Umwiherero ku bari mu mugwi ufasha abakristu gushika mu bibanza bicaramwo mw'isengero (ivyo bita «Protocole»
Itariki: 6/8/2019Ababisomye 7145 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Uwo mwiherero waranzwe n'uturirimbo be n'igisabisho c'ukuninahaza Imana, ariko na cane cane inyigisho ifatiye ku karanga kajanye n'ubutumwa bajejwe, basozerera ku Nkuka y'imisa

Ku musi w'Imana igenekerozo rya 4 Myandagaro, muri Paruwase yo mu Nyakabiga, abari mu mugwi ufasha abakristu gushika mu bibanza bicaramwo mw'isengero (ivyo bita «Protocole» mu gifaransa) baragize umwiherero wabereye ku ba Seguimi, muri Karitiye Rohero, kuva igihe c'isaha zibiri gushika kw'isaha indwi y'umuhingamo. Hatanguye uturirimbo n'igisabisho co kuninahaza Imana, inyigisho na yo itangura kw'isaha zibiri n'igice, ikaba yatanzwe na Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Désire NINAHAZIMA.


Mu nyigisho yatanze muri uwo mwiherero, Patiri Désire NINAHAZIMA, yishimikije ijambo ry'Imana riri mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye abakorenti (1Kor.1,18-25) yatanguye abwira abo bari baje muri uwo mwiherero ko umwiherero ari umwanya umuntu afata, kandi akawubamwo gusumba iyindi misi yose. Ngo ni umwanya w'ukwumviriza ijwi ry'Umukama, umuntu akagabanya amajambo, ahubwo akaba riho mu gacerere.

Muri iyo nyigisho kandi, uwo musaserdoti yaravuze ingene mu muryango w'Ekleziya Kristu yatanze ingabirano zitandukanye kugira ngo zigirire akamaro bose. «Ababatijwe baraja hamwe kugira ngo bakore igikorwa c'ukwubaka umubiri wa Kristu basangiye bose hamwe», ni ko yabisiguye, aho yanabamenyesha ko ukwo bakora ubutumwa ari na kwo bakura mu kwemera, bakaba umuntu abushitse, w'igihagararo. 


Iyo nyigisho yari igizwe n'uduce dutanu, ari two: Iteka rikomeye ry'inkuka y'Imisa; ibisabwa ngo inkuka ya misa ihimbazwe; ibice bikuru bikuru bigize inkuka ya misa, ingene twifata mu misa;  be n'Uruhara rw'abajejwe kwicarika abakristu mw'isengero (Protocole).

Avuga ku kuntu abo bajejwe ubutumwa boburangura, Patiri Désire NINAHAZIMA yibukije ko nk'uko Imana ikunda abantu bari kurutonde ari na kwo bomenya ko bakwiye kwifata neza mw'Isengero, maze bagaheza bakaza biteguye ku mutima no ku mubiri, kugira ngo na bo nyene bakire Yezu biteguye neza, ntibaherukire gusa gufasha abandi bakristu gusenga neza, ariko bobo bafise uruhande batameze neza.


Na kwo ukugene borangura ubwo butumwa, ngo birafise akaranga bijanye, nko kuba biyumvamwo ko ari umuhagaro. Ngo ni ho biheza bikabafasha gutera imbere mu bukristu. Ikindi, ngo bokwibuka ko bari mu nzu kwa Mana yubahwa , kandi ko aho barangurira ubwo butumwa ari mu kibanza ceranda. Ku bw'ivyo, ngo boheza bakaza bambaye neza, bakibuka rero ko  ahanini baje gusenga.

Ukwo gusonera ico kibanza ceranda ngo vyojana kandi n'ukwibuka iteka ry'abantu bajejwe, ko ari iteka ribereye abana b'Imana yaremye mw'ishusho yayo, na bo nyene bakabasonera, na cane cane bene abo bose bakunda kuboneka nk'abadafise iteka mu maso y'abantu, kuko imbere y'Imana barifise. Hejuru y'ivyo, uwo ajejwe kwerekana ivyicaro mw'isengero ngo yoba uri umuntu atuje, kandi agerageza kwihangana. Na ho muri ukwo kugendagenda mw'isengero berekana ivyicaro, ngo bokwirinda kugira umuvuduko.


Tubamenyeshe ko uwo mwiherero wasozerewe ku nkuka ya misa yatanguye ku gihe c'isaha zitanu n'igice, igahera kw'isaha indwi zumuhingamo.

Marie Chantal NZEYIMANA, Paruwase Nyakabiga

Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 181
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI