Ku w'Imana igenekerezo rya 28 Mukakaro, muri Paruwase Mayuyu yitiriwe umuvyeyi «Bikira Mariya Umukandizi w'Abakristu», haratanzwe isakramentu ry'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda ku bakristu bari bagize imisi bavyitegurira, mu Nkuka ya Misa yaherejwe n'intumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Pierre MANIRAGANJE.
MĂ» nsiguro Patiri Pierre MANIRAGANJE yatanze,
yishimikije Ijambo ry'Imana riri mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Luka
(Luk.11,13), ijambo rivuga riti: «So wanyu wo mw'ijuru yonganya na nde guha
Mutima-Mweranda abamumusaba?» Yasiguye ko uwo Mutima-Mweranda duhabwa n'Imana ari
we amurikira ubuzima bwacu gushika bube umuco.
Ikindi, ngo uwuzuye Mutima-Mweranda ni we agira igisabisho nyaco, kuko ngo aba ayobowe na Mutima wImana nyene. Uwo rero ngo araheza akagira ingendo nk'iya Ibrahimu asabira Sodoma na Gomora. Iyo ntumwa y'Umwepiskopi mukuru yanamenyesheje ko mw'isakramentu ry'ugukomezwa muri Mutima-Mweranda, umuryango w'Ekleziya ugabana abashingantahe n'abapfasoni bashingira intahe umukama.
Mu kurangiza insiguro yiwe, akaba yibukije abakomejwe muri Mutima-Mweranda ko bokwama bamwambaza kugira ngo yame abamurikira muri vyose na hose. Mwomenya ko abaraye bahawe isakramentu ry'ugukomezwa muri Mutima_mweranda bo muri iyo Paruwase ya mayuyu bangana 410, abana n'abakuze bose hamwe.
Jean-Claude NKESHIMANA, Paruwase Mayuyu
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â