Abakristu bangana 461, abakuru
n'abato, ni bo bagabanye isakramentu ry'ugukomezwa mur Mutima-Mweranda, kuri
uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro, muri Paruwase Matara, mu Nkuka ya
Misa yarongowe na Patiri Antoine SABUSHATSE ayoboye ibiro bijejwe ubutumwa bw'abasaserdoti
muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Imbere y'uko iryo sakramentu ritangwa, Patiri Antoine SABUSHATSE yabanje gusabikaniriza abakristu bari baje muri iyo Nkuka ya Misa insiguro y'ijambo ry'Imana basomewe. Ni ho yaca anamenyesha abo bari biteguriye gukomezwa ko ingabire ya mbere nkuru Yezu yahaye abiwe, imbere yo gusubira kwa Se, ko ari ingabire ya Mutima-Mweranda, igihe bari mw'isenakuro.
Uwo musaserdoti yamenyesheje ko mu
kuronsa ab'iwe uwo Mutima-Mweranda, ko Yezu aheza agatanga amahoro: «Uwuronse Mutima-Mweranda, akabeshwaho n'uwo Mutima-Mweranda nyene, ni we wenyene agira
amahoro ku mutima, agashobora no gufasha abandi kubaho no kubana mu mahoro», ni
ko yabishimangiye.
Patiri Antoine SABUSHATSE yagiriyeko
asaba abagira babatizwe ko boca biyumvamwo ugukwiza hose Inkuru Nziza, nka
kurya abatumwa ba Yezu baciye babigira igihe bari baronkejwe Mutima-Mweranda.
Yasozereye abifuriza ko ingabirano za Mutima-Mweranda zokwigaragaza mu buzima
bwabo, mbere bakanakorera kandi bagakomeza umuryango w'Ekleziya.
Abakomejwe baje bava ku mashure Tabariro yose agize Paruwasi Matara, ari yo Gasi, Murama, Mukonko, Nyabiraba, Nyabibondo, hamwe n'ishure rya Matara, bakaba bari bagizwe ahanini n'abana biga mu mwaka wa gatandatu w'amashure y'intango n'ayarenga, be n'abakuze babatijwe mw'ijoro rya Pasika, eka mbere n'abitegurira ubugeni, ariko batari bwakomezwe. Tubamenyesheko kuri uwo musi nyene
hari n'abakiristu bashika 27 barungitswe mu butumwa bw'ugusangiza Ukaristiya
nyeranda.
Petero Karaveri NDAYISENGA, Paruwase
Matara
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»