ku bw'Umwami w'abami yari arindiriwe ngo ashire hamwe umuryango wose, Israyeli. Hanyuma Abakristu baraheza barakibandanya. Mu mvugo y'ikiyarameyeni, «Maranatha!» Gisigura ngo «Ingo, Mukama Yezu!»
UBWAMI BWAJE KANDI BUTARAZA
Yohani Batista yigishije amenyesha ko Ubwami bw'Imana buri hafi: «Nimwisubireko, kuko Ubwami bw'ijuru buri hafi» (Mat.3,2). Yezu amaze gushika, mu nyigisho yiwe ya mbere avuga ati: «Igihe cashitse, kandi Ubwami bw'Imana buri hafi; nimwigarure kandi mwemere Inkuru Nziza.» (Mariko 1,15). Abamubaza igihe Ubwami bw'Imana buzozira, yabishura ko buri muri bo: «Ubwami bw'Imana ntibuzanana ibimenyetso biboneka, ngo bavuge ngo: "Buri aha" canke ngo: "Buri hariya", kuko Ubwami bw'Imana buri muri mwebwe.» (Luk17,20-21).
Ubwami bw'Imana bwaraje mu rupfu n'Izuka vya Kristu. Ubwami bw'Imana buraza igihe c'Inkuka y'Ukaristiya, buri hagati muri twebwe. Ubwami bw'Imana buzoza mu buninahazwa, igihe Kristu azobushikiriza Se.
UBWAMI BWAWE NIBUZE, BISIGURA IKI KURI TWEBWE?
«Ubwami bwawe nibuze!», ni igisabwa c'aho Mutima-Mweranda n'Umugeni -Ekleziya- basaba bati: «Maranatha!», «Urakaza Mukama Yezu!» Ni wa muzo wa nyuma mu buninahazwa. Ico cipfuzo ntigisamaza ubutumwa bwa Ekleziya mw'isi, ahubwo gituma ibwinjiramwo vy'ukuri.
Ni guhera kuri Pentekoti, umuzo w'Ubwami bw'Imana uriko urakora muri Mutima w'Umukama «abandanya igikorwa mw'isi kandi agaheza itagatifuza ryose». «Ubwami bw'Imana ni ubutungane, amahoro n'akanyamuneza muri Mutima-Mweranda» (Rom14,17). Ico gisabwa gishikirizwa kandi kikumvirwa mu gisabisho ca Yezu ari muri Ukaristiya ku buryo bushitse.
Ibihe vya nyuma turimwo ni ivyo gusesekarizwa Mutima-Mweranda. Guhera aho rero, hatanguye urugamba rukomeye hagati ya kamere na Mutima. Umutima utyoroye wonyene ni wo ushobora kuvuga ushize amanga uti: «Ubwami bwawe nibuze!» Ni ngombwa kuba warabaye kw'ishure rya Paulo kugira ngo uvuge uti: «Igicumuro rero nikireke kwimikwa mu mubiri wanyu ukwiye gupfa» (Rom.6, 12).
Uwigumya, ntagire amahinyu mu bikorwa vyiwe, mu vyiyumviro no mu majambo vyiwe, arashobora kubwira Imana ati: «Ubwami bwawe nibuze!».
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â